Publicidade

1 Crônicas 1

Kuva kuri Adamu gushika kuri Nowa

1 Abakomoka kuri Adamu ni Seti, Enoshi,

2 Kenani, Mahalaleli, Yaredi,

3 Enoki, Metusela, Lameki,

Nowa.

4 Abahungu ba Nowa ni: Shemu, Hamu na Yafeti.

Bene Yafeti

5 Bene Yafeti ni:

Gomeri, Magogi, Madayi, Yavani, Tubali, Mesheki na Tirasi.

6 Bene Gomeri ni:

Ashikenazi, Difati na Togaruma.

7 Bene Yavani ni:

Elisa, Tarushishi, Kitimu na Rodanimu.

Bene Hamu

8 Bene Hamu ni:

Kushi, Egiputa, Puti na Kanani.

9 Bene Kushi ni:

Seba, Havila, Sabuta, Rama na Sabuteka.

Abahungu ba Rama ni:

Sheba na Dedani.

10 Kushi yavyaye

Nimurodi, uwo ni we yatanguye kuba umuhizi mu ntambara kw’isi.

11 Abakomotse kuri Egiputa ni

Abaludi, Abanami, Abalehabi, Abanafutuhi, 12 Abapatirusi n’Abakasiluni (ari bo bakomotsweko n’Abafilisitiya) hamwe n’Abakafutori.

13 Kanani yavyaye

Sidoni, ari we mfura yiwe, hamwe na Heti. 14 Kandi yakomotsweko n’Abayebusi, Abamori, Abagirugashi, 15 Abahiwi, Abaruki, Abasini, 16 Abaruvadi, Abazemari n’Abahamati.

Aba Shemu

17 Bene Shemu ni:

Elamu, Ashuri, Arupakisade, Ludi na Aramu.

Abahungu ba Aramu ni:

Uzi, Huli, Geteri na Mesheki.

18 Arupakisade yavyaye Shela,

Shela na we avyara Eberi.

19 Eberi yavyaye abahungu babiri:

umwe yitwa Pelegi, kuko igihe yavuka abantu bari kw’isi bari bigabuyemwo ibice; uwundi bavukana yitwa Yokitani.

20 Yokitani yavyaye

Alumodadi, Shelefu, Hazarumaveti, Yera, 21 Hadoramu, Uzali, Dikula, 22 Ebali, Abimayeli, Sheba, 23 Ofiru, Havila na Yobabu. Abo bose bari abahungu ba Yokitani.

24 Shemu, Arupakisade, Shela,

25 Eberi, Pelegi, Rewu,

26 Serugi, Nahori, Tera,

27 na Aburamu (ari we Aburahamu).

Umuryango wa Aburahamu

28 Bene Aburahamu ni: Isaka na Ishimayeli.

Abakomoka kuri Hagari

29 Uru ni rwo ruvyaro rwabo:

Nebayoti imfura ya Ishimayeli, Kedari, Adibeyeli, Mibusamu, 30 Mishima, Duma, Masa, Hadadi, Tema, 31 Yeturi, Nafishi na Kedema.

Abo ni bo bari bene Ishimayeli.

Abakomoka kuri Ketura

32 Abo Aburahamu yavyaranye na Ketura incoreke yiwe, ni

Zimurani, Yokishani, Medani, Midiyani, Ishibaki na Shuwa.

Bene Yokishani ni

Sheba na Dedani.

33 Bene Midiyani ni

Efa, Eferi, Hanoki, Abida na Eludaya.

Urwo ni rwo ruvyaro Aburahamu yavyaranye na Ketura.

Abakomoka kuri Sara

34 Aburahamu yavyaye Isaka.

Bene Isaka ni:

Esawu na Isirayeli.

Bene Esawu

35 Bene Esawu, ni

Elifazi, Reyuweli, Yewushi, Yalamu na Kora.

36 Bene Elifazi, ni

Temani, Omari, Zefo, Gatamu na Kenazi;

Timuna na Amaleki.

37 Bene Reyuweli, ni

Nahati, Zera, Shama na Miza.

Abantu b’i Seyiri muri Edomu

38 Bene Seyiri, ni

Lotani, Shobali, Zibeyoni, Ana, Dishoni, Ezeri na Dishani.

39 Bene Lotani, ni

Hori na Homamu. Timuna yari mushiki wa Lotani.

40 Bene Shobali, ni

Alivani, Manahati, Ebali, Shefo na Onamu.

Bene Zibeyoni, ni

Ayiya na Ana.

41 Mwene Ana, ni

Dishoni.

Bene Dishoni, ni

Hemudani, Eshibani, Itirani na Kerani.

42 Bene Ezeri ni

Bilihani, Zayavani na Akani.

Bene Dishani, ni

Uzi na Arani.

Abatware ba Edomu

43 Uru ni rwo rukurikirane rw’abami batwaye mu gihugu ca Edomu, imbere y’uko Isirayeli yimika umwami n’umwe:

Bela mwene Beyori, igisagara ciwe citwa Dinihaba.

44 Bela apfuye, asubirirwa ku ngoma na Yobabu mwene Zera yava i Bozira.

45 Yobabu apfuye, asubirirwa ku ngoma na Hushamu yava mu gihugu c’Abatemani.

46 Hushamu apfuye, asubirirwa ku ngoma na Hadadi mwene Bedadi, ari we yanesheje Abamidiyani mu gihugu ca Mowabu. Igisagara ciwe citwa Aviti.

47 Hadadi apfuye, asubirirwa ku ngoma na Samula yava i Masireka.

48 Samula apfuye, asubirirwa ku ngoma na Shawuli yava i Rehoboti hafi y’uruzi.

49 Shawuli apfuye, asubirirwa ku ngoma na Bayali-Hanani mwene Akibori.

50 Bayali-Hanani apfuye, asubirirwa ku ngoma na Hadadi. Igisagara ciwe citwa Pawu, umugore wiwe yitwa Mehetabeli, umukobwa wa Materedi, akaba n’umwuzukuru wa Mezahabu. 51 Hadadi na we nyene arapfa.

Abakuru b’imiryango y’Abanyedomu bari aba:

Timuna, Aluva, Yeteti, 52 Oholibama, Ela, Pinoni, 53 Kenazi, Temani, Mibuzari, 54 Magidiyeli na Iramu.

Abo ni bo bari abakuru b’imiryango ya Edomu.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_10-32-54-