Publicidade

1 Crônicas 28

Dawidi abwira abantu uko bazokwubaka ingoro y’Uhoraho

1 Dawidi ahamagaza abakuru bose bo mu Bisirayeli ngo bakoranire i Yerusalemu: Abakuru b’imiryango, abakuru barongora ingabo igihumbi n’abakuru barongora ingabo ijana, n’abakuru bajejwe itunga n’ibitungwa vy’umwami n’abahungu biwe, n’abakuru bakorera ku kirimba, abahambaye bose n’abahizi bo mu ntambara.

2 Umwami Dawidi arahaguruka avuga ati: "Nimunyumvirize, bavukanyi mukaba n’abantu banje. Nari nariyumviriye mu mutima kwubaka inzu Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho izoruhukiramwo, indava y’ibirenge vy’Imana yacu, kandi naragize integuro yo kuyubaka. 3 Ariko Imana irambwira iti: ‘Ntushobora kwubaka inzu yitirirwa izina ryanje, kuko wagwanye intambara nyinshi kandi ukavisha amaraso menshi.’

4 Ariko Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, yantoranije mu muryango wanje wose ngo mbe umwami w’Abisirayeli ibihe bidashira. Yatoranije Yuda nk’umukuru, maze mu muryango wa Yuda itoranya inzu yanje, kandi no mu bahungu ba data yahimbawe no kunyimika ngo mbe umwami w’Abisirayeli bose. 5 Mu bahungu banje bose Uhoraho yampaye, kandi ni benshi, yatoranije umuhungu wanje Salomo ngo yicare ku ntebe y’ubwami bw’Uhoraho aganze Abisirayeli. 6 Yambwiye ati: Salomo umuhungu wawe ni we azonyubakira Ingoro aho nzovyagira, kuko ndamutoranije ngo ambere umuhungu, nanje ndamubere se. 7 Nzokomeza ubwami bwiwe ibihe vyose niyashira umutima ku kwumvira amateka n’ivyo nashinze, nk’uko bikorwa ubu.

8 None rero ndabibasabiye imbere y’Abisirayeli bose n’ikoraniro ryose ry’Uhoraho, n’imbere y’Imana yacu ivyumva: muze mwitwararike kwumvira amabwirizwa y’Uhoraho Imana yanyu, kugira ngo muze mugumane iki gihugu ciza kandi ngo muze mukirage uruvyaro rwanyu ibihe bidashira.

9 Nawe, Salomo mwana wanje, menya Imana ya so, uyikorere n’umutima wawe wose kandi ubikunze, kuko Uhoraho asesa umutima wose kandi azi ivyo umuntu yiyumvira akagabira. Niwamurondera, uzomubona; ariko niwamutera ibitugu, na we azoguta ibihe vyose. 10 Menya rero ibi, Uhoraho yaragutoranije ngo wubake Ingoro yiwe yera. Shikama ukore ico gikorwa."

11 Nuko Dawidi aha umuhungu wiwe Salomo ya nteguro y’intangaro y’Ingoro, inyubako yayo, amazu y’ububiko bwayo, ibice vyo hejuru vyayo, ivyumba vy’imbere n’ikibanza co gutangiramwo impongano. 12 Amuha izo nteguro nk’uko Mpwemu yari yazishize mu bwenge bwiwe, harimwo izerekeye urugo rw’Ingoro y’Uhoraho, ivyumba birukikije, ivyumba vy’ububiko bw’Ingoro y’Imana n’ivyumba vy’ububiko bw’ivyagizwe inyegu. 13 Amubwira ivyo akwiye kwitondera vyerekeye imice y’abaherezi n’Abalewi, n’igikorwa cose co gukora mu Ngoro y’Uhoraho, n’ivyerekeye ibikoresho vyose bikoreshwa muri iyo Ngoro. 14 Ashinga n’uburemere bw’inzahabu buzokora ku bikoresho vyose vy’inzahabu bizokora mu bikorwa bitandukanye, n’uburemere bw’ifeza buzokora ku bikoresho vyose vy’ifeza bizokora mu bikorwa bitandukanye: 15 Uburemere bw’inzahabu zo mu biterekwako amatara no mu matara yavyo, uburemere bw’igiterekwako amatara kimwekimwe cose n’amatara yaco, n’uburemere bw’ifeza z’igiterekwako amatara c’ifeza kimwekimwe cose n’amatara yaco, bijanye n’ico igiterekwako amatara cose kizokora; 16 uburemere bw’inzahabu bw’imeza yose y’imikate yejejwe; n’uburemere z’ifeza z’imeza zindi; 17 uburemere bw’inzahabu ihinguwe neza y’ivyaruzo vy’amenyo, amabakure yo gusukira n’ibindi bikoresho bikozwe mu nzahabu ihinguwe neza; uburemere bw’inzahabu yokoreshwa kw’isahani y’inzahabu imw’imwe yose; uburemere bw’ifeza kw’isahani y’ifeza imw’imwe yose; 18 n’uburemere bw’inzahabu ihinguwe neza y’igicaniro baturirirako ibimota neza. Yarongeye amuha ishusho y’umukogote, ni ukuvuga abakerubi bacuzwe mu nzahabu bashanje amababa yabo bakayapfukisha ya Sandugu y’Isezerano y’Uhoraho.

19 Dawidi aravuga ati: "Ivyo vyose biri mu gitabu naronse kivuye k’Uhoraho, ampa no gutahura ivyo vyose bikwiye gukorwa nk’uko biri muri iyi nteguro."

20 Dawidi arongera abwira Salomo umwana wiwe ati: "Shikama ushire amanga, ukore ico gikorwa. Ntutinye canke ngo wihebure, kuko Uhoraho Imana, ari yo Mana yanje, iri kumwe nawe. Ntizoguta kandi ntizoguhemukira gushika aho igikorwa co kwubaka Ingoro y’Uhoraho kizoherera. 21 Imice y’abaherezi n’Abalewi bariteguye gukora igikorwa co mu Ngoro y’Imana, n’umuntu wese avyishakiye afise ubuhinga mu kintu ico ari co cose azogufasha muri iki gikorwa. Abakuru n’abantu bose bazokwumvira mu co uzobategeka cose."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-