1 Aba ni bo bahungu ba Isirayeli: Reyubeni, Simeyoni, Lewi, Yuda, Isakari, Zebuloni, 2 Dani, Yosefu, Benyamini, Nafutali, Gadi na Asheri.
3 Bene Yuda ni aba:
Eri, Onani na Shela. Abo uko ari batatu yari yabavyaye ku Munyakananikazi, umukobwa wa Shuwa.
(Eri, imfura ya Yuda yari umunyakibi mu nyonga z’Uhoraho; nuko Uhoraho aramwica.)
4 Yuda yavyaye Perezi na Zera ku mukazana wiwe Tamari.
Yuda yari afise abahungu batanu bose hamwe.
5 Bene Perezi ni aba:
Hezironi na Hamuli.
6 Bene Zera ni aba:
Zimuri, Etani, Hemani, Kalikoli na Daruda: bose hamwe bari batanu.
7 Mwene Karumi yari:
Akani, yateje amagorwa menshi Abisirayeli mu kunyuruza ibintu vyari vyagizwe inyegu y’Uhoraho.
8 Mwene Etani yari:
Azariya.
9 Bene Hezironi bari:
Yerahimeyeli, Ramu na Kalebu.
10 Ramu ni we se wa
Aminadabu,
Aminadabu avyara Nahashoni, yari umukuru w’umuryango wa Yuda.
11 Nahashoni yari se wa Salumoni,
Salumoni yavyaye Bowazi,
12 Bowazi yavyaye Obedi
maze Obedi avyara Isayi.
13 Isayi yari se wa
Eliyabu imfura yiwe; umuhungu wiwe wa kabiri yari Abinadabu,
uwa gatatu yari Shimeya, 14 Uwa kane Netaneli,
uwa gatanu Radayi, 15 uwa gatandatu Ozemi
n’uw’indwi Dawidi.
16 Bashiki babo bari Zeruwiya na Abigayili.
Bene Zeruwiya batatu bari Abishayi, Yowabu na Asaheli.
17 Abigayili yari nyina wa Amasa, se wa Amasa yari Yeteri Umwishimayeli.
18 Kalebu mwene Hezironi yari afise abana yavyaranye n’umugore wiwe Azuba Yeriyoti. Aba ni bo bari abahungu biwe:
Yesheri, Shobabu na Arudoni.
19 Azuba apfuye, Kalebu yarongoye Efurata, amuvyarako Huri.
20 Huri ni we yari se wa Uri, Uri na we yari se wa Bezaleli.
21 Mu nyuma, Hezironi amaze imyaka mirongo itandatu arongora umukobwa wa Makiri se wa Gileyadi. Aryamana na we, aca avyara Segubi.
22 Segubi yavyaye Yayiro, yatwara ibisagara mirongo ibiri na bitatu i Gileyadi.
23 Ariko Geshuri na Siriya bigarurira Havivoti Yayiro, Kenati hamwe n’ibigwati bihakikuje, vyose hamwe vyari ibisagara mirongo itandatu.
Abo bose bari abakomoka kuri Makiri se wa Gileyadi.
24 Hezironi amaze gupfira mu gisagara ca Kalebu Efurata, Abiya umugore wa Hezironi amuvyarira umuhungu amwita Ashihuri ari we se wa Tekowa.
25 Aba ni bene Yerahimeyeli imfura ya Hezironi:
Rami imfura yiwe, Buna, Oreni, Ozemi na Ahiya. 26 Yerahimeyeli yari afise uwundi mugore, yitwa Atara; Ni we nyina wa Onamu.
27 Aba ni bo bene Rami imfura ya Yerahimeyeli:
Mayazi, Yamini na Ekeri.
28 Bene Onamu ni:
Shamayi na Yada.
Bene Shamayi ni:
Nadabu na Abishuri. 29 Umugore wa Abishuri yitwa Abihayili, ari we yamuvyariye Ahibani na Molidi.
30 Bene Nadabu ni:
Seledi na Apipayimu. Seledi yapfuye atavyaye.
31 Mwene Apipayimu ni:
Ishi, ari we se wa Sheshani. Sheshani yari se wa Ahilayi.
32 Bene Yada, umuvukanyi wa Shamayi ni:
Yeteri na Yonatani. Yeteri yapfuye atavyaye.
33 Bene Yonatani ni:
Peleti na Zaza.
Abo ni bo ruvyaro rwa Yerahimeyeli.
34 Sheshani nta bahungu yari afise, yavyaye abakobwa gusa.
Yari afise umugurano w’Umunyegiputa yitwa Yarahu. 35 Sheshani ashingira umukobwa wiwe uwo mugurano wiwe Yarahu, aca avyara Atayi.
36 Atayi ni we se wa Natani,
Natani akaba se wa Zabadi,
37 Zabadi akaba se wa Efulali,
Efulali akaba se wa Obedi,
38 Obedi se wa Yehu,
Yehu se wa Azariya,
39 Azariya mwene Helezi,
Helezi se wa Eleyasa
40 Eleyasa se wa Sisimayi,
Sisimayi se wa Shalumu,
41 Shalumu se wa Yekamiya,
Yekamiya se wa Elishama.
42 Bene Kalebu umuvukanyi wa Yerahimeyeli ni:
Mesha imfura yiwe, ari we yari se wa Zifu,
n’umuhungu wiwe Maresha, yari se wa Heburoni.
43 Bene Heburoni ni:
Kora, Tapuwa, Rekemu na Shema.
44 Shema ni we yari se wa Rahamu,
Rahamu akaba se wa Yorikeyamu.
Rekemu yari se wa Shamayi.
45 Mwene Shamayi yari Mayoni,
Mayoni akaba se wa Beti-Zuri.
46 Efa, incoreke ya Kalebu ni we yari nyina wa
Harani, Moza na Gazezi.
Harani yari se w’uwundi Gazezi.
47 Bene Yahidayi ni:
Regemu, Yotamu, Geshani, Peleti, Efa na Shayafi.
48 Mayaka, incoreke ya Kalebu, ni we yari nyina wa
Sheberi na Tirihana.
49 Ni we yavyaye kandi Shayafi se wa Madumana
na Sheva se wa Makibena na Gibeya.
Umukobwa wa Kalebu yari Akisa.
50 Abo ni bo bakomoka kuri Kalebu.
Abakomoka kuri Huri imfura ya Efurata ni:
Shobali se wa Kiriyati-Yeyarimu, 51 Saluma se wa Betelehemu, na Harefu se wa Beti-Gaderi.
52 Abakomoka kuri Shobali se wa Kiriyati-Yeyarimu ni:
Harowe, igice c’Abamenuhoti, 53 kandi imiryango ya Kiriyati-Yeyarimu yari: Abaturi, Abaputi, Abashumati n’Abamishirayi. Abo ni bo bandurukwako n’Abazorati n’Abeshitayoli.
54 Abakomoka kuri Saluma ni:
Betelehemu, Abanetofati, Aturoti-Beti-Yowabu, igice c’Abamanahati, Abazori, 55 n’imiryango y’abanyabwenge b’ivyanditswe baba i Yabesi: Abatirati, Abashimeyati n’Abasukati. Abo ni Abakayini bakomoka kuri Hamati, se w’ab’inzu ya Rekabu.