Publicidade

1 Crônicas 26

Abarinzi b’irembo

1 Imigwi y’abarinzi b’irembo:

Mu bakomoka kuri Kora hari

Meshelemiya umuhungu wa Kore, umwe muri bene Abiyasafu. 2 Abahungu ba Meshelemiya bari:

Zakariya imfura, Yediyayeli uwa kabiri,

Zebadiya uwa gatatu, Yatuniyeli uwa kane,

3 Elamu uwa gatanu, Yehohanani uwa gatandatu

na Eliyehowenayi uw’indwi.

4 Abahungu ba Obedi-Edomu na bo nyene bari abarinzi b’irembo:

Shemaya imfura, Yehozabadi uwa kabiri,

Yowa uwa gatatu, Sakari uwa kane,

Netaneli uwa gatanu, 5 Amiyeli uwa gatandatu,

Isakari uw’indwi na Pewuletayi uw’umunani.

Imana yari yarahaye umugisha mwinshi Obedi-Edomu.

6 Shemaya mwene Obedi-Edomu na we nyene yari afise abahungu, bari abakuru mu mazu y’abakomoka kuri se kuko bari abantu babishoboye. 7 Bene Shemaya bari:

Otini, Refayeli, Obedi na Elizabadi; hamwe na benewabo Elihu na Semakiya na bo nyene bari abantu babishoboye.

8 Abo bose bari abakomoka kuri Obedi-Edomu; bo ubwabo, abahungu babo n’abuzukuru babo, bari abantu bashoboye b’inkomezi zo gukora ico gikorwa; bose hamwe abakomoka kuri Obedi-Edomu, bari mirongo itandatu na babiri.

9 Abahungu ba Meshelemiya n’abo mu nzu yiwe bose babakomokako, bari bashoboye, bose hamwe bari cumi n’umunani.

10 Hosa akomoka mu nzu kwa Merari yari afise abahungu:

Umukuru wabo yari Shimuri naho atari we yari imfura, se wiwe yari yamutoye ngo abe uwa mbere,

11 Hilukiya uwa kabiri, Tabaliya uwa gatatu na

Zakariya uwa kane.

Abahungu ba Hosa n’abo mu nzu yiwe bose babakomokako bakora igikorwa co kurinda irembo bari icumi na batatu.

12 Iyo migwi y’abarinzi b’irembo, biciye mu bakuru babo, bari bafise ibikorwa vyo gukorera mu ngoro y’Uhoraho, nk’uko benewabo bandi b’Abalewi babikora. 13 Abakora kw’irembo ryose batorwa hakoreshejwe ubupfindo, bataravye umuto canke umukuru, bakurikiza inzu zabo gusa.

14 Ubupfindo bw’abarinda Irembo ryo mu Buseruko bwerekanye Shelemiya n’abo bari kumwe.

Maze bakora ubundi bupfindo bwerekana umuhungu wiwe Zakariya azezwa irembo ryo mu buraruko, yari umujenama w’umunyabwenge.

15 Ubupfindo bw’abarinda Irembo ryo mu Bumanuko bwerekana Obedi-Edomu, kandi ubupfindo bwo kwerakana abarinda inzu y’ububiko bwerekana abahungu biwe.

16 Ubufindo bw’abarinda Irembo ryo mu Burengero no kw’Irembo rya Shaleketi ku nzira iduga bwerekana Shupimu na Hosa.

Abarinzi bagenwa hakurikijwe ingene aho bakorera hahambaye:

17 Hari Abalewi batandatu ku musi kw’Irembo ryo mu Buseruko,

bane ku musi kw’Irembo ryo mu Buraruko,

bane ku musi kw’Irembo ryo mu Bumanuko

na babiribabiri bakorera rimwe ku nzu y’ububiko.

18 Kw’Irembo ryo mu Burengero hari abarinzi babiri n’abandi bane barinda inzira yaca inyuma y’urugo.

19 Iyo yari imigwi y’abarinzi b’irembo bakomoka ku mazu ya Kora na Merari.

Abanyabigega n’abandi bakuru

20 Uwundi mugwi w’Abalewi, urongowe na Ahiya, wari uw’abanyabigega b’ubutunzi bwo mu Ngoro y’Imana n’ubutunzi bw’ibintu vyeguriwe Imana.

21 Abakomoka kuri Ladani, wo mu nzu kwa Gerishoni bari abakuru b’amazu kandi umukuru wabo yari Yehiyeli, 22 abahungu ba Yehiyeli ari bo Zetamu n’uwo bavukana Yoweli, bari bajejwe ubutunzi bwo mu ngoro y’Uhoraho.

23 Aba ni bo bari abakuru mu mazu y’abakomoka kuri Amuramu, Izihari, Heburoni na Uziyeli:

24 Mu bakomoka mu nzu kwa Amuramu, Shubayeli akomoka kuri Gerishomu mwene Mose, yari umukuru ajejwe ubutunzi. 25 Abo mu muryango wiwe uciye kuri Eliyezeri bari: Rehabiya, Yeshaya, Yoramu, Zikuri na Shelomoti.

26 Shelomoti n’abo mu muryango wiwe bari bajejwe ubutunzi bwose bw’ibintu umwami Dawidi, abakuru b’imiryango batwara ingabo igihumbi n’abatwara ingabo ijana, n’abandi bakuru b’ingabo bari bareguriye Imana. 27 Bimwe mu vyanyazwe mu gihe c’intambara vyari vyeguriwe gusanura ingoro y’Uhoraho. 28 N’ibintu vyose Samweli uwerekwa, Sawuli mwene Kishi, Abuneri mwene Neri, Yowabu mwene Zeruwiya, n’abandi bose bari bareguriye Imana vyari bijejwe Shelomoti n’abo mu nzu yiwe.

29 Mu bakomoka mu nzu kwa Izihari:

Kenaniya n’abahungu biwe bari bashinzwe ibikorwa bitajanye n’Ingoro, bari abakuru bajejwe ubucamanza mu Bisirayeli.

30 Mu bakomoka mu nzu kwa Heburoni:

Hashabiya we n’abo mu muryango wiwe; abagabo igihumbi n’amajana indwi bashoboye, bari bajejwe Abisirayeli baba mu burengero bwa Yorodani, mu gikorwa cose c’Uhoraho n’igikorwa cose kiraba uwami muri ako karere. 31 Kandi mu bakomoka mu nzu kwa Heburoni na bo, hari Yeriya akaba umukuru wabo nk’uko vyanditswe mu bitabu bidondagura ingene bagiye bararondoka.

Mu mwaka ugira mirongo ine Dawidi ari ku ngoma, harabaye kurondera mu vyanditswe, basanga harimwo abagabo bashoboye mu bakomoka kuri Heburoni b’i Yazeri i Gileyadi. 32 Yeriya yari afise abantu ibihumbi bibiri n’amajana indwi, bari abagabo bashoboye bakaba abakuru b’inzu zigize umuryango, kandi umwami Dawidi abazeza Abareyubeni, Abagadi n’igice c’Abamanase mu kintu cose cerekeye Imana n’icerekeye umwami mu buseruko bwa Yorodani.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-22_10-02-25-