Publicidade

1 Crônicas 10

Sawuli yiyahura

1 Maze Abafilisitiya bagwanya Abisirayeli; Abisirayeli barata barahunga, kandi benshi muri bo bicirwa ku musozi Gilibowa. 2 Abafilisitiya babirukako basugereza Sawuli n’abahungu biwe, bica abahungu biwe Yonatani, Abinadabu na Maluki-Shuwa. 3 Maze Sawuli urugamba rumumerera nabi cane, abanyamiheto baramurasa baramukomeretsa.

4 Sawuli abwira uwari amutwaje ibigwanisho ati: "Sokora inkota yawe unsogote, kugira ngo izo ntakebwa ntizimfate ngo zinyice nabi."

Ariko uwamutwaza ibigwanisho aranka kuko yari afise ubwoba bwinshi. Nuko Sawuli afata inkota yiwe ayisukako. 5 Umwe yamutwaza ibigwanisho abonye ko Sawuli apfuye, na we nyene yisuka ku nkota yiwe arapfa. 6 Nuko Sawuli n’abahungu biwe batatu barapfa, n’abo mu nzu yiwe bose bagwa hamwe.

7 Abisirayeli bose bari mu kiyaya babonye ko ingabo zahunze kandi ko Sawuli n’abahungu biwe bapfuye, baca bata ibisagara vyabo barahunga. Maze Abafilisitiya baraza babibamwo.

8 Bukeye, Abafilisitiya baja aho urugamba rwabereye kwambura abapfuye ibigwanisho n’ibintu vyabo vy’agaciro, basanga Sawuli n’abahungu biwe baguye ku musozi Gilibowa. 9 Bamuca umutwe, bamwambura n’ibigwanisho vyiwe, baca barungika intumwa mu gihugu cose c’Abafilisitiya ngo bakwize iyo nkuru mu ngoro z’ibigirwamana vyabo no mu bantu. 10 Baca bashira ibigwanisho vyiwe mu ngoro y’ibigirwamana vyabo, umutwe wiwe bawumanika mu ngoro y’ikigirwamana Dagoni.

11 Maze ab’i Yabeshi Gileyadi bose bumvise ivyo Abafilisitiya bakoreye Sawuli vyose, 12 abagabo bose b’abahizi baragenda batora imivyimba ya Sawuli n’abahungu biwe bayijana i Yabeshi. Bahamba amagufa yabo musi y’igiti kinini i Yabeshi, baca bisonzesha kumara imisi indwi.

13 Nuko Sawuli apfa azize kutaba umwizigirwa k’Uhoraho, kutazigama ijambo yabwiwe n’Uhoraho no gusiguza uwuhamagara imizimu, 14 aho gusiguza Uhoraho. Nuko Uhoraho aramwica aca agabira ingoma yiwe Dawidi mwene Isayi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-