1 Maze Hiramu umwami w’i Tiro arungika intumwa kwa Dawidi, azirungikana n’ibiti vy’amasederi, n’abubatsi bubakisha amabuye n’ababaji bo kumwubakira ikirimba. 2 Maze Dawidi aca amenya ko Uhoraho yemeje ko ari we mwami w’Abisirayeli bose kandi ko yashize hejuru ubwami bwiwe kubera abantu biwe b’Abisirayeli.
3 Dawidi arongorera i Yerusalemu abandi bagore, avyara abandi bahungu n’abakobwa. 4 Aya ni yo mazina y’abana yavyariye i Yerusalemu: Shamuwa, Shobabu, Natani, Salomo, 5 Ibuhari, Elishuwa, Elupeleti, 6 Nogahu, Nefegi, Yafiya, 7 Elishama, Beyeliyada na Elifeleti.
8 Abafilisitiya bumvise ko Dawidi yasizwe amavuta ngo abe umwami w’Abisirayeli bose, baraduga n’inkomezi zabo zose bagiye kumurondera ngo bamufate; ariko Dawidi avyumvise aca aja guhura na bo. 9 Maze Abafilisitiya barashika bacumbika mu kiyaya c’i Refayimu; 10 Dawidi aca asiguza Imana ati: "Mbega nje gutera Abafilisitiya? Urabampa mu maboko yanje?"
Uhoraho aramwishura ati: "Genda, nzobatanga mu maboko yawe."
11 Nuko Dawidi n’ingabo ziwe baraduga baja i Bayali-Perazimu, kandi aho ni ho yabaneshereje. Aravuga ati: "Imana yansaturiye inzira mu bansi banje ikoresheje ukuboko kwanje nk’uko amazi asenyura urugomero." Ni co catumye aho hantu hitwa Bayali-Perazimu. 12 Abafilisitiya bari batayeho ibigirwamana vyabo, maze Dawidi aca atanga itegeko ngo babiturire.
13 Ikindi gihe Abafilisitiya bongera gucumbika mu kiyaya; 14 maze Dawidi yongera kubaza Imana ico yokora, na yo iramwishura iti: "Ntubatere ubaturutse imbere, ariko ubazunguruke ubatere ubaturutse inyuma aharabana na biriya biti vy’imibaka. 15 Niwumva imirindi mu bushorishori bw’ivyo biti, uce utangura kubagwanya, kuko Imana izoba ikugiye imbere kugwanya ingabo z’Abafilisitiya." 16 Nuko Dawidi akora nk’uko Imana yamutegetse, maze bica ingabo z’Abafilisitiya kuva i Gibeyoni gushika i Gezeri.
17 Nuko Dawidi aba rurangiranwa mu gihugu cose, kandi Uhoraho atuma ibihugu vyose bimutinya.