Publicidade

1 Crônicas 22

1 Maze Dawidi aca avuga ati: "Ingoro y’Uhoraho Imana izoba aha nyene, n’igicaniro co guturirirako ibimazi vy’Abisirayeli ni uko nyene."

Dawidi ategura ivyo kwubaka Ingoro y’Uhoraho

2 Maze Dawidi atanga amategeko ko bakoranya abantu b’abanyamahanga baba mu Bisirayeli, atoranya muri bo abo kubaza amabuye ngo bategure amabuye abajwe yo kuzokwubaka Ingoro y’Imana. 3 Ategura ubutare bw’ivyuma vyo gukoramwo imisumari y’imyango y’amarembo n’iyo kumanikako ibintu, n’ubutare bw’ivyuma bwinshi budashobora gupimwa uburemere. 4 Ategura n’ibiti vy’amasederi vyinshi bitoharurika, kuko Abanyesidoni n’Abatiro bari babizaniye Dawidi ari vyinshi cane.

5 Dawidi avuga ati: "Umuhungu wanje Salomo aracari muto kandi nta burambe afise mu bikorwa, kandi Ingoro yo kwubakira Uhoraho ikwiye kuba ari akaroruhore kandi ari rurangiranwa imbere y’amahanga yose. Nkwiye rero gutegura ivyo kuzokwubakisha." Nuko Dawidi agira imyiteguro myinshi imbere y’uko apfa.

6 Maze ahamagara umuhungu wiwe Salomo amushinga kuzokwubaka Ingoro y’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli. 7 Dawidi abwira Salomo ati: "Mwana wanje, nari narabigabiye mu mutima wanje ko nzokwubaka Ingoro yo guhesha icubahiro Izina ry’Uhoraho Imana yanje. 8 Ariko Uhoraho ambwira iri jambo ati: ‘Wavishije amaraso menshi kandi wagwanye intambara nyinshi. Ntiwoshobora kwubaka Ingoro yitirirwa izina ryanje, kuko wavishije amaraso menshi kw’isi mu nyonga zanje. 9 Ariko uzoronka umuhungu azoba umuntu w’amahoro n’itekane, kandi nzomuha kuruhuka abansi biwe mu mpande zose. Izina ryiwe azokwitwa Salomo, kandi nzoha Isirayeli amahoro n’umutekano ku ngoma yiwe. 10 Uwo ni we azokwubaka Ingoro yitirirwa izina ryanje. Azombera umuhungu, nanje ndamubere se. Kandi nzokomeza ingoma y’ubwami bwiwe mu Bisirayeli ibihe bidashira.’

11 None rero mwana wanje, Uhoraho abane nawe, kugira ngo ushobore kwubaka Ingoro y’Uhoraho Imana yawe, nk’uko yavuze ko uzobikora. 12 Uhoraho aze aguhe kuroranya n’ugutahura niyagushira ku ntebe y’inganji y’Abisirayeli, kugira ngo uze witondere Ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yawe. 13 Nuko uzotera imbere niwitondera ivyo yashinze n’ivyagezwe vyose Uhoraho yahaye Mose ngo abihe Abisirayeli. Ukomere kandi ushire ubwoba. Ntutinye canke ngo ucike intege.

14 Narakoze ndaruha kugira ngo ntegure ibikoresho vyose bikenewe vy’iyo Ngoro y’Uhoraho. Negeranije italanto ibihumbi ijana z’inzahabu, italanto umuliyoni umwe z’ifeza, ubutare bwinshi bw’umwakaka n’ivyuma vyinshi bitoharurika, n’ibiti n’amabuye. Kandi ushobora kwongerako n’ibindi. 15 Ufise abakozi benshi: ababaza amabuye, abubakisha amabuye n’abubakisha ibiti n’imbaho, n’abahinga mu gikorwa ico ari co cose 16 mu nzahabu no mw’ifeza, umwakaka n’ivyuma; abacuzi barenze igitigiri. Nuko shirako wubake, kandi Uhoraho ari kumwe nawe."

17 Maze Dawidi ategeka abatwara abandi mu Bisirayeli gufasha umuhungu wiwe Salomo. 18 Arababwira ati: "Mbega Uhoraho Imana yanyu ntari kumwe namwe? Ntiyanabemereye kubaha impore impande zose? Kuko yampaye abantu bose baba muri iki gihugu, kandi iki gihugu cose kiri mu minwe y’Uhoraho n’abantu biwe. 19 Nuko rero mushire imitima yanyu n’imishaha yanyu k’Uhoraho Imana yanyu. Mushireko mwubake Ingoro y’Uhoraho Imana, kugira ngo muzane Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho n’ibikoresho vyera vy’Imana muri iyo Ngoro izokwubakirwa Izina ry’Uhoraho."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-