1 Dawidi, ari kumwe n’abakuru b’ingabo, atoranya bamwe muri bene Asafu, Hemani na Yedutuni ngo bakore igikorwa co kuvuga amajambo avuye ku Mana, bavugira inanga, amakembe n’ivyuma bisama. Uru ni rwo rutonde rw’abakora ico gikorwa:
2 Mu bahungu ba Asafu hari:
Zakuri, Yosefu, Netaniya na Asarela. Bene Asafu bari barongowe na se Asafu, yavuga amajambo avuye ku Mana akurikije amategeko y’umwami.
3 Mu bahungu ba Yedutuni, hari:
Gedaliya, Zeri, Yeshaya, Shimeyi, Hashabiya na Matitiya, bose hamwe bari batandatu, barongowe na se Yedutuni, yavuga amajambo y’Imana, avuza inanga mu gushimira no mu guhimbaza Uhoraho.
4 Mu bahungu ba Hemani hari:
Bukiya, Mataniya, Uziyeli, Shubayeli na Yerimoti; Hananiya, Hanani, Eliyata, Gidaliti na Romamuti-Ezeri; Yoshibekasha, Maloti, Hotiri na Mahaziyoti. 5 Abo bose bari bene Hemani uwerekwa w’umwami. Imana yari yabamuhaye biciye mw’isezerano ngo imushire hejuru. Imana imuha abahungu icumi na bane n’abakobwa batatu.
6 Abo bose bari barongowe na ba se babo mu kuririmba no mu gucuraranga mu ngoro y’Uhoraho, bakoresheje ivyuma bisama, amakembe n’inanga, ku bw’ico gikorwa co mu Ngoro y’Imana.
Asafu, Yedutuni na Hemani bari musi y’uburongozi bw’umwami. 7 Abo bari kumwe n’abo mu nzu zabo, bose bari barigishijwe bongera bamenyerezwa ivyerekeye kuririmbira Uhoraho, bashika amajana abiri na mirongo umunani n’umunani. 8 Abacuraranga bose bashirwa ku bikorwa vyabo hakoreshejwe ubupfindo, ntibaraba ngo umuntu aracari muto canke arakuze, ni umwigisha canke ni umwigishwa.
9 Ubupfindo bwa mbere bwerekanye Yosefu wo mu nzu kwa Asafu,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
Ubupfindo bwa kabiri bwerekana Gedaliya,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
10 Ubupfindo bwa gatatu bwerekana Zakuri,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
11 Ubupfindo bwa kane bwerekana Iziri,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
12 Ubupfindo bwa gatanu bwerekana Netaniya,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
13 Ubupfindo bwa gatandatu bwerekana Bukiya,
abahungu biwe hamwe na benewabo baba cumi na babiri.
14 Ubupfindo bw’indwi bwerekana Yesarela,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
15 Ubupfindo bw’umunani bwerekana Yeshaya,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
16 Ubupfindo bw’icenda bwerekana Mataniya,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
17 Ubupfindo bw’icumi bwerekana Shimeyi,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
18 Ubupfindo bwa cumi na rimwe bwerekana Azareli,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
19 Ubupfindo bwa cumi na kabiri bwerekana Hashabiya,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
20 Ubupfindo bwa cumi na gatatu bwerekana Shubayeli,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
21 Ubupfindo bwa cumi na kane bwerekana Matitiya,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
22 Ubupfindo bwa cumi na gatanu bwerekana Yeremoti,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
23 Ubupfindo bwa cumi na gatandatu bwerekana Hananiya,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
24 Ubupfindo bwa cumi n’indwi bwerekana Yoshibekasha,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
25 Ubupfindo bwa cumi n’umunani bwerekana Hanani,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
26 Ubupfindo bwa cumi n’icenda bwerekana Maloti,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
27 Ubupfindo bwa mirongo ibiri bwerekana Eliyata,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
28 Ubupfindo bwa mirongo ibiri na rimwe bwerekana Hotiri,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
29 Ubupfindo bwa mirongo ibiri na kabiri bwerekana Gidaliti,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
30 Ubupfindo bwa mirongo ibiri na gatatu bwerekana Mahaziyoti,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.
31 Ubupfindo bwa mirongo ibiri na kane bwerekana Romamuti-Ezeri,
abahungu biwe hamwe na benewabo, baba cumi na babiri.