Publicidade

1 Crônicas 24

Imice y’Abaherezi

1 Iyi ni yo mice y’uruvyaro rwa Aroni:

Bene Aroni bari Nadabu, Abihu, Eliyazeri na Itamari. 2 Ariko Nadabu na Abihu batanze se gupfa, kandi nta bahungu basize. Nuko Eliyazeri na Itamari baciye bakora nk’abaherezi. 3 Dawidi abashira mu migwi yisunze ivyo bazokora n’urutonde bari bakwiye gukorerako, afashijwe na Sadoki akomoka kuri Eliyazeri na Ahimeleki akomoka kuri Itamari. 4 Abarongozi benshi bavuye mu ruvyaro rwa Eliyazeri kuruta abavuye mu rwa Itamari, maze bashirwa mu migwi bisunze ico nyene: abakuru b’amazu bava mu bakomoka kuri Eliyazeri bari cumi na batandatu, hanyuma abakuru b’amazu bava ku bakomoka kuri Itamari bari umunani. 5 Babagabuye mu migwi y’ibikorwa batarenganije n’umwe kuko bakoresheje ubupfindo. Ivyo vyatumwe n’uko hariho benshi bari babereye gukora mu Ingoro y’Imana bava mu bakomoka kuri Eliyazeri na Itamari bompi.

6 Umwanditsi Shemaya mwene Netaneli Umulewi, yanditse amazina yabo ari imbere y’umwami n’abakuru bose: Sadoki umuherezi, Ahimeleki mwene Abiyatari n’abakuru b’amazu y’abaherezi n’Abalewi, bagafata umwe wo mu nzu kwa Eliyazeri hanyuma uwundi wo mu nzu kwa Itamari.

7 Ubupfindo bwa mbere bwerekanye Yehoyaribu,

ubwa kabiri bwerekanye Yedayiya,

8 ubwa gatatu bwerekanye Harimu,

ubwa kane bwerekanye Seyorimu,

9 ubwa gatanu bwerekanye Malikiya,

ubwa gatandatu bwerekanye Miyamini,

10 ubw’indwi bwerekanye Hakozi,

ubw’umunani bwerekanye Abiya,

11 ubw’icenda bwerekanye Yesuwa,

ubw’icumi bwerekanye Shekaniya,

12 ubw’icumi na rimwe bwerekanye Eliyashibu,

ubw’icumi na kabiri bwerekanye Yakimu,

13 Ubw’icumi na gatatu bwerekanye Hupa,

ubw’icumi na kane bwerekanye Yeshebeyabu,

14 ubw’icumi na gatanu bwerekanye Biluga,

ubw’icumi na gatandatu bwerekanye Imeri,

15 ubw’icumi n’indwi bwerekanye Heziri,

ubw’icumi n’umunani bwerekanye Hapizezi,

16 ubw’icumi n’icenda bwerekanye Petahiya,

ubwa mirongo ibiri bwerekanye Yehezikeli,

17 ubwa mirongo ibiri na rimwe bwerekanye Yakini,

ubwa mirongo ibiri na kabiri bwerekanye Gamuli,

18 ubwa mirongo ibiri na gatatu bwerekanye Delaya,

ubwa mirongo ibiri na kane bwerekanye Mayaziya.

19 Urwo ni rwo rutonde bakurikiza mu gukora igikorwa c’Imana iyo baramukiwe kwinjira mu ngoro y’Uhoraho, bisunze amategeko yabagenga yashizweho na sekuru wabo Aroni kandi nk’uko Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, yari yaramutegetse.

Abakuru b’imiryango y’Abalewi

20 Aba ni bo bandi bakuru b’imiryango yakomoka kuri Lewi:

Mu bakomoka kuri Amuramu: umukuru wabo yari Shubayeli;

mu bakomoka kuri Shubayeli: umukuru wabo yari Yehudeya.

21 Mu bakomoka kuri Rehabiya, abavuye ku bahungu biwe: umukuru wabo yari Isihiya.

22 Mu bakomoka kuri Izihari: umukuru wabo yari Shelomoti;

mu bakomoka kuri Shelomoti: umukuru wabo yari Yahati.

23 Mu bakomoka kuri Heburoni:

Yeriya ni we yari mukuru, uwa kabiri ni Amariya, uwa gatatu ni Yahaziyeli, uwa kane na we ni Yekamiyami.

24 Mu bakomoka kuri Uziyeli: umukuru wabo yari Mika;

mu bakomoka kuri Mika: umukuru wabo yari Shamiri.

25 Umuvukanyi wa Mika: yari Isihiya.

Mu bamukomokako, Zakariya ni we yari mukuru.

26 Mu bakomoka kuri Merari: abakuru babo bari Mahuli na Mushi.

Mu bakomoka kuri Yayaziya: umukuru wabo yari Beno.

27 Mu bakomoka kuri Merari:

Kuva kuri Yayaziya: abakuru babo bari Beno, Shohamu, Zakuri na Iburi.

28 Mu bakomoka kuri Mahuli: umukuru wabo yari Eliyazeri, naho atigeze aronka abahungu.

29 Mu bakomoka kuri Kishi: umukuru wabo yari Yerahimeyeli.

30 Ku bakomoka kuri Mushi: abakuru babo bari Mahuli, Ederi na Yerimoti.

Abo bari Abalewi, nk’uko imiryango yabo yari iri.

31 Na ho nyene barakoresheje ubupfindo, nk’uko benewabo bakomoka kuri Aroni babikoze, imbere y’umwami Dawidi na Sadoki, Ahimeleki, n’abakuru b’amazu y’abaherezi n’Abalewi. Inzu zikomoka ku muvukanyi mukuru zafatwa co kimwe n’inzu zikomoka kuri mutoya muri bo.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-