1 Umuhungu w’imfura wa Isirayeli yari Reyubeni. Ariko kubera yahumanije uburiri bwa se mu kuryamana n’umwe mu bagore biwe, vyatumye ukuba samuragwa kwiwe guhabwa bene Yosefu mwene Isirayeli. Ico ni co catumye atandikwa mu rukurikirane rw’intonde z’imfura. 2 Kandi naho Yuda ari we yarusha inkomezi bene se, kandi uwuganza akaba yavuye mu muryango wiwe, uburenganzira bwo kuba samuragwa bwahawe Yosefu. 3 Bene Reyubeni, imfura ya Isirayeli, ni:
Hanoki, Palu, Hezironi na Karumi.
4 Abakomoka kuri Yoweli ni:
Shemaya, Gogi,
Shimeyi, 5 Mika,
Reyaya, Bayali,
6 Beyera, uwo Tigulati-Pilineseri umwami w’i Ashuri yajanye nk’inyagano. Beyera yari umukuru w’umuryango w’Abareyubeni.
7 Abakuru b’inzu mu muryango wabo, banditswe hakurikijwe uru rukurikirane:
Yeyiyeli umukuru wabo, Zakariya, 8 hamwe na Bela mwene Azazi, mwene Shema, umuhungu wa Yoweli.
Baba mu ntara iva ahitwa Aroweri igashika i Nebo n’i Bayali-Meyoni. 9 Mu buseruko, baba mu gice gishika hafi y’ubugaragwa bugarukira ku ruzi Efurate, kuko imikuku yabo yari yaragwiririye i Gileyadi.
10 Ku ngoma y’umwami Sawuli bagwanije Abahaguri, barabanesha; baca bigarurira aho Abahaguri bahora baba ari yo ntara yose iri mu buseruko bw’i Gileyadi.
11 Abagadi bahana urubibe n’Abareyubeni ahitwa Bashani, gushika i Saleka:
12 Yoweli ni we yari umukuru wabo, Shafamu akaba icegera ciwe, hagakurikira Yanayi na Shafati b’i Bashani.
13 Abo mu miryango yabo, nk’uko amazu yabo yari ari, bari:
Mikayeli, Meshulamu, Sheba, Yorayi, Yakani, Ziya na Eberi, bose bari indwi.
14 Aba ni bo bari bene Abihayili mwene Huri, mwene Yarowa, mwene Gileyadi, mwene Mikayeli, mwene Yeshishayi, mwene Yahido, mwene Buzi.
15 Ahi mwene Abudiyeli, mwene Guni, ni we yari umukuru w’umuryango wabo.
16 Abagadi baba i Gileyadi, i Bashani n’ibigwati vyahegukira, hamwe n’uburagiro bwose bw’i Sharoni iyo bwashika hose.
17 Abo bose banditswe mu bitabu vy’intonde ku ngoma ya Yotamu umwami w’i Buyuda na Yerobowamu umwami w’Ubwisirayeli.
18 Abareyubeni, Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase bari bafise ingabo zingana ibihumbi mirongo ine na bine n’amajana indwi na mirongo itandatu biteguye kuja ku rugamba, bize ivyo kugwana bashobora gukoresha inkinzo n’inkota, bashobora no gukoresha umuheto, bigishijwe ivy’intambara. 19 Baja gutera Abahaguri b’i Yeturi, Nafishi n’i Nodabu. 20 Muri iyo ntambara bizigira Imana barayambaza ngo ibafashe, maze yumva ugusenga kwabo, itanga Abahaguri n’ababafasha mu maboko yabo. 21 Banyaga imikuku y’Abahaguri: ingamiya ibihumbi mirongo itanu, intama ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu n’indogoba ibihumbi bibiri; bongera bajana abantu ibihumbi ijana nk’inyagano. 22 Abansi benshi bagwa mu ntambara, kuko Imana ari yo yariko irabagwanya. Baca bibera muri ico gihugu gushika mu gihe bajanwa nk’inyagano.
23 Abakomoka ku gice c’umuryango wa Manase bari benshi; baba mu ntara y’i Bashani gushika i Bayali-Herumoni, ari ho Seniri.
24 Aba ni bo bari abakuru b’inzu zigize uwo muryango: Eferi, Ishi, Eliyeli, Aziriyeli, Yeremiya, Hodaviya na Yahudiyeli. Bari abahizi bazi kugwana, ba rurangiranwa, bakaba abakuru b’inzu zigize uwo muryango wabo. 25 Ariko ntibubaha Imana ya ba sekuruza baca bifatanya n’ibigirwamana vy’abantu b’ico gihugu, abo Imana yirukanye imbere yabo. 26 Maze Imana ya Isirayeli ikangura umutima wa Puli umwami w’i Ashuri: uwo ni we Tigulati-Pilineseri umwami w’i Ashuri, aca atwara nk’inyagano Abareyubeni, Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase. Abajana i Halahi, Habori, Hara no ku ruzi rw’i Gozani, aho bagumye kugeza n’ubu.