1 Mu gihe imvura yaba itanguye kugabanuka hakaza ici, ni ho abami bahora baja mu ntambara. Yowabu arongora ingabo, aja gutera igihugu c’Abamoni arakinesha; ariko Dawidi yigumira i Yerusalemu. Yowabu yugariza igisagara c’i Raba arakinesha, agihindura umusaka. 2 Dawidi amaze gushika afata urugori rw’ubwami rwari ku mutwe w’umwami waho, asanga rupima italanto imwe y’inzahabu, kandi rwari rusharijwe n’utubuye tw’agaciro, baca barwambika Dawidi. Atwara iminyago myinshi akuye muri ico gisagara, 3 atwara n’abantu bo muri ico gisagara, abashingira ibikebere, bamwe baba abasatura imbaho, abandi bagakoresha amasipiri n’incabiti. Dawidi abigenza atyo mu bisagara vyose vy’Abamoni. Hanyuma Dawidi n’ingabo zose basubira i Yerusalemu.
4 Hanyuma y’ivyo, havyuka intambara hagati y’Abisirayeli n’Abafilisitiya, ibera ahitwa Gezeri. Muri ico gihe Sibekayi Umuhushati yica Sipayi, umwe mu bakomoka ku Barefayimu, kandi Abafilisitiya baraneshwa.
5 Mu yindi ntambara bagwana n’Abafilisitiya, Eluhanani mwene Yayiro yica Lahimi umuvukanyi wa Goliyati w’i Gati, uruti rw’icumu ryiwe rwangana n’umuhini.
6 Kandi mu yindi ntambara yabereye i Gati, hari umugabo munini cane yari afise intoke zitandatu ku kiganza cose n’amano atandatu ku kirenge cose; vyose hamwe vyari mirongo ibiri na bine. Na we nyene yakomoka kuri Rafa. 7 Atanguye gucokora Abisirayeli, Yonatani mwene Shimeya, yavukana na Dawidi, aramwica.
8 Abo bari abakomoka kuri Rafa w’i Gati, kandi bishwe na Dawidi n’abantu biwe.