Publicidade

1 Crônicas 12

Abagwanyi bashigikiye Dawidi mu ntambara

1 Aba ni bo bagiye kwifatanya na Dawidi ari i Zikulagi, igihe yari yahunze Sawuli mwene Kishi: ni bo bamufashije urugamba; 2 bari bafise imiheto kandi bari bazi kurasa imyampi canke guteresha amabuye umugozi bakoresheje ukuryo canke ukubamfu; bari Ababenyamini bo mu muryango wa Sawuli:

3 Ahiyezeri umukuru wabo na Yowashi bene Shemaya Umunyagibeya;

Yaziyeli na Peleti bene Azumaveti;

Beraka, Yehu Umwanatoti, 4 na Ishimaya Umunyagibeyoni, umugabo w’inkomezi yari muri bamwe murongo itatu, akaba n’umukuru wabo;

Yeremiya, Yahaziyeli, Yohanani, Yozabadi w’i Gedera, 5 Eluzayi, Yerimoti, Beyaliya, Shemariya na Shefatiya Umuharufi;

6 Elukana, Isishiya, Azareli, Yowezeri na Yashobeyamu Abakorahi;

7 na Yowela na Zebadiya bene Yerohamu w’i Gedori.

8 Bamwe mu bakomoka kuri Gadi bava kuri Sawuli baja kwifatanya na Dawidi aho yari yinyegeje mu bugaragwa. Bari abahizi b’inkomezi, biteguriye kugwana kandi bazi gukoresha inkinzo n’icumu. Mu maso habo hari hateye ubwoba nk’ah’intambwe, kandi banyaruka nk’ingeregere iyo ziruka ku misozi.

9 Ezeri ni we yari umukuru wabo,

Obadiya akaba icegera ciwe, Eliyabu akaba uwa gatatu,

10 Mishumana uwa kane, Yeremiya uwa gatanu,

11 Atayi uwa gatandatu, Eliyeli uw’indwi,

12 Yohanani uw’umunani, Elizabadi uw’icenda,

13 Yeremiya uw’icumi, Makubanayi na we uw’icumi na rimwe.

14 Abo Bagadi bari abakuru b’ingabo; uwa nyuma mu nkomezi yashobora kugwana n’abantu ijana, umunyenkomezi kurusha abandi na we yashobora kugwana n’abantu igihumbi. 15 Abo ni bo bajabutse Yorodani mu kwezi kwa mbere igihe rwari rwuzuye rwarenze inkombe, baca bakinagiza abantu bose baba mu biyaya vyaho babashwiragiriza mu buseruko no mu burengero bw’urwo ruzi.

16 Abandi Babenyamini na bamwe mu Bayuda na bo baraza bifatanya na Dawidi aho yari yinyegeje. 17 Dawidi arasohoka ahura na bo maze arababwira ati: "nimwaba muzanywe n’amahoro, no kumfasha, nditeguye kwifatanya namwe. Ariko nimwaba muzanywe no kungurisha ku bansi banje kandi ata kibi kinyagira, Imana ya ba sogokuruza nibibone hanyuma ibacire urubanza."

18 Maze Mpwemu aza kuri Amasayi, yarongora bamwe mirongo itatu, aravuga ati:

"Turi abawe, yewe Dawidi!

Turi kumwe nawe, yewe mwene Isayi!

Gira amahoro no kuroranirwa,

n’abagushigikiye bose batere baja imbere,

kuko Imana yawe igushigikiye."

Nuko Dawidi arabakira abagira abakuru b’abagwanyi biwe.

19 Bamwe mu bakomoka kuri Manase bava mu ngabo za Isirayeli baja kwifatanya na Dawidi igihe yajana n’Abafilisitiya kugwanya Sawuli. We n’abantu biwe ntibafashije Abafilisitiya kuko abatware b’Abafilisitiya bamaze kugira inama, baciye bamusubiza inyuma. Bavuze bati: "Hamwe yokwihindukiza agasubiza hamwe na shebuja Sawuli, twohasiga agatwe." 20 Igihe Dawidi yari asubiye i Zikulagi, ni ho abakomoka kuri Manase baja kwifatanya na we, ari bo: Adina, Yozabadi, Yediyayeli, Mikayeli, Yozabadi, Elihu na Ziletayi. Umwe wese yari arongoye umugwi w’ingabo igihumbi mu Bamanase. 21 Bafasha Dawidi kugwanya abansi biwe, kuko bari abagwanyi b’abahizi, kandi bari abakuru b’ingabo mu ngabo ziwe. 22 Ku musi ku musi abantu baguma baza kwifatanya na Dawidi, gushika aho yagize ingabo nyinshi, nk’ingabo z’Imana.

Abandi bifatanije na Dawidi i Heburoni

23 Ibi ni vyo bitigiri vy’ingabo zambaye ibigwanisho ziteguriye kuja ku rugamba zaje kuri Dawidi i Heburoni kugira ngo zimuhe ubwami bwari ubwa Sawuli, nk’uko Uhoraho yari yaravuze:

24 Abo mu muryango wa Yuda, haje ibihumbi bitandatu n’amajana umunani biteguriye kuja ku rugamba bitwaje amacumu n’inkinzo.

25 Abo mu muryango wa Simeyoni, haje abagwanyi biteguriye kuja ku rugamba, ibihumbi indwi n’ijana;

26 Abo mu muryango wa Lewi, haje ibihumbi bine n’amajana atandatu, 27 harimwo na Yehoyada, umukuru w’umuryango wa Aroni, yari afise abantu ibihumbi bitatu n’amajana indwi arongoye, 28 hamwe na Sadoki, umugwanyi w’umuhizi akiri muto, yazananye n’abakuru b’ingabo mirongo ibiri na babiri, bo mu muryango wiwe.

29 Abo mu muryango wa Benyamini, ari wo muryango wa Sawuli, haje ibihumbi bitatu benshi muri bo bari bagumye bayoboka inzu ya Sawuli gushika ico gihe.

30 Abo mu muryango wa Efurayimu, abagwanyi b’abahizi, ba rurangiranwa mu nzu zabo, haje ibihumbi mirongo ibiri n’amajana umunani.

31 Abo mu gice c’umuryango wa Manase, co mu burengero bwa Yorodani batowe baravye amazina yabo ngo baje kwimika Dawidi, bose hamwe bari ibihumbi cumi n’umunani.

32 Abo mu muryango wa Isakari, bari abantu bazi kugenzura ibihe kandi bagatahura ico Abisirayeli bategerezwa gukora, baje ari amajana abiri, hamwe n’abagenzi babo batwara.

33 Abo mu muryango wa Zebuloni, abasoda bamenyereye ivy’intambara kandi biteguriye kuja ku rugamba no gukoresha ibigwanisho vy’uburyo bwose, ngo bafashe Dawidi n’umutima wabo wose, haje ibihumbi mirongo itanu.

34 Abo mu muryango wa Nafutali, baje ari igihumbi, bari abakuru b’ingabo ibihumbi mirongo itatu n’indwi batwara inkinzo n’amacumu.

35 Abo mu muryango wa Dani, biteguye kuja mu rugamba, baje ari ibihumbi mirongo ibiri n’umunani n’amajana atandatu.

36 Abo mu muryango wa Asheri, abasoda bamenyereye ivy’intambara kandi biteguriye kuja ku rugamba, baje ari ibihumbi mirongo ine.

37 Abaje bava hakurya ya Yorodani, ahaba abakomoka kuri Reyubeni, Gadi n’igice c’umuryango wa Manase, bari ibihumbi ijana na mirongo ibiri bambaye ibigwanisho vy’uburyo bwose.

38 Abo bagwanyi bose baje bafise umutima umwe kandi ukunze kugira ngo bimike Dawidi abe umwami wa Isirayeli.

Mbere n’abandi Bisirayeli bose basigaye baremeza ko Dawidi ari we akwiye kubabera umwami. 39 Abo bantu bamara imisi itatu bari kumwe na Dawidi, barya banywa, kuko imiryango yabo yari yabagemuriye. 40 Vyongeye, n’abo hirya no hino gushika no mu Bisakari, Abazebuloni no mu Banafutali baraza bazanye ivyokurya ku ndogoba, ku ngamiya, ku nyumbu, no ku nka. Hariho n’ibintu vyinshi bigizwe n’ifu, n’insukoni zikaranze, inzabibu zikaranze, umuvinyu, amavuta, inka n’intama, kuko hari umunezero mwinshi mu Bisirayeli.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-