1 Maze bazana ya Sandugu y’Imana bayinjiza muri rya hema Dawidi yari yarayiteguriye, hanyuma batanga ibimazi biturirwa n’umuriro hamwe n’ivy’ishimwe imbere y’Uhoraho. 2 Ahejeje gutanga ivyo bimazi biturirwa n’umuriro n’ivy’ishimwe, ahezagira abantu mw’izina ry’Uhoraho. 3 Aca aha Umwisirayeli wese, yaba umugabo canke umugore, umukate, inyama n’akandi gakate gakozwe mu nzabibu.
4 Aca atoranya bamwe mu Balewi ngo bakorere imbere y’Isandugu y’Uhoraho, bambaze, bashime, bahimbaze Uhoraho, Imana y’Abisirayeli: 5 Asafu ni we yari umukuru, Zakariya akaba uwa kabiri, hanyuma Yeyiyeli, Shemiramoti, Yehiyeli, Matitiya, Eliyabu, Benaya, Obedi-Edomu na Yeyiyeli. Bari bashinzwe kuvuza amakembe n’inanga, Asafu akavuza ivyuma bisama, 6 Benaya na Yahaziyeli abaherezi na bo bakavuza inzamba uko igihe cagenywe gishitse imbere y’Isandugu y’Isezerano y’Imana.
7 Kuri uwo musi Dawidi ashinga ubwa mbere Asafu n’abo bari bafatanije ngo baririmbe iyi ndirimbo yo gutanga ishimwe k’Uhoraho:
8 Nimuhimbaze Uhoraho, mwamamaze izina ryiwe;
mumenyekanishe mu mahanga ivyo yakoze.
9 Nimumuririmbire, mumuhimbaze;
muvuge ibikorwa vyiwe bihambaye.
10 Mwirate izina ryiwe ryera;
imitima y’abarondera Uhoraho inezerwe.
11 Nimurondere Uhoraho n’inkomezi ziwe;
mwame murondera mu nyonga hiwe.
12 Nimwibuke ibitangaza yakoze,
utwumiza, n’imanza yaciye;
13 Yemwe ruvyaro rwa Isirayeli, umusavyi wayo;
yemwe bene Yakobo, abo yatoranije.
14 Uhoraho ni we Mana yacu;
imanza ziwe ziri mw’isi yose.
15 Nimwibuke isezerano ryiwe ibihe vyose,
n’ijambo yasezeranye, gushika ku runganwe rugira igihumbi,
16 Isezerano yagiranye na Aburahamu,
indahiro yarahiye Isaka.
17 Yararyemeje kuri Yakobo nk’itegeko,
no kuri Isirayeli nk’isezerano ry’intahava ngo:
18 "Nzoguha igihugu c’i Kanani,
kibe umugabane wawe uzoragwa."
19 Igihe bari bakiri inkehwa gusa,
mbere ari inkehwa vy’ukuri, kandi ari inyambukira muri co,
20 Bagenda bangara bava mu gihugu baja mu kindi,
bava mu bwami baja mu bundi.
21 Ntiyakundira umuntu n’umwe kubacinyiza;
ku bwabo yakankamiye abami ati:
22 "Ntimukore ku bo narobanuje amavuta;
ntimugirire nabi abavugishwa banje."
23 Yemwe abari mw’isi mwese, muririmbire Uhoraho,
mwamamaze agakiza kiwe uko bukeye,
24 Muvuge ivy’icubahiro ciwe mu mahanga yose,
n’ibitangaza yakoze mu moko yose.
25 Kuko Uhoraho ahambaye kandi abereye gushimwa;
akwiye kwubahwa kuruta ibigirwamana vyose.
26 Kuko imana zose z’amahanga ari ibigirwamana,
ariko Uhoraho yaremye amajuru.
27 Ubwiza n’icubahiro biri imbere yiwe;
inkomezi n’umunezero biri mu ngoro yiwe.
28 Nimwemere Uhoraho, yemwe miryango yose yo mu mahanga,
mwemere ko Uhoraho afise icubahiro n’inkomezi.
29 Nimuhe Uhoraho icubahiro kibereye izina ryiwe; Muzane ishikanwa, mushike mu birimba vyiwe.
Musenge Uhoraho muri mu bwiza bw’ukwera kwiwe.
30 Yemwe abari mw’isi mwese, muhindire agashitsi imbere yiwe!
Isi irashimangiye; ntishobora kunyiganyizwa.
31 Ijuru nirinezerwe, isi nihimbarwe;
nibivuge mu mahanga yose biti: "Uhoraho araganje!"
32 Ikiyaga nikibomborane, n’ibiri muri co vyose;
imirima yose nivyine, n’ibiri muri yo vyose!
33 Maze ibiti vyo mw’ishamba bizoririmba.
Bizoririmbishwa n’umunezero mu nyonga z’Uhoraho,
kuko aje gucira isi urubanza.
34 Nimushime Uhoraho kuko ari mwiza;
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.
35 Nimutakambe muti: "Dukize, yewe Mana y’agakiza kacu;
twegeranye udukure mu mahanga,
kugira ngo dushime izina ryawe ryera,
twongere tuguhimbaze."
36 Uhoraho, Imana ya Isirayeli, ahimbazwe
Uhereye ibihe bidashira ukageza ibihe bidashira.
Maze abantu bose baritabira bati: "Amen"; bongerako bati: "Dutazire Uhoraho."
37 Dawidi aca ashinga ko Asafu n’abo bari kumwe imbere y’Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho bazoguma aho bayikorera imisi yose, nk’uko vyari bitegekanijwe ku musi ku musi. 38 Ashinga ko Obedi-Edomu mwene Yedutuni, na Hosa, n’abandi Balewi mirongo itandatu n’umunani, baba abarinzi b’irembo.
39 Dawidi ashinga ko Sadoki umuherezi na bagenzibe b’abaherezi bama imbere y’ihema ry’Uhoraho ku mpinga y’umusozi i Gibeyoni 40 ngo bashikanire Uhoraho ibimazi vyo guturirirwa ku gicaniro bashikanirako ibimazi vyo ku musi ku musi, nk’uko vyanditswe mu Vyagezwe Uhoraho yahawe Abisirayeli. 41 Abandi bari kumwe na bo ni Hemani na Yedutuni n’abandi bose bari baratoranijwe uko amazina yabo ari ngo bashime Uhoraho bavuga bati: "Kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira." 42 Hemani na Yedutuni bari bashinzwe kuvuza inzamba n’ivyuma bisama no kuvuza ibindi bicurarangisho mu kuririmba indirimbo z’Imana. Bene Yedutuni bahabwa igikorwa co gucungera irembo.
43 Nuko abantu bose barataha, umwe wese aja iwe, Dawidi na we asubira iwe ahezagira umuryango wiwe.