Publicidade

1 Crônicas 8

Ba sekuruza ba Sawuli Umubenyamini

1 Benyamini yari afise imfura yitwa Bela,

umuhungu wiwe wa kabiri akitwa Ashibeli, uwa gatatu na we akitwa Ahara,

2 uwa kane ni Noha, uwa gatanu ni Rafa.

3 Bene Bela bari:

Adari, Gera, Abihudi, 4 Abishuwa, Namani, Ahowa, 5 Gera, Shefufani na Huramu.

6 Aba ni bo bakomoka kuri Ehudi, bari abakuru b’amazu y’ababa i Geba bajanywe ari inyagano i Manahati:

7 Abahungu ba Ehudi bari Namani, Ahiya, na Gera. Uwo Gera ni we yabajane ari inyagano, kandi ni we yari se wa Uza na Ahihudi.

8 Hari abahungu Shaharayimu yavyariye i Mowabu amaze kwirukana abagore biwe Hushimi na Bayara. 9 Ku mugore wiwe Hodeshi yavyaye Yobabu, Zibiya, Mesha, Malukamu, 10 Yewuzi, Sakiya na Miruma. Abo bari abahungu biwe, bakaba abakuru b’amazu. 11 Kuri Hushimi yavyaye Abitubi na Elupayali.

12 Bene Elupayali ni:

Eberi, Mishamu, Shemedi (ari we yubatse i Ono n’i Lodi n’ibigwati bihakikije), 13 na Beriya na Shema, bari abakuru b’amazu y’ababa i Ayaloni basohoye ababa i Gati.

14 Ahiyo, Shashaki, Yeremoti, 15 Zebadiya, Aradi, Ederi, 16 Mikayeli, Ishipa na Yoha bari bene Beriya.

17 Zebadiya, Meshulamu, Hizuki, Heberi, 18 Ishimerayi, Iziliya na Yobabu bari bene Elupayali.

19 Yakimu, Zikuri, Zabudi, 20 Eliyenayi, Ziletayi, Eliyeli, 21 Adaya, Beraya na Shimurati bari bene Shimeyi.

22 Ishupani, Eberi, Eliyeli, 23 Abudoni, Zikuri, Hanani, 24 Hananiya, Elamu, Antotiya, 25 Ifideya na Penuweli bari bene Shashaki.

26 Shamusherayi, Shehariya, Ataliya, 27 Yayareshiya, Eliya, na Zikuri bari bene Yerohamu.

28 Abo bose bari abakuru b’amazu, baganza nk’uko vyanditswe mu rutonde rwerekana ingene abantu bagenda bararondoka, kandi baba i Yerusalemu.

29 Se wa Gibeyoni yaba i Gibeyoni.

Umugore wiwe yitwa Mayaka, 30 kandi imfura yiwe yari Abudoni, agakurikirwa na Zuri, Kishi, Bayali, Neri, Nadabu, 31 Gedori, Ahiyo, Zekeri 32 na Mikuloti, yari se wa Shimeya. Na bo nyene babana n’abo mu miryango y’iwabo i Yerusalemu.

33 Neri yari se wa Kishi, Kishi se wa Sawuli, Sawuli se wa Yonatani, Maluki-Shuwa, Abinadabu na Eshibayali.

34 Mwene Yonatani, ni

Meribu-Bayali, na we akaba yavyaye Mika.

35 Bene Mika, ni

Pitoni, Meleki, Tareya na Ahazi.

36 Ahazi yari se wa Yehoyada, Yehoyada yari se wa Alemeti, Azimaveti na Zimuri, Zimuri na we akaba se wa Moza. 37 Moza yari se wa Bineya, Bineya ni se wa Rafa, Rafa se wa Eleyasa, Eleyasa se wa Azeli.

38 Azeli yari afise abahungu batandatu, kandi aya ni yo mazina yabo:

Azurikamu, Bokeru, Ishimayeli, Sheyariya, Obadiya na Hanani. Abo bose bari bene Azeli.

39 Abahungu b’umuvukanyi wiwe Esheki bari:

Ulamu imfura yiwe, Yewushi uwa kabiri, na Elifeleti uwa gatatu. 40 Bene Ulamu bari abahizi mu ntambara bashobora kurasisha umuheto. Bari bafise abahungu benshi, n’abuzukuru benshi bashika ijana na mirongo itanu bose.

Abo bose bakomoka kuri Benyamini.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-