1 Hanyuma y’ivyo, Nahashi umwami w’Abamoni arapfa, maze umuhungu wiwe amusubirira ku ngoma. 2 Dawidi ariyumvira ati: "Nzogirira neza Hanuni mwene Nahashi, kuko se yangiriye neza." Nuko Dawidi atuma intumwa ngo zije kugarukira kuri Hanuni kuko yari yabuze se.
Ba bantu ba Dawidi bashitse kwa Hanuni mu gihugu c’Abamoni kumwirura, 3 abaganwa b’Abamoni babwira Hanuni bati: "Wibaza ko Dawidi yubashe so mu kukurungikira abantu ngo bakugarukireko? Abantu biwe ubwo ntibazanywe no kugenzura igihugu no kuraba ingene kimeze ngo baze bagitere?" 4 Nuko Hanuni afata ba bantu ba Dawidi, abamwa umushatsi, asatura impuzu zabo uhereye aho itako ritangurira, aca arabarungika.
5 Haza abantu babwira Dawidi ivyashikiye abo bagabo, aca arungika intumwa ngo zihure na bo, kuko bari buzuye ibiteterwe. Umwami abatumako ati: "Nimugume i Yeriko gushika aho ubwanwa bwanyu buzokurira, hanyuma muze mubone kugaruka."
6 Abamoni babonye ko bakoze ikintu giteye isoni imbere ya Dawidi, Hanuni n’Abamoni baca barungika italanto igihumbi z’ifeza i Aramu-Naharayimu, Aramu-Mayaka n’i Zoba kugira ngo babahe imikogote n’abayikoresha mu ntambara. 7 Bakotesha ibihumbi mirongo itatu na bibiri vy’imikogote n’abayigwanisha, hamwe n’umwami w’i Mayaka n’ingabo ziwe, baraza bacumbika hafi y’i Medeba, Abamoni na bo bariko barasohoka mu bisagara vyabo baja gutonda urugamba.
8 Dawidi avyumvise, aca arungika Yowabu n’ingabo zose zizi kugwana. 9 Abamoni baragenda batonda urugamba kw’irembo ry’igisagara, abami bari baje na bo bari ku musozi inyuma y’igisagara.
10 Yowabu abona ko urugamba rumuturutse imbere n’inyuma; aca atoranya bamwe mu ngabo z’indobanurwa mu Bisirayeli abarungika ngo bagwanye Abarameya. 11 Abasigaye abazeza murumunawe Abishayi ngo abatware, aca abatuma kugwanya Abamoni. 12 Yowabu amubwira ati: "Abarameya nibandusha inkomezi, uce uza kuntabara; ariko Abamoni nibakurusha inkomezi, ndagutabara. 13 Nureme kandi tugwane rugabo, tugwanire ihanga ryacu n’ibisagara vy’Imana yacu. Uhoraho ari bukore ivyo abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe."
14 Maze Yowabu n’ingabo bari kumwe baragenda ngo bagwane n’Abarameya, na bo barabahunga. 15 Abamoni babonye ko Abarameya bariko barahunga, na bo nyene baca bahunga murumunawe Abishayi binjira mu gisagara. Maze Yowabu aca yisubirira i Yerusalemu.
16 Abarameya babonye ko baneshejwe n’Abisirayeli, batumako abandi Barameya bo hakurya y’uruzi Efurate, barongowe na Shofaki umukuru w’ingabo za Hadadezeri.
17 Dawidi avyumvise, akoranya Abisirayeli bose bajabuka Yorodani; batonda urugamba ngo babagwanye. Dawidi atondesha ingabo ngo zihangane n’Abarameya, na bo baraza bagwana na we. 18 Ariko Abarameya bahunga Abisirayeli, kandi Dawidi yica ibihumbi indwi mu bagwanira ku mikogote n’ibihumbi mirongo ine vy’abagwanira ku maguru. Yica na Shofaki umukuru w’ingabo zabo.
19 Abari barongowe na Hadadezeri babonye ko baneshejwe n’Abisirayeli, baca bisaba Dawidi bemera kuba abagurano biwe.
Maze Abarameya ntibasubira kwiyumvira gutabara Abamoni.