1 Aba ni bo bahungu Dawidi yavyariye i Heburoni:
imfura yiwe ni Amunoni, nyina yari Ahinowamu w’i Yezireyeli;
uwa kabiri ni Daniyeli, nyina yari Abigayili w’i Karumeli;
2 uwa gatatu ni Abusalomu, nyina yari Mayaka umukobwa wa Talumayi umwami w’i Geshuri;
uwa kane ni Adoniya, nyina yari Hagiti;
3 uwa gatanu, Shefatiya, nyina yari Abitali;
n’uwa gatandatu, Itureyamu, uwo yavyaranye n’umugore wiwe Egula.
4 Abo uko ari batandatu ni bo Dawidi yavyariye i Heburoni, aho yamaze imyaka indwi n’amezi atandatu ari umwami.
Imyaka Dawidi yamaze ari umwami i Yerusalemu ni mirongo itatu n’itatu, 5 kandi aba ni bo bana yavyariye i Yerusalemu:
Shimeya, Shobabu, Natani na Salomo. Abo uko ari bane yabavyaranye na Batisheba umukobwa wa Amiyeli.
6 Hariho na Ibuhari, Elishama, Elifeleti, 7 Nogahu, Nefegi, Yafiya, 8 Elishama, Eliyada na Elifeleti, bose hamwe bari icenda.
9 Abo bose ni bo bari bene Dawidi, udashizemwo abo yavyaranye n’incoreke ziwe. Kandi Tamari ni we wenyene yari mushiki wabo.
10 Abakomoka kuri Salomo ni Rehobowamu
umuhungu wiwe, Abiya
umuhungu wiwe, Asa
umuhungu wiwe, Yehoshafati
11 umuhungu wiwe, Yoramu
umuhungu wiwe, Ahaziya
umuhungu wiwe, Yowashi
12 umuhungu wiwe, Amaziya
umuhungu wiwe, Azariya
umuhungu wiwe, Yotamu
13 umuhungu wiwe, Ahazi
umuhungu wiwe, Hezekiya
umuhungu wiwe, Manase
14 umuhungu wiwe, Amoni
umuhungu wiwe na Yosiya umuhungu wiwe.
15 Abagiye ku ngoma inyuma ya Yosiya ni aba:
imfura yiwe Yohanani,
umuhungu wiwe wa kabiri Yehoyakimu,
umuhungu wiwe wa gatatu Zedekiya,
umuhungu wiwe wa kane Shalumu ari we Yehowahazi,
16 Abagiye ku ngoma inyuma ya Yehoyakimu ni aba:
umuhungu wiwe Yehoyakini ari we Yekoniya
hamwe n’umuhungu wiwe Zedekiya.
17 Abo mu ruvyaro rwa Yehoyakini yajanywe ari inyagano ni:
umuhungu wiwe Sheyalutiyeli, 18 Malukiramu, Pedaya, Shenazari, Yekamiya, Hoshama na Nedabiya.
19 Bene Pedaya ni:
Zerubabeli na Shimeyi.
Bene Zerubabeli ni:
Meshulamu na Hananiya. Shelomiti yari mushiki wabo. 20 Hariho n’abandi batanu ari bo: Hashuba, Oheli, Berekiya, Hasadiya na Yushabu-Hesedi.
21 Abakomoka kuri Hananiya ni:
Pelatiya na Yeshaya, n’abahungu ba Refaya, ba Arunani, ba Obadiya n’aba Shekaniya.
22 Abakomoka kuri Shekaniya ni:
Shemaya n’abahungu biwe: Hatushi, Igali, Bariya, Neyariya na Shafati, bose bari batandatu.
23 Bene Neyariya ni:
Eliyowenayi, Hezekiya na Azirikamu, bose bari batatu.
24 Bene Eliyowenayi ni:
Hadoviya, Eliyashibu, Pelaya, Akubu, Yohanani, Delaya na Anani bose, bari indwi.