Publicidade

1 Crônicas 11

Dawidi aba umwami w’Abisirayeli

1 Abisirayeli bose bakoranira i Heburoni aho Dawidi yari ari bamubwira bati: "Twebwe turi umubiri wawe n’amaraso yawe. 2 Kandi kera, mbere n’igihe Sawuli yari umwami, ni wewe warongora Abisirayeli mu ntambara. Kandi Uhoraho Imana yawe yarakubwiye ati: ‘Uzoba umwungere w’abantu banje b’Abisirayeli, kandi uzoba umutware wabo.’ "

3 Abakuru bose b’Abisirayeli baja kuraba umwami Dawidi i Heburoni, aca agirana na bo isezerano aho nyene i Heburoni imbere y’Uhoraho, baca bamurobanuza amavuta baramwimika ngo abe umwami w’Abisirayeli, nk’uko Uhoraho yari yarabisezeranye abicishije kuri Samweli.

Dawidi afata i Yerusalemu

4 Dawidi n’Abisirayeli bose baja i Yerusalemu ari ho hitwa Yebusi. Abayebusi baba ngaho 5 babwira Dawidi bati: "Ntuzoshobora kwinjira ngaha." Ariko Dawidi yigarurira igice c’ahitwa Siyoni hazitijwe impome zikomeye, ari ho haciye hitwa Igisagara ca Dawidi.

6 Dawidi yari yavuze ati: "Umuntu wese azoba uwa mbere mu gutera Abayebusi akahafata azoca aba umukuru w’ingabo." Yowabu mwene Zeruwiya aduga ubwa mbere, aca ahabwa kuba umukuru w’ingabo.

7 Dawidi aca ashira ikirimba ciwe aho hantu hazitiye kuri uwo musozi, haca hitwa Igisagara ca Dawidi. 8 Yubaka igisagara hirya no hino y’ikirimba, uhereye ku musezero w’ahitwa Milo ugashika ku ruzitiro. Ico gihe Yowabu yariko arasanura ahandi hose hasigaye h’ico gisagara. 9 Maze Dawidi arushaho kuba uwuhambaye, kuko Uhoraho Mushoboravyose yari kumwe na we.

Abahizi ba Dawidi

10 Aba ni bo bari abakuru mu bahizi ba Dawidi; abo hamwe n’Abisirayeli bose, baterereye mu gushigikira ingoma yiwe kugira ngo ikwire mu gihugu cose, nk’uko Uhoraho yari yarabisezeranye. 11 Uru ni rwo rutonde rw’abahizi ba Dawidi:

Yashobeyamu, wo mu muryango wa Hakumoni, yari umukuru yaganza abacungera ubuzima bw’umwami. Ni we yicishije icumu ryiwe abantu amajana atatu mu mwanya umwe.

12 Yakurikirwa na Eliyazeri mwene Dodayi Umwahohi, yari umwe muri bamwe batatu b’abahizi mu ntambara. 13 Yari kumwe na Dawidi i Pasi-Damimu mu ntambara y’Abafilisitiya. Urugamba rwabereye mu murima w’ingano, hanyuma ingabo z’Abisirayeli zihunga Abafilisitiya; 14 ariko Eleyazari na Dawidi bobo bahagarara hagati muri uwo murima barawugwanira, bica Abafilisitiya, Uhoraho abaha intsinzi ikomeye.

15 Batatu bo muri abo bahizi mirongo itatu baramanuka basanga Dawidi aho yari ari mw’isenga ry’ibuye i Adulamu. Ico gihe umugwi w’Abafilisitiya wari ucumbitse mu kiyaya c’i Refayimu. 16 Dawidi yari mu kinyegero, kandi umuce w’ingabo z’Abafilisitiya wari i Betelehemu. 17 Dawidi yumva agomba amazi, maze aca avuga ati: "Ese icompa hakagira uwunzanira amazi yo kunywa yo kw’iriba riri kw’irembo ry’i Betelehemu!" 18 Nuko bamwe batatu baragenda, baca hagati mu ngabo z’Abafilisitiya, bavoma ayo mazi kw’iriba ryari hafi y’irembo ry’i Betelehemu bayashira Dawidi. Ariko Dawidi yanka kuyanywa; ayasesa hasi imbere y’Uhoraho. 19 Avuga ati: "Imana indinde gukora ikintu nk’ico! Mbega noshobora kunywa amaraso y’aba bantu bahevye amagara yabo?" Kuko bari bahevye amagara yabo mu kuja kumuzanira ayo mazi, bituma yanka kuyanywa.

Ivyo vyagaragaje ubutwari bw’abo batatu b’abahizi mu ntambara.

20 Abishayi mwene nyina wa Yowabu yari umukuru wa bamwe batatu. Yishe abantu amajana atatu akoresheje icumu ryiwe, bituma aba rurangiranwa nka bamwe batatu. 21 Yahawe icubahiro kiruta ica bamwe mirongo itatu maze aca aba umukuru wabo, n’aho atari umwe muri bamwe batatu.

22 Benaya mwene Yehoyada yari umugwanyi w’umuhizi yava i Kabuzeyeli, kandi yakoze ibihambaye. Yishe abahizi babiri baruta abandi mu ngabo z’Abanyamowabu. Umusi umwe shelegi iriko iragwa, amanuka mu rwobo, yica intambwe. 23 Ni we yishe Umunyegiputa yari afise ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’igihagararo. Naho uwo Munyegiputa yari afise mu minwe icumu rikwikiye mu ruti rungana n’umuhini, Benaya yagiye kumugwanya afise inkoni, amushikura rya cumu mu minwe, aba ari ryo amwicisha. 24 Ivyo ni vyo bikorwa vy’ubuhizi Benaya mwene Yehoyada yakoze; na we nyene yari rurangiranwa nka bamwe batatu. 25 Yari afise icubahiro kuruta bamwe mirongo itatu, ariko ntiyari uwo muri bamwe batatu. Maze Dawidi aca amugira umukuru w’abacungera umutekano wiwe.

26 Abo bahizi bari

Asaheli murumuna wa Yowabu,

Eluhanani mwene Dodo w’i Betelehemu,

27 Shamoti Umuharori,

Helezi Umupeloni,

28 Ira mwene Ikeshi w’i Tekowa,

Abiyezeri w’i Anatoti,

29 Sibekayi Umuhushati,

Ilayi Umwahohi,

30 Maharayi w’i Netofati,

Heledi mwene Bayana w’i Netofati,

31 Itayi mwene Ribayi w’i Gibeya mu Bubenyamini,

Benaya w’i Piratoni,

32 Hurayi wo mu bihomoka vy’i Gayashi,

Abiyeli Umwarubati,

33 Azumaveti Umubaharumi,

Eliyaba Umushaluboni,

34 Bene Hashemi Umugizoni,

Yonatani mwene Shageye Umuharari,

35 Ahiyamu mwene Sakari Umuharari,

Elifali mwene Uri,

36 Heferi Umumekerati,

Ahiya Umupeloni,

37 Heziro w’i Karumeli,

Nayari mwene Ezubayi,

38 Yoweli yavukana na Natani,

Mibari mwene Haguri,

39 Zeleki Umwamoni,

Naharayi Umuberoti, uwatwaza Yowabu mwene Zeruwiya ibigwanisho,

40 Ira w’i Ituri,

Garebu w’i Ituri,

41 Uriya Umuheti,

Zabadi mwene Ahilayi,

42 Adina mwene Shiza Umureyubeni, yari umukuru w’Abareyubeni, na ba bandi mirongo itatu bari kumwe na we,

43 Hanani mwene Mayaka,

Yoshafati w’i Mituni,

44 Uziya w’i Ashuterati,

Shama na Yeyiyeli bene Hotamu w’i Aroweri,

45 Yediyayeli mwene Shimuri,

umuvukanyi wiwe Yoha Umutizi,

46 Eliyeli Umumahawi,

Yeribayi na Yoshaviya bene Elunayami,

Ituma Umunyamowabu,

47 Eliyeli, Obedi na Yayasiyeli w’i Mezobayi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-