1 Igihe Dawidi yari ashaje ageze mu zabukuru, yaciye yimika umuhungu wiwe Salomo ngo abe umwami w’Abisirayeli.
2 Akoranya abakuru barongoye abandi mu Bisirayeli, hamwe n’abaherezi n’Abalewi. 3 Abalewi bafise imyaka mirongo itatu n’iyirenga baraharurwa, maze igitigiri cabo bose gishika ku bantu ibihumbi mirongo itatu n’umunani. 4 Dawidi avuga ati: "Muri aba, ibihumbi mirongo ibiri na bine baze barongore abandi mu bikorwa vyo mu Ngoro y’Uhoraho, abandi ibihumbi bitandatu na bo baze babe abakuru n’abacamanza. 5 Ibihumbi bine baze bazezwe kurinda irembo maze ibindi bihumbi bine baze babe abo guhimbaza Uhoraho n’ibicurarangisho nateguye ku bw’ico gikorwa."
6 Dawidi aca agabura Abalewi mu migwi nk’uko bene Lewi bari bari: Gerishoni, Kohati na Merari.
7 Abo mu Bagerishoni bari:
Ladani na Shimeyi.
8 Bene Ladani ni:
umukuru wabo Yehiyeli, Zetamu na Yoweli, bose hamwe bari batatu.
9 Bene Shimeyi ni:
Shelomoti, Haziyeli na Harani, bose hamwe bari batatu.
Abo ni bo bari abakuru b’inzu mu muryango wa Ladani.
10 Kandi bene Shimeyi bari:
Yahati, Ziza, Yewushi na Beriya.
Abo ni bo bari bene Shimeyi, bose bari bane.
11 Yahati yari imfura Ziza akaba uwa kabiri, ariko Yewushi na Beriya ntibavyaye abahungu benshi; ni co gituma baharuwe nk’umuryango umwe bahabwa n’igikorwa kimwe.
12 Bene Kohati ni:
Amuramu, Izihari, Heburoni na Uziyeli, bose bari bane.
13 Bene Amuramu ni:
Aroni na Mose.
Aroni aratoranywa, we n’uruvyaro rwiwe ibihe bidashira, ngo bazezwe ibintu vyose vyejejwe, bashikane ibimazi imbere y’Uhoraho, bakorere imbere yiwe bongere bahezagire abantu mw’izina ryiwe ibihe bidashira. 14 Bene Mose umuntu w’Imana baharuwe nk’abo mu muryango wa Lewi.
15 Bene Mose ni:
Gerishomu na Eliyezeri.
16 Abo mu ruvyaro rwa Gerishomu:
umukuru wabo yari Shubayeli.
17 Abakomoka kuri Eliyezeri:
umukuru wabo yari Rehabiya.
Eliyezeri nta bahungu yari afise, ariko bene Rehabiya bari benshi.
18 Bene Izihari:
umukuru wabo yari Shelomiti.
19 Bene Heburoni:
umukuru yari Yeriya, uwa kabiri akaba Amariya, uwa gatatu akaba Yahaziyeli, uwa kane akaba Yekameyamu.
20 Bene Uziyeli:
umukuru wabo yari Mika, Isihiya akaba uwa kabiri.
21 Bene Merari:
Mahuli na Mushi.
Bene Mahuli:
Eliyazeri na Kishi.
22 Eliyazeri yapfuye ata bahungu avyaye: yari afise abakobwa gusa. Bene sewabo, bene Kishi, ni bo babarongoye.
23 Bene Mushi:
Mahuli, Ederi na Yeremoti, bose bari batatu.
24 Abo ni bo bakomoka kuri Lewi nk’uko amazu yabo yari ari: abakuru b’amazu bari banditswe hakurikijwe urutonde rw’amazina yabo. Umuntu wese yaharuwe yaba amaze imyaka mirongo ibiri canke irenga kugira ngo akore mu ngoro y’Uhoraho. 25 Kuko Dawidi yari yaravuze ati: "Ko Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, yemeye guha impore abantu biwe kandi ko yaje akaba i Yerusalemu ibihe vyose, 26 Abalewi ntibagikeneye kurerura ihema canke ibikoresho na bimwe bikoreshwa muri ryo." 27 Nk’uko vyari vyarashinzwe na Dawidi mu misi yiwe ya nyuma, Abalewi bari baharuwe kuva ku bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga.
28 Ico Abalewi bari bashinzwe kwari ugufasha bene Aroni mu bikorwa vyo mu ngoro y’Uhoraho: ibikorwa vyo mu rugo, ivyo mu vyumba, guhumanura ivyera vyose no gutunganya ibindi bikorwa vyo mu Ngoro y’Imana. 29 Bari bashinzwe ya mikate yategerezwa kwama ishirwa ku meza, ifu y’indobanurwa itangwako amashikanwa y’ifu, imitsima itarimwo umwambiro, gukaranga no kuvanga, hamwe no gupima urugero rw’ikintu cose. 30 Bategerezwa guhagarara uko bukeye bashimira Uhoraho bamuhimbaza no ku mugoroba bagakora uko nyene, 31 n’igihe cose abantu baje gushikanira Uhoraho ibimazi vyo guturirwa ku masabato no ku misi mikuru y’ukwezi gutashe hamwe no ku misi mikuru yashinzwe. Bategerezwa gukorera imbere y’Uhoraho ubudasiba hakurikijwe igitigiri c’abakenewe muri bo kandi nk’uko bari bategetswe kubikora.
32 Uko ni ko Abalewi bakora ivyo bashinzwe gukora mw’Ihema ry’Ibonaniro, ivyerekeye Ahera, barongowe n’ab’iwabo bo mu ruvyaro rwa Aroni, bagakora ivyo mu Ngoro y’Uhoraho.