1 Dawidi amaze gushika neza mu ngoro iwe, abwira Natani uwavugishwa n’Imana ati: "Ehe raba, jewe mba mu nzu yubatswe n’ibiti vy’amasederi, nayo Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho iba mw’ihema."
2 Natani yishura Dawidi ati: "Ivyo wiyumvira gukora vyose, genda ubikore kuko Imana iri kumwe nawe."
3 Ariko muri iryo joro, ijambo ry’Imana riza kuri Natani riti:
4 "Genda ubwire umusavyi wanje Dawidi uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Si wewe uzonyubakira inzu yo kubamwo. 5 Sinigeze mba mu nzu kuva igihe nakuriye Abisirayeli muri Egiputa gushika uwu musi. Namye nimuka mva mu kibanza kimwe nja mu kindi, nkibera mw’ihema. 6 Ahantu hose nimukiye ndi kumwe n’Abisirayeli bose, hari aho nigeze mbwira umutware n’umwe mu barongozi nabahaye ngo baragire ubwoko bwanje nti: Ni kuki mutanyubakira inzu mu biti vy’amasederi?’
7 None rero, genda ubwire umusavyi wanje Dawidi uti: Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: nagukuye mu bwungere aho waragira intama, ndagutoranya ngo ube uwuganza abantu banje b’Abisirayeli. 8 Nabanye nawe aho wagiye hose, kandi naherengeteje abansi bawe imbere yawe. None ngira nkuze izina ryawe ribe nk’amazina y’abahambaye bo kw’isi. 9 Kandi nzoha abantu banje b’Abisirayeli aho kuba, ndabateragire ahantu hatekanye ngo bagire inzu yabo bwite, aho batazokwongera kuburagizwa. Abansi babo ntibazosubira kubacinyiza nk’uko bahora babigira kera, 10 canke nk’uko bamye babikora uhereye igihe nashiraho abacamanza bo kurongora abantu banje b’Abisirayeli. Kandi nzocisha bugufi abansi bawe bose.
Kandi ikirenze kuri ivyo, ndakumenyesheje ko ari Uhoraho azokwubakira inzu. 11 Imisi yawe niyashira ugahamvya ba sogokuruza, nzohagurutsa uwo mu ruvyaro rwawe wo kugusubirira ku ngoma, umwe wo mu bahungu bawe wivyariye, kandi nzokomeza ubwami bwiwe. 12 Uwo ni we azonyubakira ingoro, nanje nzokomeza ingoma yiwe ibihe bidashira. 13 Nzomubera se, na we azombera umwana. Kandi sinzokwigera ndamukurako urukundo rwanje, nka kurya narukuye ku wo wasubiriye ku ngoma. 14 Nzomuzeza inzu yanje n’ubwami bwanje ibihe vyose; intebe y’inganji yiwe izokwama ihangamye ibihe bidashira."
15 Nuko Natani aragenda ashikiriza Dawidi ayo majambo yose y’uko guhishurirwa.
16 Nuko umwami Dawidi arinjira yicara imbere y’Uhoraho, maze avuga ati:
"Jewe ndi iki, yewe Uhoraho Nyeninganji, kandi n’umuryango wanje wari iki, ko wanshikanye aha hose? 17 Kandi nk’aho umenga ivyo vyose ntivyari bihagije mu nyonga zawe ga Mana, warongeyeko uvuga ivya kazoza k’inzu y’umusavyi wawe. Wewe Uhoraho Mana, wandavye nk’uko umenga ndi hejuru y’abandi bose.
18 Mbega jewe Dawidi ikindi novuga ni iki ku vy’icubahiro wampaye jewe umusavyi wawe? Kuko urazi umusavyi wawe, 19 yewe Uhoraho. Wakoze iki kintu gihambaye, wongera umenyesha amasezerano yawe ahambaye nk’uko wabigomvye.
20 Nta n’umwe asa nawe Uhoraho, kandi nta yindi Mana atari wewe, nk’uko twavyiyumviye n’amatwi yacu. 21 Kandi ni irihe hanga kw’isi yose rimeze nk’abantu bawe b’Abisirayeli; ihanga wewe Imana wihagurukiye ukaja gucungura kugira ngo ribe iryo wiharije; kandi kugira ngo wiheshe icubahiro, ugakora ibihambaye biteye ubwoba, ukirukana amahanga imbere y’abantu bawe wacunguye ukabakura muri Egiputa? 22 Wahinduye abantu bawe b’Abisirayeli kuba abo wiharije ibihe vyose, kandi nawe Uhoraho, wahindutse Imana yabo.
23 None rero, Uhoraho, ivyo wasezeraniye umusavyi wawe n’inzu yiwe uze ubikomeze kugeza ibihe vyose. Uze ukore nk’uko wasezeranye, 24 kugira ngo bishike kandi izina ryawe ribe irihambaye ibihe bidashira. Maze abantu bazovuge bati: ‘Uhoraho Mushoboravyose, Imana iganza Abisirayeli, ni yo Mana y’Abisirayeli!’ Kandi n’inzu y’umusavyi wawe Dawidi izokomerera imbere yawe.
25 Ewe Mana yanje, wahishuriye umusavyi wawe ko uzomwubakira inzu. Ni co catumye umusavyi wawe nterwa intege zo kugusenga. 26 None rero Uhoraho, uri Imana! Wasezeraniye umusavyi wawe ibi vyiza bingana bityo. 27 Vyaguhimbaye guha umugisha inzu y’umusavyi wawe, ngo izohore iri imbere yawe ibihe vyose; kuko ubwawe, yewe Uhoraho wayihezagiye, kandi izokwama ihezagiwe ibihe vyose."