Publicidade

1 Crônicas 13

Bimura Isandugu y’Isezerano yari i Kiriyati-Yeyarimu

1 Dawidi avugana n’abakuru barongoye abandi, abarongoye imice y’ingabo igihumbi n’abarongoye imice y’ingabo ijana. 2 Maze abwira Abisirayeli bose ati: "Nivyaba bibahimbaye kandi ari ubugombe bw’Uhoraho Imana yanyu, reka dutume intumwa ku bari kure n’abari hafi benewanyu bari mu bice vyose vya Isirayeli, no ku baherezi n’Abalewi bari kumwe na bo mu bisagara vyabo n’uburagiro bwavyo, baze bafatanye natwe. 3 Tugende tugarukane iwacu Isandugu y’Imana yacu, kuko tutigeze tuvyitaho ku ngoma ya Sawuli." 4 Ikoraniro ryose riremera ko bakora uko, kuko abantu bose babonye ko ari vyiza.

5 Nuko Dawidi akoranya Abisirayeli bose, kuva ku ruzi Shihori ari ko kagezi ka Egiputa gushika i Lebo-Hamati, ngo baje kuzana Isandugu y’Imana yari i Kiriyati-Yeyarimu. 6 Dawidi n’Abisirayeli bose bajana na we i Bayala h’i Buyuda, ari ho Kiriyati-Yeyarimu, kugira ngo bakureyo isandugu y’Uhoraho Imana, ivyagiye hagati y’abakerubi, isandugu yitirirwa rya Zina.

7 Bakura isandugu y’Imana mu nzu kwa Abinadabu iri ku mukogote mushasha, Uza na Ahiyo bayoboye uwo mukogote. 8 Dawidi n’Abisirayeli bose bariko bariginagura imbere y’Imana n’inkomezi zabo zose, baririmba bavuza inanga, amakembe, udushako tw’ingoma, inzumbete n’ibindi bicurarangisho.

9 Bashitse ku mbuga yo kugosorerako ya Kidoni, Uza agorora ukuboko kwiwe ngo asame iyo sandugu, kuko impfizi zikwega uwo mukogote zari zitsitaye. 10 Uhoraho ashavurira cane Uza, maze aramukubita arapfa kuko akoze kuri iyo sandugu. Nuko aca apfira ngaho nyene imbere y’Imana.

11 Maze Dawidi arashavura kuko Uhoraho yarakiye Uza. Aca yita aho hantu Perezi-Uza, bisigura "gushavurira Uza"; kandi ni ko hacitwa kugeza n’uno musi.

12 Dawidi aca atinya Imana kuri uwo musi, maze arabaza ati: "Mbega noshobora nte kuzana Isandugu y’Imana iwanje?" 13 Ntiyatwara iyo Sandugu ngo ije mu Gisagara ca Dawidi, ariko aca ayikebereza mu nzu kwa Obedi-Edomu w’i Gati. 14 Iyo Sandugu y’Imana iguma mu nzu kwa Obedi-Edomu no mu muryango wiwe amezi atatu, maze Uhoraho ahezagira umuryango wa Obedi-Edomu n’ivyo ari atunze vyose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-