Publicidade

1 Crônicas 15

Isandugu y’Isezerano yimurirwa i Yerusalemu

1 Dawidi amaze kwubaka inyubakwa ziwe mu Gisagara ca Dawidi, aca ategura ikibanza c’Isandugu y’Imana, ayishingira ihema. 2 Maze Dawidi aravuga ati: "Nta muntu n’umwe atari Umulewi akwiye guterura Isandugu y’Imana, kuko Uhoraho yabatoranirije kurerura iyo Sandugu yiwe no kwama bamukorera bari imbere yiwe ibihe bidashira."

3 Dawidi akoranya Abisirayeli bose i Yerusalemu ngo badugane Isandugu y’Uhoraho bayizane mu kibanza yari yayiteguriye.

4 Ahamagara abo mu ruvyaro rwa Aroni n’Abalewi:

5 Abo mu nzu ya Kohati,

Uriyeli umukuru wabo hamwe na benewabo ijana na mirongo ibiri;

6 abo mu nzu ya Merari,

Asaya umukuru wabo hamwe na benewabo amajana abiri na mirongo ibiri;

7 abo mu nzu ya Gerishomu,

Yoweli umukuru wabo hamwe na benewabo ijana na mirongo itatu;

8 abo mu nzu ya Elizafani,

Shemaya umukuru wabo hamwe na benewabo amajana abiri;

9 abo mu nzu ya Heburoni,

Eliyeli umukuru wabo hamwe na benewabo mirongo umunani;

10 abo mu ya Uziyeli,

Aminadabu umukuru wabo hamwe na benewabo ijana na cumi na babiri.

11 Hanyuma Dawidi atumako Sadoki na Abiyatari abaherezi, na Uriyeli, Asaya, Yoweli, Shemaya, Eliyeli na Aminadabu Abalewi. 12 Arababwira ati: "Ni mwebwe bakuru b’inzu zigize umuryango w’Abalewi; mwebwe na bagenzi banyu b’Abalewi nimwiyeze kugira ngo muje kudugana Isandugu y’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, muyizane mu kibanza nayitunganirije. 13 Kubera yuko, mwebwe Abalewi, mutayireruye ca gihe ni co catumye Uhoraho Imana yacu aturakira. Ntitwamusiguje ngo atubwire uko yavuze bizohora bikorwa." 14 Nuko abaherezi n’Abalewi bariyeza kugira ngo baje kudugana Isandugu y’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli. 15 Kandi Abalewi barerura Isandugu y’Imana iri ku biti bibiri biteruwe n’abantu bane ku bitugu vyabo, nk’uko Mose yari yarabitegetse yisunze ijambo ry’Uhoraho.

16 Dawidi abwira abakuru bo mu Balewi ngo batoranye muri bagenzi babo b’abaririmvyi abo kuririmba indirimbo z’umunezero, bavuza n’ibicurarangisho: amakembe, inanga n’udushako tw’ingoma.

17 Maze Abalewi batoranya Hemani mwene Yoweli; mu bavukanyi biwe, Asafu mwene Berekiya; no muri benewabo b’Abamerari, Etani mwene Kushaya; 18 bari kumwe na benewabo bo ku rwego rwa kabiri: Zakariya, Yayaziyeli, Shemiramoti, Yehiyeli, Uni, Eliyabu, Benaya, Mayaseya, Matitiya, Elifelehu, Mikuneya, Obedi-Edomu na Yeyiyeli, abarinzi b’irembo.

19 Abacuraranzi Hemani, Asafu na Etani bavuza ivyuma vy’imiringa; 20 Zakariya, Aziyeli, Shemiramoti, Yehiyeli, Uni, Eliyabu, Mayaseya na Benaya bacuraranga amakembe mw’ijwi ryitwa alamoti, 21 nayo Matitiya, Elifelehu, Mikuneya, Obedi-Edomu, Yeyiyeli na Azaziya bavuza inanga, mw’ijwi ryitwa Sheminite. 22 Kenaniya umukuru w’Abalewi yari arongoye abaririmvyi, kuko yari umuhinga muri vyo.

23 Berekiya na Elukana bari abarinzi b’urugi rw’ihema ry’isandugu. 24 Shebaniya, Yoshafati, Netaneli, Amasayi, Zakariya, Benaya na Eliyezeri abaherezi bari bashinzwe kuvuza inzamba imbere y’Isandugu y’Imana. Obedi-Edomu na Yehiya na bo nyene bari bashinzwe kurinda umuryango w’isandugu.

25 Nuko Dawidi n’abakuru bose b’Abisirayeli n’intwazangabo zirongoye ingabo igihumbihumbi, bagenda kudugana Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho bayikura mu nzu kwa Obedi-Edomu, bari n’umunezero mwinshi. 26 Kandi kubera ko Imana yafashije Abalewi bari bareruye iyo Sandugu y’Isezerano y’Uhoraho, baciye batanga ibimazi vy’amashuri y’inka indwi n’amapfizi y’intama indwi. 27 Muri ico gihe Dawidi yari yambaye ikanzu yera derere, co kimwe n’Abalewi bose bari bareruye iyo Sandugu, n’abaririmvyi, na Kenaniya umukuru w’imigwi y’abaririmvyi; kandi Dawidi yari yambaye na efodi yera. 28 Nuko Abisirayeli bose badugana iyo Sandugu y’Isezerano y’Uhoraho batera akamo k’umunezero, bavuza inzamba zikozwe mu mahembe y’intama n’inzumbete, n’ivyuma bivuzwa bigasama, bavuza n’amakembe n’inanga.

29 Maze Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho yinjiye mu Gisagara ca Dawidi, Mikali umukobwa wa Sawuli abirabira mw’idirisha. Abonye umwami Dawidi atamba yiginagura, amugayira mu mutima.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-