1 Bene Isakari ni:
Tola, Puwa, Yashubi na Shimuroni, bose bari bane.
2 Bene Tola ni:
Uzi, Refaya, Yeriyeli, Yahimayi, Ibusami, na Samweli, abakuru b’inzu zabo. Ku ngoma ya Dawidi, abakomoka kuri Tola bari mu runganwe rw’abagwanyi b’abahizi bari ibihumbi mirongo ibiri na bibiri n’amajana atandatu.
3 Abakomoka kuri Uzi ni:
Izirahiya.
Abakomoka kuri Izirahiya ni:
Mikayeli, Obadiya, Yoweli na Ishiya. Uko ari batanu bari abakuru b’amazu. 4 Ukurikije urutonde rw’ingene bagiye bararondoka, bari bafise abantu ibihumbi mirongo itatu na bitandatu biteguriye kuja ku rugamba, kubera bari bafise abagore n’abahungu benshi.
5 Abo mu nzu zigize umuryango wa Isakari bari mu runganwe rw’abagwanyi b’abahizi, bose hamwe bari ibihumbi mirongo umunani n’indwi.
6 Bene Benyamini batatu ni:
Bela, Bekeri na Yediyayeli.
7 Bene Bela ni:
Eziboni, Uzi, Uziyeli, Yerimoti na Iri, abakuru b’imiryango: bose bari batanu. Urutonde rw’abari mu runganwe rwo gushobora kuja mu rugamba bari ibihumbi mirongo ibiri na bibiri na mirongo itatu na bane.
8 Bene Bekeri ni:
Zemira, Yowashi, Eliyezeri, Eliyowenayi, Omuri, Yeremoti, Abiya, Anatoti na Alemeti. Abo bose bari bene Bekeri. 9 Urutonde rwabo, hakurikijwe ingene urunganwe rwagenda rurakurikirana n’urundi, rwerekana abakuru b’amazu agize uwo muryango, abagwanyi b’inkomezi, ibihumbi mirongo ibiri n’amajana abiri.
10 Mwene Yediyayeli ni:
Biluhani.
Bene Bilihani ni:
Yewushi, Benyamini, Ehudi, Kenayana, Zetani, Tarushishi na Ahishahari. 11 Abahungu bose bene Yediyayeli bari abakuru b’amazu agize uwo muryango wabo. Hari ibihumbi cumi n’indwi n’amajana abiri vy’ingabo biteguriye kuja ku rugamba.
12 Shupimu na Hupimu bakomoka kuri Iri, Hushimu na we agakomoka kuri Aheri.
13 Bene Nafutali ni:
Yahuziyeli, Guni, Yezeri na Shalumu, bakomoka kuri Biluha.
14 Abakomotse kuri Manase ni:
Asiriyeli akomoka kuri we yamuvyaranye n’incoreke yiwe y’Umwaramukazi. Ni we yavyaye Makiri se wa Gileyadi. 15 Makiri aronderera umugore Hupimu na Shupimu. Mushikiwe yitwa Mayaka. Uwundi akomoka kuri we ni Zelofehadi, yavyaye abakobwa gusa. 16 Mayaka Muka Makiri yavyaye umuhungu amwita Pereshi. Umuvukanyi wiwe yitwa Shereshi, kandi abahungu biwe bari Ulamu na Rakemu.
17 Mwene Ulamu ni:
Bedani.
Abo ni bo bari bene Gileyadi mwene Makiri, mwene Manase.
18 Mushikiwe Hamoleketi yavyaye Ishihodi, Abiyezeri na Mahila.
19 Bene Shemida bari:
Ahiyani, Shekemu, Likihi na Aniyamu.
20 abakomoka kuri Efurayimu ni:
Shutela, umuhungu wiwe Beredi
umuhungu wiwe Tahati, umuhungu wiwe Eleyada,
umuhungu wiwe Tahati, 21 umuhungu wiwe Zabadi,
n’umuhungu wiwe Shutela.
Ezeri na Eladi bishwe n’imvukira z’i Gati, igihe bamanuka ngo bazinyage imikuku yazo. 22 Sewabo Efurayimu yabagandariye imisi myinshi, maze incuti ziwe ziraza ziramuremesha. 23 Maze yongera kuryamana n’umugore wiwe, aca asama inda, avyara umwana w’umuhungu. Se aca amwita Beriya, kuko mu nzu yiwe hari harateye ivyago. 24 Umukobwa wiwe yari Shera, ari we yubatse Beti-Horoni y’epfo n’iya ruguru hamwe na Uzeni-Shera.
25 Ni we yavyara Refa, na we akavyara Reshefu,
na we akavyara Tela, na we akavyara Tahani,
26 na we akavyara Ladani, na we akavyara Amihudi,
na we akavyara Elishama, 27 na we akavyara Nuni,
ari we se wa Yosuwa.
28 Amatongo yabo n’ibisagara vyabo vyarimwo Beteli n’ibigwati bihakikije, Nayarani mu buseruko, Gezeri n’ibigwati vyaho mu burengero, na Shekemu n’ibigwati vyaho kubandanya gushika i Ayiya n’ibigwati vyaho. 29 Abakomoka kuri Manase bagarukira i Beti-Shani, Tanaki, Megido na Dori, hamwe n’ibisagara vyaho. Abakomoka kuri Yosefu mwene Isirayeli baba muri ivyo bisagara.
30 Bene Asheri ni:
Imuna, Ishuva, Ishuvi na Beriya. Mushiki wabo yari Sera.
31 Bene Beriya ni:
Heberi na Malukiyeli, yari se wa Biruzayiti.
32 Heberi yari se wa Yafuleti, Shomeri na Hotamu na mushiki wabo Shuwa.
33 Bene Yafuleti ni:
Pasaki, Bimuhali na Ashuvati.
Abo ni bo bari bene Yafuleti.
34 Bene Shemeri ni:
Ahi, Rohiga, Huba na Aramu.
35 Abahungu b’umuvukanyi wiwe Helemu ni:
Zofa, Imuna, Sheleshi na Amali.
36 Bene Zofa ni:
Suwa, Haruneferi, Shuwali, Beri, Imura, 37 Bezeri, Hodi, Shama, Shilusha, Itirani na Bera.
38 Bene Yeteri ni:
Yefune, Pisipa na Ara.
39 Bene Ula ni:
Ara, Haniyeli na Riziya.
40 Abo bose bakomoka kuri Asheri, bari abakuru b’inzu, abantu b’indobanurwa, abagwanyi b’abahizi kandi bakaba n’abarongozi b’intwari. Igitigiri c’abari mu runganwe rwo gushobora kuja mu rugamba, nk’uko vyari ku rutonde rw’ingene abantu bagiye bararondoka, bari ibihumbi mirongo ibiri na bitandatu.