Publicidade

1 Crônicas 18

Dawidi anesha abansi biwe

1 Inyuma y’ivyo, Dawidi atera Abafilisitiya arabanesha, maze afata Gati n’imihana ihakikije abikura mu maboko y’Abafilisitiya.

2 Dawidi arongera anesha Abanyamowabu, bacika abagurano biwe bakama bamuzanira amashikanwa yo kumwisaba.

3 Vyongeye, Dawidi agwanya Hadadezeri umwami w’i Zoba aramunesha gushika i Hamati, mu gihe Hadadezeri yari agiye gukomeza inganji yiwe mu karere k’uruzi Efurate. 4 Dawidi amunyaga imikogote igihumbi, abayigenderamwo ibihumbi indwi n’abasoda bagwanira ku maguru ibihumbi mirongo ibiri. Acagagura ibinono vy’amafarasi akwega iyo mikogote, asigaza ayo gukwega imikogote ijana gusa.

5 Maze Abaramu b’i Damasiko baja gutabara Hadadezeri umwami w’i Zoba, Dawidi abicamwo abantu ibihumbi mirongo ibiri na bibiri. 6 Aca ashinga ibirindiro i Damasiko ku mugwa mukuru w’i Siriya kandi Abaramu bacika abagurano biwe, bakama bamuzanira amashikanwa yo kumwisaba. Uhoraho yama aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.

7 Dawidi afata inkinzo z’inzahabu zari iz’intwazangabo za Hadadezeri, azijana i Yerusalemu. 8 Mu bisagara vy’i Tibuhati n’i Kuni vyari ivya Hadadezeri, Dawidi ahanyaga ubutare bwinshi bw’umwakaka, ubwo Salomo yakoresheje mu kwubaka ibesani nini y’umwakaka bita ikiyaga, inkingi n’ibindi bikoresho vyari bikozwe muri ubwo butare.

9 Maze Towu umwami w’i Hamati yumvise ko Dawidi yanesheje ingabo zose za Hadadezeri umwami w’i Zoba, 10 aca arungika umuhungu wiwe Hadoramu ku mwami Dawidi kumuramutsa no kumukeza, kuko yanesheje Hadadezeri yahora yama amugwanya. Hadoramu ajana ibikoresho vy’ubwoko bwinshi, vy’inzahabu n’ivy’ifeza n’ivy’umwakaka.

11 Umwami Dawidi aca yegurira Uhoraho ivyo bikoresho vyose, nk’uko yari yabigize ku nzahabu n’ifeza yari yakuye muri ivyo bihugu vyose ari vyo vy’Abanyedomu, Abanyamowabu, Abamoni, Abafilisitiya n’Abamaleki.

12 Abishayi mwene Zeruwiya yica Abanyedomu ibihumbi cumi n’umunani mu Kiyaya c’Umunyu. 13 Ashira ibirindiro mu gihugu ca Edomu, kandi Abanyedomu bose baca baba abagurano ba Dawidi. Uhoraho yama aha intsinzi Dawidi aho yaja hose.

Abatware bo mu bwami bwa Dawidi

14 Dawidi aganza Abisirayeli bose, akora ibibereye n’ibigororotse ku bantu biwe bose.

15 Yowabu mwene Zeruwiya ni we yari umukuru w’ingabo;

Yehoshafati mwene Ahiludi na we yari umwanditsi w’ivyaja biraba;

16 Sadoki mwene Ahitubu na Abimeleki mwene Abiyatari bari abaherezi;

Shavisha yari umunyamabanga;

17 Benaya mwene Yehoyada yari ajejwe Abakereti n’Abapeleti;

kandi abahungu ba Dawidi bari abahanuzi bakuru b’umwami.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-