Publicidade

1 Crônicas 29

Amashikanwa yo kwubaka Ingoro

1 Hanyuma umwami Dawidi abwira ikoraniro ryose ati: "Umuhungu wanje Salomo, ari we Imana yatoranije, aracari muto kandi ntabimenyereye cane. Igikorwa ni kinini, kandi iyi Ngoro si iy’umuntu ahubwo ni iy’Uhoraho Imana. 2 Nakoresheje inkomezi zanje zose mu gutegura ivyo kwubaka Ingoro y’Imana yanje: inzahabu zizokora ibikorwa vy’inzahabu, ifeza zizokoreshwa mu gukora ibikorwa vy’ifeza, imyakaka izokoreshwa mu gukora ibikorwa vy’imyakaka, ivyuma bizokoreshwa mu gukora ibikorwa bisaba ivyuma, n’ibiti bizokoreshwa mu gukora ibikorwa bisaba ibiti, n’amabuye azokoreshwa mu gukora ibikorwa bisaba amabuye yitwa onigisi yo gukora mu materanirizo, amabuye akayangana y’amabara atandukanye, n’ubwoko butandukanye bw’amabuye y’igiciro kinini hamwe na marubule; vyose ni vyinshi cane. 3 I ruhande y’ivyo, kubera ukwitangira Ingoro y’Imana yanje, ntanze ubutunzi bwanje bw’inzahabu n’ifeza ngo bibe ivy’iyo Ngoro y’Imana yanje, ndavyongeye kuri vya bindi vyose nateguriye kwubaka Ingoro y’Imana yanje birenze ku vyo nategekanije kubera iyo Ngoro yera: 4 Italanto ibihumbi bitatu z’inzahabu zavuye muri Ofiru, n’iz’ifeza ibihumbi indwi zihinguwe neza, zo guhomesha ku mpome y’iyo nyubakwa, 5 ivyo gukoreshwa mu gikorwa c’ifeza n’inzahabu, hamwe n’ibikorwa vyose bikwiye gukorwa n’abahinga. None rero ni nde agomba kwitanga uwu musi kubera Uhoraho?"

6 Maze abakuru b’imiryango igize Isirayeli, abakuru barongoye ingabo igihumbi n’abarongoye ingabo ijana, n’abakuru bashinzwe gukora i bwami batanga bavyishakiye. 7 Batanga ivyo gukoresha ku Ngoro y’Imana bingana n’italanto ibihumbi bitanu na dariki ibihumbi cumi vy’inzahabu, italanto ibihumbi cumi z’ifeza, italanto ibihumbi cumi n’umunani z’umwakaka n’italanto ibihumbi ijana z’ivyuma. 8 Umuntu wese yari afise amabuye y’igiciro arayazana ngo aje mu bubiko bw’iyo Ngoro y’Uhoraho bwari bujejwe Yehiyeli Umugerishoni. 9 Abantu baranezerwa kuko abakuru babo bemeye gukora bavyishakiye, kuko bari bashikaniye Uhoraho ata gahato kandi n’umutima ubikunze. N’umwami Dawidi aranezerwa cane.

Isengesho rya Dawidi

10 Dawidi ahimbaza Uhoraho imbere y’ikoraniro ryose, avuga ati:

"Uhimbazwe, yewe Uhoraho,

Imana ya sogokuru Isirayeli,

uhereye ibihe vyose ugashitsa ibihe vyose.

11 Ubukuru n’ububasha ni ivyawe

n’ubwiza n’icubahiro n’igitinyiro,

kuko ibiri mw’ijuru no mw’isi vyose ari ivyawe.

Ubwami ni ubwawe, yewe Uhoraho;

ushizwe hejuru nk’uganza vyose.

12 Ubutunzi n’iteka biva iwawe;

uri uwuganza vyose.

Mu ntoke zawe hari inkomezi n’ububasha

vyo gushira hejuru no gukomeza uwo ishatse wese.

13 None rero, Mana yacu, turagukengurukiye,

kandi duhimbaje izina ryawe ry’ubwiza.

14 Ariko jewe ndi iki, abantu banje bo ni iki, ngo dushobore gutanga tuvyishakiye nk’uku? Vyose biva iwawe, natwe twaguhaye ibiva mu kuboko kwawe gusa. 15 Turi inyambukira n’ingenzi mu nyonga zawe, nk’uko na ba sogokuru bacu bari bari. Imisi yacu kw’isi ni nk’igitutu, nta vyizigiro. 16 Yewe Uhoraho Mana yacu, ibi vyose twatanze ngo bize vyubake Ingoro izokwitirirwa Izina ryawe Ryera, biva mu kiganza cawe, kandi vyose ni ivyawe. 17 Ndazi, Mana yanje, ko ugera umutima kandi ko uhimbarwa n’ubugororotsi. Ibi vyose nabitanze ata gahato kandi ndavyishakiye. Kandi nezerejwe no kubona uburyo abantu bawe bari aha bagushikaniye ata gahato. 18 Yewe Uhoraho, Mana ya ba sogokuru Aburahamu, Isaka na Isirayeli, zigama iki cipfuzo mu mitima y’abantu bawe ibihe bidashira, kandi imitima yabo yame ikuyoboka. 19 Kandi uze uhe umuhungu wanje Salomo kwitanga abikunze ngo aze afate nkama ivyo wamutegetse vyose, n’ivyo wihanikirije n’amabwirizwa yawe, kandi akore vyose ngo yubake iyi Ngoro nk’uko integuro yayo nateguye imeze."

20 Maze Dawidi abwira ikoraniro ryose ati: "Muhimbaze Uhoraho Imana yanyu." Nuko bose bahimbaza Uhoraho, Imana ya ba sekuruza; bunamira Uhoraho n’umwami.

Salomo yemezwa nk’umwami

21 Bukeye bashikanira Uhoraho ibimazi bamushikanira n’ibimazi vyo gutongozwa umuriro: inka igihumbi, impfizi z’intama igihumbi n’imyagazi y’intama igihumbi, hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa bijanye, n’ibindi bimazi vyinshi vy’Abisirayeli bose. 22 Kuri uwo musi bararya kandi baranywa banezerewe cane bari imbere y’Uhoraho.

Maze baca bemeza Salomo mwene Dawidi nk’umwami ubwa kabiri, bamwimikisha amavuta imbere y’Uhoraho ngo abe umutware na Sadoki bamusiga amavuta ngo abe umuherezi. 23 Maze Salomo avyagira ku ntebe y’ubwami bw’Uhoraho nk’umwami mu gishingo ca se Dawidi. Agira ikiganza ciza kandi Abisirayeli bose baramwumvira. 24 Abakuru bose n’abanyenkomezi, n’abahungu b’umwami Dawidi bose, basezerana kuzokwumvira umwami Salomo.

25 Uhoraho ashira hejuru Salomo imbere y’Abisirayeli bose kandi amuha icubahiro ubwami bwiwe buba bwiza kurusha abami bose b’Abisirayeli bamwitangiye imbere.

Urupfu rwa Dawidi

26 Dawidi mwene Isayi yari umwami w’Abisirayeli bose. 27 Yaganje Isirayeli imyaka mirongo ine. Yamaze imyaka indwi aba i Heburoni, iyindi mirongo itatu n’itatu aba i Yerusalemu. 28 Yapfuye yisaziye, yaranezererewe kuramba, ubutunzi n’icubahiro. Umuhungu wiwe Salomo amusubirira ku ngoma.

29 Ivyabaye ku ngoma y’umwami Dawidi, kuva mu ntango gushika kw’iherezo, vyanditswe mu gitabu ca Samweli uwerekwa, mu vyanditswe vya Natani uwavugishwa n’Imana no mu vyanditswe vya Gadi uwerekwa; 30 biri kumwe n’ido n’ido ry’ivyo ku ngoma yiwe n’ububasha bwiwe, n’ivyagiye biraba mu gihe ciwe hamwe n’Abisirayeli, n’ubwami bwose bwari buhakikije.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-