Publicidade

2 Reis 15

Ivya Uziya umwami w’i Buyuda

1 Mu mwaka ugira mirongo ibiri n’indwi Yerobowamu umwami wa Isirayeli ari ku ngoma, Azariya mwene Amaziya ni ho yaba umwami w’i Buyuda. 2 Ico gihe yari afise imyaka cumi n’itandatu, hanyuma aganza imyaka mirongo itanu n’ibiri ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Yekoliya, w’i Yerusalemu. 3 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe, nk’uko se Amaziya yakora. 4 Ariko ntiyashoboye gukuraho ibibanza vyo gusengeramwo vyo ku mataba y’imisozi; abantu babandanije gushikanirayo ibimazi no gutuririraho ibimota neza.

5 Uhoraho ateza imibembe umwami gushika ku musi yapfiriyeko, kandi yaba mu kazu ka wenyene. Yotamu umwana w’umwami aca aba ari we azezwa ikirimba, yongera atwara abantu bo muri ico gihugu.

6 Ibindi vyose vyabaye ku ngoma ya Azariya hamwe n’ibindi vyose yakoze, mbega ntivyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku ngoma z’abami b’i Buyuda? 7 Azariya arapfa ahamvya ba sekuruza, ahambwa hamwe na bo mu Gisagara ca Dawidi. Umuhungu wiwe Yotamu aba ari we amusubirira ku ngoma.

Ivya Zakariya umwami wa Isirayeli

8 Mu mwaka ugira mirongo itatu n’umunani Azariya ari ku ngoma i Buyuda, ni ho Zakariya mwene Yerobowamu yaba umwami wa Isirayeli, atwarira i Samariya amezi atandatu. 9 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, nk’uko abatwaye imbere yiwe babikoze. Ntiyava mu vyaha vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakoze akanabikwegeramwo Abisirayeli.

10 Hanyuma Shalumu mwene Yabeshi arondera ingene yokwica Zakariya. Amuterera imbere y’abantu, amwiciraho, aca aramusubirira nk’umwami. 11 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Zakariya vyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku ngoma z’abami ba Isirayeli. 12 Uko ni ko ijambo ry’Uhoraho ryavugishijwe kuri Yehu ryashitse. Ryavuga riti: "Uruvyaro rwawe ruzokwicara ku ntebe y’ubwami bwa Isirayeli gushika ku runganwe rugira kane."

Shalumu umwami wa Isirayeli

13 Shalumu mwene Yabeshi yabaye umwami wa Isirayeli mu mwaka ugira mirongo itatu n’umunani Uziya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, atwarira i Samariya ukwezi kumwe. 14 Maze Menahemu mwene Gadi ava i Tiriza aduga i Samariya, atera Shalumu mwene Yabeshi, aramwica, aca aramusubirira nk’umwami.

15 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Shalumu n’ivy’abo yateguye kwica, vyanditse mu gitabu c’ivyabaye ku ngoma z’abami ba Isirayeli.

16 Ico gihe Menahemu atera Tifusa n’imihana ihegereye gushika i Tiriza, arahatikiza kuko abantu baho banse kwishikana kuri we. Yica abantu bose, afomoza n’abagore bafise inda.

Ivya Menahemu umwami wa Isirayeli

17 Mu mwaka ugira mirongo itatu n’icenda Azariya ari ku ngoma i Buyuda, Menahemu mwene Gadi ni ho yaba umwami wa Isirayeli, atwarira i Samariya imyaka cumi. 18 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, ntiyava mu vyaha vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakoze akanabikwegeramwo Abisirayeli.

19 Maze Puli umwami wa Ashuri atera igihugu ca Isirayeli, Menahemu amuha italanto igihumbi z’ifeza, kugira ngo amufashe gukomeza ubwami bwiwe, anamufashe no kuguma ku ngoma. 20 Menahemu akura ayo mahera mu butunzi bwa Isirayeli. Umutunzi wese yasabwa gutanga n’imiburiburi shekeli mirongo itanu z’ifeza zo guha umwami wa Ashuri. Maze umwami wa Ashuri ntiyaba agitera Isirayeli, ava no muri ico gihugu asubira inyuma.

21 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Menahemu, n’ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku ngoma z’abami ba Isirayeli. 22 Menahemu arahava ahamvya ba sekuruza, umuhungu wiwe Pekahiya aba ari we amusubirira ku ngoma.

Ivya Pekahiya umwami wa Isirayeli

23 Mu mwaka ugira mirongo itanu Azariya ari ku ngoma i Buyuda, ni ho Pekahiya mwene Menahemu yaba umwami wa Isirayeli, atwarira i Samariya imyaka ibiri. 24 Pekahiya akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, ntiyava mu vyaha vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakoze akanabikwegeramwo Abisirayeli. 25 Umwe mu bakuru b’intwazangabo bakuru yitwa Peka, mwene Remaliya, arondera ingene amwica. Ahitana abasoda mirongo itanu i Gileyadi bajana na we, yica Pekahiya, amwicana na Arugobu na Ariyehi abicira mu nzu imwe yo ku kirimba i Samariya. Uko ni ko Peka yishe Pekahiya aca amusubirira ku ngoma nk’umwami w’Abisirayeli.

26 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Pekahiya hamwe n’ivyo yakoze vyose vyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku ngoma z’abami ba Isirayeli.

Ivya Peka umwami wa Isirayeli

27 Mu mwaka ugira mirongo itanu na kabiri Azariya ari ku ngoma i Buyuda, ni ho Peka mwene Remaliya yaba umwami wa Isirayeli, atwara imyaka mirongo ibiri aba i Samariya. 28 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, ntiyava mu vyaha vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakoze akanabikwegeramwo Abisirayeli.

29 Ku ngoma ya Peka, umwami wa Isirayeli, Tigulati-Pileseri umwami wa Ashuri ni ho yigarurira Iyoni, Abeli-Beti-Mayaka, Yanowa, Kedeshi na Hazori. Yongera afata Gileyadi na Galilaya harimwo n’intara yose ya Nafutali, atwara n’abantu mu buja. 30 Maze Hoseya mwene Ela arondera ingene yica Peka mwene Remaliya. Aramutera aramwica, aca aba ari we amusubirira ku ngoma. Aho hari mu mwaka ugira mirongo ibiri Yotamu mwene Uziya ari ku ngoma.

31 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Peka hamwe n’ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku ngoma z’abami ba Isirayeli.

Yotamu umwami w’i Buyuda

32 Mu mwaka ugira kabiri Peka mwene Remaliya ari ku ngoma muri Isirayeli, Yotamu mwene Uziya ni ho yaba umwami w’i Buyuda. 33 Yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yimikwa ngo abe umwami, aca aganza imyaka icumi n’itandatu ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Yerusha, umukobwa wa Zadoki. 34 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza, nk’uko se Uziya yakora. 35 Ariko ntiyashoboye gukuraho ibibanza vyo gusengeramwo vyo ku mataba y’imisozi; abantu babandanije gushikanirayo ibimazi no gutuririraho ibimota neza. Yotamu ni we yasanuye Irembo ryo Haruguru y’Ingoro y’Uhoraho.

36 Ibindi vyose vyabaye ku ngoma ya Yotamu hamwe n’ivyo yakoze, mbega ntivyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku ngoma z’abami b’i Buyuda? 37 Muri ico gihe ni ho Uhoraho yatangura kuja ararungika Rezini, umwami w’i Siriya, hamwe na Peka mwene Remaliya, gutera i Buyuda. 38 Yotamu arapfa ahamvya ba sekuruza, ahambwa hamwe na bo mu Gisagara ca sekuruza Dawidi. Umuhungu wiwe Ahazi aba ari we amusubirira ku ngoma.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-