Publicidade

2 Reis 17

Hoseya umwami wa nyuma wa Isirayeli

1 Mu mwaka ugira mirongo ibiri Ahazi ari ku ngoma i Buyuda, Hoseya mwene Ela ni ho yaba umwami wa Isirayeli, atwara imyaka umunani aba i Samariya. 2 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, ariko ntiyanganya n’abami baganje imbere yiwe.

3 Shalumaneseri umwami wa Ashuri aduga gutera Hoseya, aramunesha, maze Abisirayeli bategekwa kwama batanga amashikanwa yo kwisaba menshi ku mwaka ku mwaka, bayaha Ashuri. 4 Mu nyuma umwami wa Ashuri amenya ko Hoseya ariko ararondera kumugarariza mu kurungika intumwa ku mwami So wa Egiputa, kugira ngo amufashe kwikura musi y’agacinyizo ka Ashuri. Ivyo vyatumye Shalumaneseri aca amufata amushira mw’ibohero. 5 Umwami w’i Ashuri araza atera igihugu cose ashika i Samariya, arahugariza kumara imyaka itatu. 6 Mu mwaka ugira icenda Hoseya ari ku ngoma, umwami wa Ashuri afata Samariya, atwara Abisirayeli bose mu buja, abimurira ahitwa Halahi mu ntara ya Gozani hafi y’uruzi Habori mu bisagara vy’Abamedi.

Ivyaha vyatumye Abisirayeli bajanwa nk’inyagano

7 Ivyo vyose vyabaye kw’ihanga ry’Abisirayeli kuko bacumuye k’Uhoraho Imana yabo, yabakuye muri Egiputa, musi y’ububasha bwa Farawo umwami wa Egiputa, hanyuma bagasenga izindi mana. 8 Bagendeye mu ngeso z’abanyamahanga Uhoraho yari yarirukanye imbere yabo, no mu bikorwa bibi abami ba Isirayeli bigeneye gukora. 9 Abisirayeli bakoreye mw’ibanga n’ibindi bidahimbara Uhoraho Imana yabo. Biyubakiye ibibanza vyo gusengeramwo ku misozi mu bisagara vyose kuva ku minara y’abarinzi gushika mu bisagara vyubatswe neza. 10 Biyubakira ibibanza vyo gusengeramwo vy’amabuye n’inkingi za Ashera ku misozi miremire no musi y’ibiti bininibinini. 11 Baturirira ibimota neza ku misozi nk’amahanga Uhoraho yari yarirukanye imbere yabo. Bakoze ibibi vyinshi vyatumye Uhoraho abarakira. 12 Basenze ibigirwamana, kandi Uhoraho yari yarabihanikirije ngo ntibaze bakore ikintu nk’ico. 13 Uhoraho yaburiye Isirayeli n’Ubuyuda aciye ku bavugishwa n’abateramyi biwe, avuga ati: "Nimuve mu nzira zanyu mbi. Mukurikize amategeko n’amabwirizwa yanje yose ari mu Vyagezwe, ivyo nahaye ba sogokuruza banyu nkongera nkabibaha nciye ku basavyi n’abavugishwa banje."

14 Ariko ntibamwumviye, bakomantaza imitima nka ba sekuruza, batigeze bemera kwizera Uhoraho Imana yabo. 15 Bataye amategeko yiwe hamwe n’isezerano yagiranye na ba sekuruza, hamwe n’imburi yagiye arabarungikira. Bakurikiye ibigirwamana ata co bimaze, amaherezo na bo bacika imburakimazi nka vyo. Bagendeye mu ngeso z’amahanga abakikuje, kandi Uhoraho yari yarabihanikirije ati: "Ntimuzokwigenze nk’uko bigenza," ariko bakora ivyo Uhoraho yari yarababujije.

16 Bashiburiye kure amategeko y’Uhoraho Imana yabo, bicurira ibigirwamana bibiri mw’ishusho y’impfizi, bishingira n’inkingi ya Ashera. Bunamira inyenyeri zo kw’ijuru, bongera basenga Bayali. 17 Bagera n’aho batanga abana babo nk’ibimazi ku bicaniro, bagendera mu bupfumu no kuraguza, biyegurira gukora ibibi mu nyonga z’Uhoraho, bituma uburake bw’Uhoraho bubaziriringira.

18 Uburake bw’Uhoraho ni bwo bwatumye abirukana mu nyonga ziwe, hasigara umuryango wa Yuda wonyene. 19 Ariko Abayuda na bo nyene ntibagendeye mu mabwirizwa y’Uhoraho Imana yabo. Bagendeye mu nzira z’ivyaha nk’ivy’Abisirayeli. 20 Ni ho Uhoraho yaheba Abisirayeli, akabateza ivyago, akabarekurira mu maboko y’ababanyaga utwabo gushika n’aho abomora akabakura mu nyonga ziwe.

21 Uhoraho amaze gukura Abisirayeli ku bwami bwa Dawidi, bimitse Yerobowamu mwene Nebati nk’umwami wabo. Yerobowamu akwegera Abisirayeli kure y’Uhoraho, atuma bakora ivyaha vyinshi. 22 Abisirayeli bagendera mu vyaha vya Yerobowamu, ntibigera babivamwo, 23 gushika aho Uhoraho abirukana imbere yiwe, nk’uko yari yarabivugishije abasavyi biwe bose ari bo bavugishwa. Ni co catumye Abisirayeli batwarwa nk’inyagano muri Ashuri, ari na yo bakiri gushika n’ubu.

Abanyamahanga baza kuba i Samariya

24 Maze umwami wa Ashuri azana abantu abakuye i Babiloni, i Kuta, muri Ava, muri Hamati n’i Sefaruvayimu, abashira mu bisagara vya Samariya, basubirira Abisirayeli. Nuko bigarurira Samariya n’ibisagara vyaho, babibamwo. 25 Bakihashika ntibasenga Uhoraho, bituma arungika intare zica abatari bake muri bo. 26 Maze haza intumwa ku mwami wa Ashuri imubwira iti: "Abantu watwaye ukabakwiragiza mu bisagara vy’i Samariya ntibazi ingene basenga imana yaho. Ni co gituma yarungitse intare muri bo, ubu zikaba ziri mu kubamara."

27 Maze umwami wa Ashuri aca atanga itegeko ati: "Nimufate umuherezi umwe mu bo mwazanye mu buja, mumurungike asubire i Samariya, yigishe abimukiyeyo ivyagezwe vy’imana y’ico gihugu." 28 Nuko umuherezi umwe mu bari batwawe bava i Samariya asubirayo, aba i Beteli, yigisha ababayo gusenga Uhoraho.

29 Ariko na ho nyene, imigwi itandukanye y’abanyamahanga yikorera imana zayo, mu bisagara babamwo, bashira ibigirwamana mu bibanza vyo gusengeramwo Abisirayeli bari barubatse. 30 Abari bavuye i Babiloni basenga Sukoti-Benoti, abavuye i Kuta bagasenga Nerugali, abavuye i Hamati na bo bagasenga Ashima. 31 Abari bavuye muri Awa basenga imana zabo Nibati na Tarutaki. Abari bavuye i Sefaruvayimu baturira abana babo bwite nk’ibimazi vyo gushikanira Adurameleki na Anameleki. 32 Barasenga Uhoraho ariko bashiraho n’abantu batandukanye babagira abaherezi bo gushikana ibimazi mu bibanza vyo gusengeramwo ku misozi. 33 Kandi naho basenga Uhoraho babandanije kumubangikanya no gukorera imana zabo bamwebamwe bose ukurikije ukuntu bari basanzwe babikora mu mahanga baje bavamwo.

34 Kugeza n’ubu baracashishikara iyo migenzo yabo. Ntibasenga Uhoraho canke ngo bakurikize amabwirizwa, amategeko n’Ivyagezwe Uhoraho yahaye uruvyaro rwa Yakobo, uwo yahavuye yita Isirayeli. 35 Igihe Uhoraho yagirana isezerano n’Abisirayeli, yari yababwiye ati: "Ntimuzosenge izindi mana, ngo muzipfukamire, canke ngo muzikorere, muzishikanire n’ibimazi. 36 Muzosenge Uhoraho wenyene, uwabakuje muri Egiputa ukuboko kwiwe kw’inkomezi, azobe ari we wenyene musenga. 37 Muzokwame mukurikiza Ivyagezwe, amabwirizwa n’amategeko, ntihaze hagire izindi mana musenga. 38 Ntimuzokwigere mwibagira isezerano nabagiriye, ngo musenge izindi mana. 39 Uhoraho Imana yanyu, azobe ari we musenga wenyene, kuko ari we azobakiza abansi banyu."

40 Ariko ntibamwumviye, bigumiye mu ngeso zabo za kera. 41 N’abo bantu bashasha iyo basenga Uhoraho, bamubangikanya n’ibigirwamana. Kandi gushika n’ubu, abuzukuru n’abuzukuruza babo baracakora ibikorwa nk’ivya ba sekuruza.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-