1 Ahabu yari afise abahungu mirongo indwi baba i Samariya. Maze Yehu yandika amakete ayarungika i Samariya ku bakuru b’igisagara, ku batware no ku bacungera abana ba Ahabu. Yanditse avuga ati: 2 "Abahungu b’umwami bari kumwe namwe, kandi mufise imikogote, amafarasi igisagara kizitiye, hamwe n’ibigwanisho. None rero nimwabona iri kete, 3 muce mutoranya mu bahungu ba Ahabu uwubereye kuba umwami wanyu, muheze mwitegurire kugwanira umuryango wa Ahabu."
4 Ariko baterwa n’ubwoba, bavuga bati: "Nimba abami babiri batashoboye kugwanya uwu Yehu, twebwe twoshobora kumugwanya dute?"
5 Nuko uwujejwe ikirimba ari kumwe n’umukuru w’igisagara hamwe n’abatware n’abacungera abana ba Ahabu barungikira ubutumwa Yehu bavuga bati: "Turi abasavyi bawe, tuzokora ivyo uzotubwira vyose, nta mwami twimika, nukore ivyo ubona bibereye vyose."
6 Yehu aca abarungikira amakete ubwa kabiri avuga ati: "Nimba muri ku ruhande rwanje mukiyemeza kunyubaha, Nimuce imitwe abahungu ba shobuja, muzoyinsanze i Yezireyeli ejo nk’aya mango."
Ico gihe abo bana b’umwami uko bari mirongo indwi bari kumwe n’abatware b’igisagara babaha indero y’i bwami. 7 Ayo makete abashikiriye, baca bafata ba bana b’umwami babaca imitwe bose uko ari mirongo indwi. Bashira imitwe yabo mu biseke, bayirungikira Yehu i Yezireyeli. 8 Intumwa iragenda ibarira Yehu iti: "Bazanye imitwe ya ba bana b’umwami."
Yehu na we aca ategeka ati: "Nimuyirunde mu bwinjiriro bw’igisagara, muyigumizeho gushika ejo mu gitondo."
9 Bukeye mu gatondo Yehu arasohoka, ahagarara imbere y’ikoraniro avuga ati: "Mwebwe nta caha mufise. Ni jewe nateguye kwica databuja Yoramu nongera ndabishitsa. Ariko aba bobo bishwe na nde? 10 Nimumenye ko ata jambo Uhoraho yavuze ku muryango wa Ahabu ritazoshika. Uhoraho ashikije ivyo yavuze aciye ku musavyi wiwe Eliya." 11 Hanyuma Yehu yica abo mu muryango wa Ahabu bose bari basigaye i Yezireyeli, hamwe n’abatware biwe bari bahambaye, abagenzi biwe n’abaherezi biwe, ntiyasigaza n’umwe.
12 Yehu aca arahaguruka aja i Samariya. Akiri mu nzira, ageze i Beti-Ekedi h’Abungere, 13 ahura na bamwe bo mu ncuti za Ahaziya umwami w’i Buyuda, arababaza ati: "Muri ba nde?"
Na bo bamwishura bati: "Turi incuti za Ahaziya, tugiye kuramutsa abahungu b’umwami Ahaziya hamwe n’umugabekazi."
14 Yehu aca atanga itegeko ati: "Bafatishe amaboko!" Baca barabafata babicira i ruhande y’iriba ry’i Beti-Ekedi. Abishwe bari abagabo mirongo ine na babiri. Ntiyasigaje n’uwo kuvuga inkuru.
15 Avuye aho aca ahura na Yehonadabu mwene Rekabu, yari aje kumutegera. Yehu aramuramutsa, amubaza ati: "Mbega uranyoboka nk’uko nanje ndakuyoboka?"
Yehonadabu yishura ati: "Ego cane."
Yehu amubwira ati: "Niwaba unyoboka, mpa ukuboko kwawe." Yehonadabu amuha ukuboko, na we amwuriza mu mukogote wiwe. 16 Yehu amubwira ati: "Ingo tujane, wirabire ishaka mfitiye Uhoraho." Nuko bajana muri uwo mukogote.
17 Yehu ashitse i Samariya, yica abari basigaye mu muryango wa Ahabu bose, arabatikiza nk’uko ijambo Uhoraho yabwiye Eliya ryabivuze.
18 Yehu akoranya abantu bose ababwira ati: "Ahabu yakoreye Bayali mu ntege nke, jewe Yehu nzoyikorera n’inkomezi nyinshi. 19 Nimunzanire abavugishwa ba Bayali, abakozi bayo hamwe n’abaherezi bayo bose. Murabe neza ntihagire n’umwe musiga inyuma kuko ngira mpereze Bayali ikimazi gihambaye. Uwutazoba yaje wese azokwicwa." Ariko Yehu yari afise umugambi wo kurandura abakorera Bayali bose.
20 Yehu avuga ati: "Nimutumeko ikoraniro mw’izina rya Bayali." Nuko baritumako. 21 Arungika intumwa ku bakozi ba Bayali mu gihugu cose ca Isirayeli kugira ngo baze, ntihagira n’umwe asigara inyuma. Ingoro ya Bayali yuzura abantu, uhereye imbere ugashitsa inyuma. 22 Yehu abwira uwari ajejwe kubika amakanzu ati: "Zanira amakanzu abakozi ba Bayali bose bambare." Nuko arayabazanira.
23 Yehu na Yehonadabu mwene Rekabu binjira mu ngoro ya Bayali, Yehu abarira abakozi ba Bayali ati: "Musuzume neza ntihagire umukozi w’Uhoraho yoba ari muri mwebwe, hagume abakozi ba Bayali gusa." 24 Nuko batangura gutanga ibimazi baturira n’ibimota neza. Ariko Yehu yari yasize hanze abasoda mirongo umunani abihanikirije ati: "Hakagira umuntu n’umwe abatoroka akagenda, ni mwebwe muca mwicwa mu gishingo ciwe."
25 Yehu agiheza guturira ibimota neza, aca ategeka abasoda biwe ati: "Nimwinjire mubice bose, ntihagire n’umwe abacika." Bahejeje kubicisha inkota, abakuru n’abasanzi b’iyo ngoro ya Bayali baca basohora ibiziga vyabo babita hanze, binjira mu vyumba vyo hagati rwose muri iyo ngoro. 26 Basohora inkingi yari muri iyo ngoro, iyo bashikanirako ibimazi, barayiturira. 27 Bamenagura inkingi z’amabuye za Bayali basambura n’ingoro, ihinduka inzu yo kwihagarikamwo y’abantu bose gushika n’ubu.
28 Uko ni kwo Yehu yakuyeho ugusenga Bayali muri Isirayeli. 29 Ariko ntiyavuye mu vyaha vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakwegeyemwo n’Abisirayeli mu gusenga ibigirwamana vy’impfizi z’inka bicuzwe mu nzahabu, icari i Beteli n’icari i Dani.
30 Uhoraho abarira Yehu ati: "Ko wagize neza mu gukora ibibereye mu nyonga zanje, ugashitsa ivyo nipfuza gukorera ab’inzu ya Ahabu hamwe n’ibindi vyose nipfuza gukora, uruvyaro rwawe ruzokwicara ku ntebe y’ubwami bwa Isirayeli gushika ku runganwe rugira kane." 31 Ariko Yehu ntiyitaho gukurikiza Ivyagezwe vy’Uhoraho Imana ya Isirayeli n’umutima wiwe wose. Ntiyava mu vyaha vya Yerobowamu, ivyo yakwegeyemwo n’Abisirayeli bakabikora.
32 Kuva ico gihe, Uhoraho atangura kugabanya ubunini bwa Isirayeli. Hazayeli atangura kwigarurira ibice bimwebimwe vyo mu gihugu ca Isirayeli, 33 ubuseruko bwa Yorodani harimwo Gileyadi mu ntara ya Gadi, Reyubeni na Manase, kuva Aroweri hafi y’akagezi Arunoni ugashitsa i Gileyadi n’i Bashani.
34 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Yehu, ivyo yakoze n’ivyo yashitseko, vyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku bami ba Isirayeli.
35 Yehu ahamvya ba sekuruza, ahambwa i Samariya, umuhungu wiwe Yehowahazi aba ari we amusubirira ku ngoma. 36 Imyaka Yehu yamaze atwarira i Samariya yabaye mirongo ibiri n’umunani.