1 Umusi umwe, umugwi w’abavugishwa baja kuraba Elisa bamubwira bati: "Ehe raba aha hantu twama dukoranira na wewe ni hato cane ntitukihakwirwa. 2 Reka tumanuke kuri Yorodani, umwe wese azane igiti, maze twiyubakire inzu yo gukoraniramwo."
Elisa ababwira ati: "Egome, nimugende."
3 Umwe muri bo aramubaza ati: "None wewe ntujana n’abasavyi bawe?"
Elisa ati: "Egome, turajana." 4 Nuko bamanuka kuri Yorodani, batangura kurondera ibiti vyo kwubaka.
5 Umwe muri bo ariko araca igiti, ishoka yiwe iraroka igwa mu mazi. Aca arasemerera ati: "Ndagowe mugenzi! Iyo shoka yari iyo natiye!"
6 Wa muntu w’Imana aramubaza ati: "Yakorokeye he?" Ahamweretse, Elisa aca aca agashami k’igiti agaterera aho yakorokeye, ya shoka ica irareremba ku mazi. 7 Aramubwira ati: "Yitore." Wa muntu aca atuma ukuboko arayitora.
8 Igihe umwami w’i Siriya yariko aragwana na Isirayeli, yahora abwira abasoda biwe ati: "Nzoshira amakambi y’abasoda aha n’aha."
9 Maze uwo muntu w’Imana Elisa, agaca arungika intumwa ku mwami wa Isirayeli ati: "Uze wirinde ntuce mu kibanza iki n’iki, kuko abasoda b’umwami w’i Siriya ari ho bateguye gushinga ikambi yabo." 10 Umwami wa Isirayeli na we agaca atohoza ivy’aho hantu uwo muntu w’Imana yavuze. Biba kenshi Elisa na we akama aburira umwami wa Isirayeli, kugira ngo yame agavye.
11 Ivyo bitera umwami w’i Siriya kuraka. Atumako abakuru mu ngabo ziwe zose ababaza ati: "Ni nde muri mwebwe amena amabanga? Ni nde abwira integuro zacu umwami wa Isirayeli?"
12 Umwe muri abo bakuru amwishura ati: "Nta n’umwe muri twebwe mwami nyeningoma, ariko Elisa umuvugishwa wo muri Isirayeli, ni we abwira umwami wa Isirayeli n’ijambo uvugiye ku buriri uryamako."
13 Uwo mwami na we aca ababwira ati: "Genda mubaririkize aho ari kugira ndungike abasoda kumufata." Maze baragaruka bamubwira bati: "Ari i Dotani." 14 Aca arungikayo imikogote n’amafarasi hamwe n’abasoda benshi, bagenda mw’ijoro, bakikuza igisagara.
15 Umukozi wa Elisa avyutse kare mu gatondo, arasohoka, abona abasoda benshi n’amafarasi n’imikogote, bakikuje igisagara. Wa mukozi arasemerera ati: "Karabaye databuja! Mbega tubigenza gute?"
16 Wa muvugishwa amubwira ati: "Ntugire ubwoba. Abari kumwe natwe basumba abari kumwe na bo."
17 Elisa aca asenga avuga ati: "Uhoraho we, ugurura amaso yiwe kugira ngo abone." Maze Uhoraho yugurura amaso y’uwo mukozi, yunamuye amaso abona imitumba yuzuye amafarasi n’imikogote y’umuriro bikikuje Elisa.
18 Abo bansi bakimanuka baza aho Elisa yari ari, aca arasenga avuga ati: "Uhoraho we, suka uruhumyi kuri abo bantu." Nuko Uhoraho abasukako uruhumyi nk’uko Elisa abisavye.
19 Elisa aca ababwira ati: "Mwafashe inzira itari yo, kandi n’igisagara bababwiye si iki. Nimunkurikire ndabatware ku wo murondera." Nuko aca abatwara i Samariya.
20 Bamaze kwinjira mu gisagara, Elisa asenga avuga ati: "Uhoraho we, ugurura amaso y’aba basoda kugira ngo babone." Uhoraho abugurura amaso barabona, basanga bashitse hagati mu gisagara i Samariya.
21 Umwami wa Isirayeli ababonye, abaza Elisa ati: "Data, ndabice? Uranyemereye ndabice?"
22 Aramwishura ati: "Ntubice. Wokwicisha inkota canke umuheto abantu wafatishije amaboko? Ahubwo bahe ivyokurya ubahe n’amazi, barye hanyuma basubire kwa shebuja." 23 Nuko abategurira amazimano akomeye, bahejeje kurya no kunywa aca arabarungika basubira kwa shebuja. Kuva ico gihe, imigwi y’abasuma bo muri Siriya ntiyabaye igisubira kwinjira mu gihugu ca Isirayeli.
24 Haheze igihe, Beni-Hadadi umwami w’i Siriya akoranya ingabo ziwe zose, baja kwugariza Samariya. 25 Hatera inzara ikomeye mu gisagara, imara igihe kirekire gushika aho umutwe w’indogoba wagurwa shekeli mirongo umunani z’ifeza, n’ica kane n’ingero kabu y’amase y’inuma na yo kikagurwa shekeli zitanu z’ifeza.
26 Umusi umwe umwami wa Isirayeli yariko aragendagenda ku ruzitiro, yumva umugore asemerera avuga ati: "Ntabara se mwami nyeningoma!"
27 Umwami amwishura ati: "Nimba Uhoraho atagutabaye, jewe nokura he ico kugufashisha? Nta kintu na kimwe gisigaye. Ku mbuga yo gukubitirako ingano canke mu bwato bwo kuganiramwo umuvinyu." 28 Ariko arongera amubaza ati: "Ufise ingorane nki?"
Na we amwishura ati: "Uyu mugore yambwiye ati: ‘Zana umuhungu wawe tumurye uwu musi, ejo na ho tuzorya uwanje.’ 29 Nuko uwiwanje turamuteka turamurya. Bukeye ndamubwira nti: ‘Zana umuhungu wawe na we tumurye.’ Ariko aca aramunyegeza."
30 Umwami yumvise amajambo y’uwo mugore, yitaburirako impuzu. Uko yagendagenda ku ruzitiro, abanyagisagara bose bamurabira hasi, bamubona yambaye igunira ryonyene. 31 Aravuga ati: "Imana ibimpanire, kandi bihambaye, uwu musi umutwe wa Elisa mwene Shafati niwarara ugifatanye n’ibitugu vyiwe."
32 Elisa yari yicaye i muhira iwe, ari kumwe n’abatware. Umwami aca arungika intumwa imbere yiwe, ariko bataranashika, Elisa abarira ba batware ati: "Murabona ingene uwu mwicanyi arungitse umuntu kunca umutwe! Niyashika muce mwugara umuryango, mumwugaranire hanze. Ibirenge vya shebuja ntimuvyumva inyuma yiwe?" 33 Akiriko arababwira ivyo, ya ntumwa iba irabashikiriye.
Umwami aravuga ati: "Uhoraho ni we aduteye aya magorwa yose. None noba nkimwitezeko iki?"