Publicidade

2 Reis 1

Uhoraho acira urubanza Ahaziya

1 Ahabu amaze gupfa, Abanyamowabu baca bagarariza Isirayeli.

2 Umusi umwe umwami mushasha wa Isirayeli yitwa Ahaziya akoroka aciye mw’idirisha ry’icumba ciwe co hejuru i Samariya, arakomereka cane. Aca atuma intumwa ziwe kumubariza Bayali-Zebubi, ikigirwamana co muri Ekuroni, nimba azokira ico gikomere.

3 Ariko umumarayika w’Uhoraho abarira Eliya w’i Tishubi ati: "Haguruka ugende guhura n’intumwa z’umwami w’i Samariya uzibaze uti: ‘Mbega ni kubera yuko muri Isirayeli ata Mana iriho aho muja kubaza Bayali-Zebubi, ikigirwamana c’abo muri Ekuroni?’ 4 None rero uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Aho uryamye ntuzohavyuka, nta nkeka uzopfa.’ " Nuko Eliya aragenda arabibabwira.

5 Za ntumwa zisubiye inyuma, umwami arazibaza ati: "Ni kubera iki munyarutse kugaruka?"

6 Na zo ziramwishura ziti: "Hari umugabo twahuye, atubwira ati: ‘Subira inyuma ku mwami yabarungitse mumubwire muti: Uhoraho avuze ati: Mbega aho muja kubaza Bayali-Zebubi, ikigirwamana c’abo muri Ekuroni, ni kubera yuko ata Mana iri muri Isirayeli? Ati none rero ubwo buriri uryamyeko ntuzobuvako, nta nkeka uzopfa.’ "

7 Umwami na we arababaza ati: "Uwo muntu mwahuye akababwira ivyo yari ameze gute?"

8 Bamwishura bati: "Yari umugabo yambaye umutamana w’ubwoya, akenyeje umukanda w’urusato."

Umwami aca avuga ati: "Uwo ni Eliya w’i Tishubi, nta wundi."

9 Aca arungika umukuru w’abasoda mirongo itanu hamwe n’ingabo ziwe kuja gufata Eliya. Basanga yicaye hejuru ku gasozi. Uwo mukuru w’abasoda amubwira ati: "Muntu w’Imana, umwami avuze ngo nuze tumanukane."

10 Eliya amwishura ati: "Nimba ndi umuntu w’Imana, umuriro numanuke uvuye mw’ijuru, ubatikize mwese n’abasoda bawe uko ari mirongo itanu!" Ubwo nyene umuriro uca urakoroka uvuye mw’ijuru, utongora uwo mukuru w’abasoda n’abasoda biwe bose.

11 Umwami arasubira arungika umukuru w’abasoda mirongo itanu hamwe n’izo ngabo ziwe. Uwo mukuru w’abasoda aragenda amubwira ati: "Muntu w’Imana, umwami avuze ngo umanuke vuba!"

12 Eliya amwishura ati: "Nimba ndi umuntu w’Imana, umuriro numanuke uvuye mw’ijuru, ubatikize mwese n’abasoda bawe uko ari mirongo itanu!" Ubwo nyene umuriro uca urakoroka uvuye mw’ijuru, utongora uwo mukuru w’abasoda n’abasoda biwe bose.

13 Umwami aca arongera arungika umukuru w’abasoda mirongo itanu agira gatatu hamwe n’izo ngabo ziwe. Uwo mukuru araduga, ashikira Eliya aramupfukamira, amubwira amwinginga ati: "Muntu w’Imana, ndakwinginze ugirire impuhwe amagara yanje n’ay’aba basavyi bawe mirongo itanu. 14 Raba umuriro umaze gukoroka kabiri kose utongora abakuru b’ingabo hamwe n’ingabo zabo zose. Ndakwinginze ugirire imbabazi ubuzima bwanje."

15 Umumarayika w’Uhoraho abarira Eliya ati: "Manukana na we, kandi ntugire ubwoba." Eliya aca arahaguruka amanukana na we aho umwami yari ari.

16 Ashitse aca abwira umwami ati: "Uhoraho avuze ati: ‘Mbega ni kubera yuko muri Isirayeli ata Mana iriho aho utuma intumwa kubaza Bayali-Zebubi, imana y’abo muri Ekuroni nimba uzokira? Ko wakoze ivyo, ubwo buriri uryamyeko ntuzobuvako, nta nkeka uzopfa.’ " 17 Hanyuma Ahaziya arapfa nk’uko ijambo ry’Uhoraho ryaciye kuri Eliya ryari ryavuze.

Kubera ko Ahaziya ata muhungu yari yaravyaye, mwenewabo Yoramu ni we yaciye amusubirira ku ngoma ya Isirayeli, aho hari mu mwaka ugira kabiri Yehoramu mwene Yehoshafati ari ku ngoma i Buyuda. 18 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Ahaziya n’ivyo yakoze vyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku bami ba Isirayeli.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-