1 Abisirayeli n’Abasiriya bamara imyaka itatu ata ntambara ibaye hagati yabo. 2 Ariko mu mwaka ugira kane, Yehoshafati umwami w’i Buyuda amanuka kuramutsa Ahabu umwami wa Isirayeli. 3 Umwami wa Isirayeli yari yarabwiye abatware biwe ati: "Mbega ntimuzi ko igisagara ca Ramoti Gileyadi cari icacu? Ko mbona ata co turiko turakora ngo tucake umwami w’i Siriya?"
4 Nuko abaza Yehoshafati ati: "Mbega wojana nanje gutera Ramoti Gileyadi?"
Yehoshafati yishura umwami w’Abisirayeli ati: "Twe nawe turi bamwe, abantu banje ni abawe, n’amafarasi yanje ni ayawe." 5 Ariko Yehoshafati yongerako abwira umwami w’Abisirayeli ati: "Reka tubanze tugishe inama Uhoraho."
6 Nuko umwami w’Abisirayeli akoranya abavugishwa; bose hamwe bari abagabo amajana ane. Araheza ababaza ati: "Mbega mubona twoja gutera i Ramoti Gileyadi, canke tureke?" Barishura bati: "Nimugende, kuko Imana izohatanga mu kuboko kwawe mwami."
7 Ariko Yehoshafati arabaza ati: "Mbega ngaha nta muvugishwa w’Uhoraho n’umwe akihari twobaza?"
8 Umwami w’Abisirayeli yishura Yehoshafati ati: "Haracariho uwundi muvugishwa umwe yotubariza Uhoraho, ariko ndamwanka kuko atigera avugishwa ivyiza kuri jewe, atari ibibi. Ni Mikaya mwene Imula."
Yehoshafati aramwishura ati: "Umwami ntakwiye kuvuga atyo."
9 Nuko umwami w’Abisirayeli ahamagara umwe mu batware biwe amubwira ati: "Nyaruka uzane Mikaya mwene Imula."
10 Ahabu umwami w’Abisirayeli na Yehoshafati umwami w’i Buyuda, bari bambaye amakanzu yabo y’inyambarabami, bicara ku ntebe z’ubwami ku mbuga yo gusekurirako ingano iri kw’irembo ry’i Samariya, abavugishwa bavugishirizwa imbere yabo. 11 Maze Zedekiya mwene Kenayana yari yarakoze amahembe y’icuma, aca avuga ati: "Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Aya ni yo uzokwicisha Abasiriya gushika ubaranduye.’ "
12 Abandi bavugishwa bose na bo nyene bavugishwa ukwo nyene, bati: "Genda utere i Ramoti Gileyadi, uzohatsinda, kuko Uhoraho azohatanga mu maboko y’umwami."
13 Ya ntumwa yari yagiye guhamagara Mikaya iramubwira iti: "Raba abandi bavugishwa bose bahurije hamwe nk’umuntu umwe mu kuvugishwa intsinzi y’umwami. Ijambo ryawe rero rize guhura n’iryabo, uvuge ivyiza."
14 Ariko Mikaya amwishura ati: "Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, ico Uhoraho ambwira ni co nja kuvuga."
15 Ashitse, umwami aramubaza ati: "Mikaya, mbega tuje gutera i Ramoti Gileyadi, canke tureke?"
Aramwishura ati: "Genda uhatere kandi uzotsinda, kuko Uhoraho azohatanga mu maboko yawe mwami."
16 Umwami aca amubwira ati: "Nzogeza ryari kukurahiza kugira ngo ntihagire ikindi umbwira atari ukuri mw’izina ry’Uhoraho?"
17 Mikaya amwishura ati: "Mu kwerekwa nabonye Abisirayeli bashwiragiye ku misozi nk’intama zitagira umwungere, Uhoraho aca ambarira ati: ‘Abo bantu ntibagira shebuja. Barungike umwe wese atahe mu rugo rwiwe amahoro.’ "
18 Umwami w’Abisirayeli abarira Yehoshafati ati: "Sinakubwiye ko atigera avugishwa iciza na kimwe kuri jewe, atari ibibi gusa?"
19 Mikaya arabandanya ati: "Nuko niwumve ijambo ry’Uhoraho: Nabonye Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe y’ubwami ari kumwe n’ingabo zo mw’ijuru zihagaze i buryo n’i bubamfu bwiwe. 20 Maze Uhoraho avuga ati: ‘Ni nde yokwosha Ahabu ngo aje gutera i Ramoti Gileyadi kugira ngo aze yicirweyo?’
Umwe akavuga ibi, uwundi ibindi. 21 Mu nyuma ni ho haza impwemu ihagarara imbere y’Uhoraho, imubwira iti: ‘Jewe nomwosha!’ Uhoraho ayibaza ati: ‘Uzobikora gute?’
22 Uhoraho arayibaza ati: ‘Uzobigenza gute?’ Na yo yishura iti: ‘Nzosohoka mbe impwemu yo kubesha mu kanwa k’abavugishwa biwe bose.’
Uhoraho ayibwira ati: ‘Ni vyo, uzoshobora kumwosha! Genda ubikore.’
23 None rero, ehe raba Uhoraho yashize impwemu yo kubesha mu kanwa k’abavugishwa bawe bose, kuko yamaze gufata ingingo yo kugusukako ivyago."
24 Nuko Zedekiya mwene Kenayana ava hasi akubita ikofe Mikaya. Amubaza ati: "Iyo mpwemu y’Uhoraho yaciye hehe iva kuri jewe iza kuvugana nawe?"
25 Mikaya amwishura ati: "Uzobimenya umusi uzobura aho winyegeza, ukajarajara uva mu cumba kimwe uja mu kindi."
26 Umwami w’Abisirayeli atanga itegeko ati: "Nimumufate, mumujane kwa Amoni umukuru w’igisagara no kwa Yowashi umwana w’umwami. 27 Mubabwire muti: ‘Umwami avuze ngo: Uyu mugabo nimumushire mw’ibohero, ntihagire ikindi mumugaburira atari umukate n’amazi vy’inticantikize, gushika aho nzogarukira amahoro mvuye ku rugamba!’ "
28 Mikaya na we aca avuga ati: "Niwagaruka amahoro, nzoba ntavugishijwe n’Uhoraho!" Yongera abwira abari ngaho ati: "Yemwe bantu mwese, muraba muvyumvise!"
29 Nuko umwami w’Abisirayeli na Yehoshafati umwami w’i Buyuda, baduga i Ramoti Gileyadi. 30 Umwami wa Isirayeli abarira Yehoshafati ati: "Nja kwinjira mu rugamba niyoberanije, ariko wewe ugume wambaye impuzu zawe z’inyambarabami." Nuko umwami wa Isirayeli ariyoberanya aja ku rugamba.
31 Umwami w’i Siriya ategeka abarongora abagwanira ku mikogote yiwe mirongo itatu na babiri ati: "Ntihagire uwundi muntu n’umwe mutera, yaba muto canke mukuru, atari umwami w’Abisirayeli." 32 Ba bakuru b’abagwanira ku mikogote babonye Yehoshafati, baribwira bati: "Nta gukeka, uwu ni we mwami w’Abisirayeli." Nuko barahindukira ngo bamutere, ariko Yehoshafati arataka, 33 umukuru wabo aca arabona ko atari we mwami wa Isirayeli, ni ko kumuva inyuma bakamureka.
34 Ariko umuntu umwe afora umuheto apfa kurasa, aca agema umwami w’Abisirayeli aho ivyuma bimukingira bihurira. Umwami aca abwira uwatwara umukogote wiwe ati: "Hindukira unkure mu rugamba, ndakomeretse." 35 Ariko kuri uwo musi, urugamba rurushiriza gukomera maze umwami bapfa kumushigikirira aho nyene mu mukogote, aguma ameze nk’uwuhanganye n’Abasiriya. Ca gikomere kiva amaraso menshi, atembera mu mukogote, hageze ku mugoroba, aracikana. 36 Izuba ririko rirarenga, itegeko rikwira mu bari ku rugamba bose, rivuga riti: "Umwe wese nasubire mu gisagara ciwe; umwe wese nasubire i muhira iwe!"
37 Nuko umwami arapfa, bamutahana i Samariya, bamuhambayo. 38 Wa mukogote bawogereza ku kidengeri c’i Samariya aho ba maraya biyuhagirira, imbwa zirigata amaraso yiwe nk’uko Ijambo ry’Uhoraho ryari ryabivuze.
39 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Ahabu, hamwe n’ikirimba gisharijwe n’amahembe y’inzovu yubatse n’ibisagara yubatse, vyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku bami ba Isirayeli. 40 Ahabu ahamvya ba sekuruza, umuhungu wiwe Ahaziya aba ari we amusubirira ku ngoma.
41 Yehoshafati mwene Asa yabaye umwami w’i Buyuda mu mwaka ugira kane Ahabu ari umwami wa Isirayeli. 42 Yehoshafati yari afise imyaka mirongo itatu n’itanu igihe yimikwa ngo abe umwami, aganza imyaka mirongo ibiri n’itanu ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Azuba, umukobwa wa Shiluhi. 43 Agendera mu nzira za se Asa muri vyose, kandi ntiyakikama ngo azivemwo; akora ibigororotse mu nyonga z’Uhoraho. Ariko ku ngoma yiwe ntiyashoboye gukuraho ibibanza vyo gusengeramwo vyo ku mataba y’imisozi; abantu babandanije gushikanirayo ibimazi no gutuririraho ibimota neza. 44 Kandi Yehoshafati yabanye amahoro n’umwami wa Isirayeli.
45 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Yehoshafati, ivy’ubutwari bwiwe, ivyo yakoze n’ivy’intambara yagwanye, mbega ntivyanditswe mu gitabu c’ivyagenda biraba ku ngoma z’abami b’i Buyuda? 46 Yirukana mu gihugu ciwe abagabo n’abagore b’abamaraya mu bibanza vyo gusengeramwo bari basigaye ku bari bahari mu gihe ca se Asa. 47 Ico gihe muri Edomu nta mwami bari bafise, abakuru b’intara ni bo batwara.
48 Ico gihe Yehoshafati yubakisha amato maninimanini nk’ay’i Tarushishi yo kuja i Ofiru kuzana inzahabu, ariko ntiyigeze ava aho ari kuko yaciye amenekera i Eziyoni Geberi. 49 Ico gihe kandi, Ahaziya mwene Ahabu yari yabwiye Yehoshafati ati: "Reka abantu banje basozanye n’abawe." Ariko Yehoshafati aramwankira.
50 Maze Yehoshafati arapfa ahamvya ba sekuruza, ahambwa mu Gisagara ca sekuruza Dawidi, umuhungu wiwe Yehoramu amusubirira ku ngoma.
51 Ahaziya mwene Ahabu yabaye umwami wa Isirayeli aba i Samariya mu mwaka ugira cumi n’indwi Yehoshafati ari ku ngoma i Buyuda, amara imyaka ibiri ku ngoma. 52 Akora ibibi mu nyonga z’Uhoraho, kuko yagendeye mu ngeso za se na nyina, no mu za Yerobowamu mwene Nebati, umwe yakwegera Abisirayeli mu vyaha. 53 Yakoreye Bayali yongera arayisenga, avyura ishavu ry’Uhoraho Imana ya Isirayeli, nk’uko se yabigize.