1 Mu mwaka ugira cumi n’umunani Yerobowamu mwene Nebati ari ku ngoma, ni ho Abiya yaba umwami w’i Buyuda, 2 maze aganza imyaka itatu aba i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Mayaka, umukobwa wa Abishalomu.
3 Yakoze ivyaha nk’ivyo se yakoze imbere yiwe, kandi umutima wiwe ntiwari ugororokeye Uhoraho Imana yiwe na mba, nk’uko sekuruza Dawidi yari ameze. 4 Ariko ku bwa Dawidi, Uhoraho Imana yiwe areka uruvyaro rwiwe ruguma ku ngoma, kugira ngo itara ryiwe ntirizime kandi kugira ngo Yerusalemu hazigamwe. Ni ko kumuhagurukiriza umwuzukuruza yitwa Abiya, yicara ku ngoma i Yerusalemu. 5 Dawidi yari yakoze ibibereye mu nyonga z’Uhoraho, ntiyatirimuka ku mabwirizwa yiwe ubuzima bwiwe bwose, kiretse ivyo yakoreye Uriya Umuheti.
6 Kandi ku ngoma ya Abiya, hagumye intambara hagati yiwe na Yerobowamu. 7 Ibindi bijanye n’ivyabaye ku ngoma ya Abiya hamwe n’ivyo yakoze vyose vyanditse mu gitabu c’Ivyabaye ku bami b’i Buyuda. Hagumye intambara hagati ya Abiya na Yerobowamu. 8 Hanyuma Abiya arapfa ahamvya ba sekuruza, ahambwa mu Gisagara ca Dawidi. Umuhungu wiwe Asa amusubirira ku ngoma.
9 Mu mwaka ugira mirongo ibiri Yerobowamu ari ku ngoma ya Isirayeli, Asa ni ho yaba umwami w’i Buyuda, 10 amara imyaka mirongo ine n’umwe aba i Yerusalemu. Inakuru yari Mayaka umukobwa wa Abishalomu.
11 Asa akora ibibereye mu nyonga z’Uhoraho nk’uko sekuruza Dawidi yakoze. 12 Akura mu gihugu ibibanza vyo gusengeramwo vy’abagabo n’abagore b’abamaraya, akuraho n’ibigirwamana ba sekuruza bashizeho. 13 Mbere yirukana inakuru Mayaka amwaka iteka ryo kuba nyina w’umwami, kuko yari yaracurishije igishushanyo c’ubuyobe ca Ashera. Asa atemagura ico kigirwamana, agituririra ku mwonga Kidironi. 14 Naho Asa atashoboye gukuraho ibibanza basengeramwo vyo ku mataba y’imisozi, yari yareguriye Uhoraho umutima wiwe wose imisi yose y’ukubaho kwiwe. 15 Yinjiza mu Ngoro y’Uhoraho ifeza n’inzahabu n’ibikoresho we na se bari bareguriye Uhoraho.
16 Hama hari intambara hagati ya Asa na Bayasha umwami wa Isirayeli igihe cose bamaze bari ku ngoma. 17 Bayasha umwami wa Isirayeli aduga gutera i Buyuda, yubaka uruzitiro rukikuje i Rama kugira ngo abuze umuntu wese yogomba kuja canke kuva kwa Asa umwami w’i Buyuda.
18 Maze Asa afata ifeza n’inzahabu zose zari zasigaye mu bubiko bwo mu Ngoro y’Uhoraho no mu ngoro yiwe, azirungikana abatware, abatuma kwa Beni-Hadadi umwami w’i Siriya, yatwarira i Damasiko. Beni-Hadadi yari mwene Taburimoni, Taburimoni mwene Heziyoni. Nuko abarungikana n’ubutumwa buvuga ngo: 19 "Tugiriranire isezerano hagati yanje nawe, nk’uko vyari biri hagati ya data na so. Raba, ndakurungikiye ifeza n’inzahabu. None rero nureke isezerano rya mwe na Bayasha umwami wa Isirayeli kugira ngo asubire inyuma areke kuntera."
20 Beni-Hadadi yemeranya n’umwami Asa, arungika intwazangabo ziwe gutera ibisagara vya Isirayeli, bafata Iyoni, Dani, Abeli-Beti-Mayaka, bafata Kinereti hose hamwe n’intara ya Nafutali. 21 Bayasha avyumvise, aca areka kwubaka i Rama, asubira i Tiriza. 22 Maze umwami Asa ategeka abantu b’i Buyuda bose ata n’umwe avuyemwo, bakurayo amabuye n’imbaho zose Bayasha yariko arakoresha. Asa aca abikoresha mu kuzitira ibisagara vya Geba mu ntara ya Benyamini hamwe n’igisagara ca Misipa.
23 Ibindi vyose vyabaye ku ngoma ya Asa, ivy’ubutwari bwiwe, ivyo yakoze, n’ivy’ibisagara yubatse, mbega ntivyanditse mu gitabu c’ivyabaye ku ngoma z’abami b’i Buyuda? Asa ageze mu zabukuru, agwara ibirenge. 24 Hanyuma Asa arapfa ahamvya ba sekuruza, ahambwa hamwe na bo mu Gisagara ca Dawidi. Umuhungu wiwe Yehoshafati amusubirira ku ngoma.
25 Nadabu mwene Yerobowamu yabaye umwami wa Isirayeli mu mwaka ugira kabiri Asa ari ku ngoma i Buyuda, aganza Isirayeli imyaka ibiri. 26 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, agendera mu ngeso za se no mu vyaha yakora, atuma n’Abisirayeli babikora.
27 Bayasha mwene Ahiya wo mu muryango wa Isakari, ategura umugambi wo kwica umwami. Igihe Nadabu n’ingabo za Isirayeli bari bateye igisagara ca Gibetoni caganzwa n’Abafilisitiya, Bayasha yica umwami Nadabu. 28 Bayasha yishe Nadabu mu mwaka ugira gatatu Asa ari ku ngoma y’i Buyuda. Bayasha aca aba umwami, asubirira Nadabu.
29 Agishika ku ngoma, yica umuryango wose wa Yerobowamu. Mu muryango wa Yerobowamu, nta n’umwe yasigaye, yarabatikije bose, nk’uko ijambo ry’Uhoraho ryari ryabivuze aciye ku musavyi wiwe Ahiya w’i Shilo. 30 Ivyo vyabaye kuko Yerobowamu yari yakoze ivyaha vyinshi, atuma n’Abisirayeli babikora, ari co catumye uburake bw’Uhoraho Imana ya Isirayeli bumuziriringira.
31 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Nadabu hamwe n’ivyo yakoze, vyanditse mu gitabu c’ivyabaye ku bami ba Isirayeli. 32 Hama hari intambara hagati ya Asa na Bayasha umwami wa Isirayeli igihe cose bamaze bari ku ngoma.
33 Mu mwaka ugira gatatu Asa ari ku ngoma i Buyuda, Bayasha mwene Ahiya ni ho yaba umwami w’Abisirayeli bose. Yaba i Tiriza, aganza Isirayeli imyaka mirongo ibiri n’ine. 34 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, agendera mu ngeso za se no mu vyaha yakora, atuma n’Abisirayeli na bo babikora.