Publicidade

1 Reis 10

Umwamikazi w’i Sheba agendera Salomo

1 Umwamikazi w’i Sheba yumvise ingene Salomo ari umuntu ahambaye, n’ukuntu yahaye icubahiro izina ry’Uhoraho, aja kumugerageresha ibibazo bigoye cane. 2 Ashika i Yerusalemu ari kumwe n’abamuherekeje benshi, ingamiya zikoreye ibimota neza, inzahabu nyinshi cane n’amabuye y’agaciro, maze aja aho Salomo ari aganira na we ivyo yiyumvira vyose. 3 Salomo yishura ibibazo vyose yamubajije, ntihagira na kimwe kinanira umwami kumusigurira. 4 Umwamikazi w’i Sheba abonye ubwenge bwose bwa Salomo n’ingoro yubatse, 5 ivyokurya vyo ku meza yiwe, ivyicaro vy’abatware biwe, abakozi biwe bagabura ku meza n’imyambaro yabo, abamuhereza ivyo kunywa, n’ibimazi bituriwe yatanga mu Ngoro y’Uhoraho, aratangara cane.

6 Abarira umwami ati: "Ivyo numviye mu gihugu canje ku vyerekeye ivyo wakoze hamwe n’ubwenge bwawe, nsanze vyari ivy’ukuri. 7 Ariko sinari navyizeye gushika nishikiye hano nkavyibonera n’amaso yanje ubwanje. Mu vy’ukuri, nta n’igice bambwiye c’ingene ubwenge bwawe bungana; birarengeye kure cane ivyo bambwiye. 8 Erega abantu bawe barahiriwe! Eka n’abagendanyi bawe na bo nyene barahiriwe, bo bama bahagaze imbere yawe imisi yose, bumviriza ivy’ubwenge bwawe! 9 Uhoraho Imana yawe iragahimbazwa, kuko wayihimbaye maze ikagushira ku ngoma y’Abisirayeli ngo uganze mw’izina ry’Uhoraho Imana yawe. Ku bw’urukundo rudashira Uhoraho afitiye Isirayeli, yakugize umwami kugira ngo uganze mu butungane no mu kugororoka."

10 Maze aca ashikanira umwami italanto ijana na mirongo ibiri z’inzahabu, ibimota neza vyinshi, n’amabuye y’igiciro. Nta n’umwe yongeye gushikanira umwami ibimota neza bingana n’ivyo umwamikazi w’i Sheba yashikaniye umwami Salomo.

11 I ruhande y’ivyo, amato ya Hiramu yazanye inzahabu zivuye muri Ofiru, yongera azana n’imbaho nyinshi z’igiti ca alumugi hamwe n’amabuye y’agaciro. 12 Umwami aca akoresha izo mbaho mu gushigikira Ingoro y’Uhoraho hamwe n’ikirimba ciwe; yongera azikoramwo amakembe n’inanga vy’abacuraranzi. Nta mbaho za alumugi zingana gutyo zari bwaze kandi nta zirasubira kuboneka kugeza n’uwu musi.

13 Umwami Salomo aha umwamikazi w’i Sheba ivyo yipfuza n’ivyo yasavye vyose, amwihera n’izindi ngabire nk’uko umugenzo w’ubugwaneza bw’umwami Salomo wari uri. Maze arahaguruka asubira mu gihugu ciwe n’abari kumwe na we.

Ivy’ubutunzi bwa Salomo

14 Ingabire Salomo yaronka ku mwaka ku mwaka zangana n’italanto amajana atandatu na mirongo itandatu na zitandatu z’inzahabu, 15 udashizemwo ubundi butunzi yaronka biciye mu makori abadandaza batanga hamwe n’ayava mu bami bose bo muri Arabiya n’abatware bo mu gihugu ciwe.

16 Umwami Salomo acurisha inkinzo nininini amajana abiri mu nzahabu; imwimwe yose itwara shekeli amajana atandatu z’inzahabu. 17 Acurisha n’izindi nkinzo ntonto amajana atatu mu nzahabu, imwe yose ikajako ingero mina zitatu z’inzahabu. Umwami aca azibika mu ngoro yise Ishamba ry’i Libani.

18 Hanyuma umwami akoresha intebe y’ubwami nini isharijwe n’amahembe y’inzovu ayomekako inzahabu ihinguwe neza. 19 Iyo ntebe yari ifise ingazi zitandatu, kandi ku mutwe w’aho begamira hari hameze nk’umuzingi. Ku mpande zose z’iyo ntebe hari ivyo gushirako amaboko, kandi hari n’ibishushanyo vy’intare bibiri bihagaze i ruhande y’amaboko. 20 Hari n’ibindi bishushanyo cumi na bibiri vy’intare, kimwekimwe ku mpera y’ingazi yose muri zimwe zitandatu. Nta ntebe nk’iyo yari bwigere iboneka mu bwami na bumwe. 21 Ibikombe vyose vy’umwami Salomo vyari bikozwe mu nzahabu, n’ibikoresho vyose vyo mu ngoro yise Ikibira c’i Libani vyari bikozwe mu nzahabu ihinguwe neza. Nta na kimwe cari gikozwe mw’ifeza, kuko ifeza yafatwa nk’aho ifise agaciro gato mu gihe ca Salomo. 22 Umwami yari afise amato yo kudandaza yaja i Tarushishi yajana n’aya Hiramu. Uko imyaka itatu iheze ayo mato yaba agarutse avuye i Tarushishi, azanye inzahabu, ifeza, amahembe y’inzovu, inkende n’amadendo.

23 Maze umwami Salomo aba agahambaye mu butunzi no mu bwenge kurusha abandi bami bose bo kw’isi. 24 Abantu bose bo kw’isi bama basaba umubonano kwa Salomo ngo bumvirize ubwenge Imana yamuhaye. 25 Ku mwaka ku mwaka, abaja kumuraba umwe wese yagenda amushikaniye ifeza n’inzahabu, amakanzu, ibigwanisho, ibimota neza, amafarasi n’inyumbu.

26 Maze Salomo yegeranya imikogote y’intambara n’amafarasi menshi. Yari afise imikogote igihumbi n’amajana ane, n’amafarasi ibihumbi cumi na bibiri. Bimwe abibika mu bisagara vy’imikogote, ibindi abigumiza hafi yiwe i Yerusalemu. 27 Umwami agwiza ifeza i Yerusalemu zisigara zimeze nk’amabuye, imbaho z’agaciro z’amasederi na zo ziragwira zimera nk’ibiti vy’imisukomora vyo mu biyaya vy’i Buyuda. 28 Amafarasi ya Salomo yari yayakuye muri Egiputa n’i Kilikiya; abadandaza b’umwami bari bayaguriye muri Kilikiya ku giciro gisanzwe. 29 Umukogote umwe bawugura muri Egiputa shekeli amajana atandatu z’ifeza, ifarasi imwe na yo bakayigura shekeli ijana na mirongo itanu. Kandi abo badandaza ni bo banabigurisha no ku bami bose b’Abaheti n’ab’Abarameya.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-