1 Maze Salomo yubaka ikirimba ciwe, amara imyaka cumi n’itatu kugira ngo agiheze. 2 Imwe mu nyubakwa yubatse yitwa Ikirimba citiriwe Ishamba rya Libani. Yari ifise ingero z’igice c’ukuboko ijana z’uburebure, mirongo itanu z’ubwaguke, na mirongo itatu z’igihagararo. Yari ifise imirongo ine y’inkingi z’amasederi zitambitseko imyaro y’amasederi nyene. 3 Igisenge cari gikozwe mu biti vy’amasederi nyene bitambitswe kuri ya myaro uko yari cumicumi n’itanu mu murogo umwe wose. 4 Uruhome rumwerumwe rwose rwaba rufise imirongo itatu y’amadirisha, 5 Inzugi n’amadirisha vyayo vyose vyari bifise uburebure n’ubwaguke bingana, vyari bitatubitatu birabana.
6 Yubaka n’ibaraza rifise inkingi, uburebure bwaryo bwari ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu, ubwaguke na bwo bwari ingero z’igice c’ukuboko mirongo itatu, kandi imbere yaryo ahubaka akandi kabaraza kari gapfutswe n’igisenge gifashwe n’inkingi.
7 Yubaka n’ikindi cumba kinini kirimwo intebe y’ubwami, ari co cumba c’ubucamanza. Ni ho Salomo yicara aca imanza, hari hometsweko imbaho z’amasederi kuva hasi gushika hejuru. 8 Ingoro nyezina yabamwo yari inyuma y’aho, hose hari hubatswe co kimwe. Yongera yubakira ingoro nk’iyo nyene umukobwa wa Farawo yarongoye.
9 Izo nyubakwa zose, kuva hasi gushika hejuru zari zubatswe n’amabuye maninimanini, y’agaciro, afise impande ziringanirije ku mfuruka, abajwe n’umusumeno ku mpande zose hanyuma agasenwa. Bayubakisha kuva ku mushinge gushika aho bayimanikira, no kuva ku nzu y’imbere ugashitsa ku y’inyuma. 10 Umushinge wari ugizwe n’amabuye maninimanini kandi mezameza. Amwe muri ayo yaba afise nk’ingero z’igice c’ukuboko cumi canke umunani z’uburebure bw’amakika. 11 Hejuru y’ayo hajako amabuye yatoranijwe mezameza, abaje neza, hamwe n’ibiti vy’amasederi bibaje. 12 Ikirimba cari gikikujwe n’urugo rugizwe n’imirongo itatu y’amabuye, agakurikirwa n’umurongo umwe w’ibiti vy’amasederi bibaje, bimera nk’uko babigenjeje ku rugo rw’Ingoro y’Uhoraho n’urubaraza rwayo.
13 Umwami Salomo atumako umuntu w’i Tiro yitwa Hiramu, 14 yari umuntu azi ubuhinga bwinshi bwo gucura ibintu mu mwakaka. Nyina wiwe yari Umwisirayeli wo mu muryango wa Nafutali, se na we yari Umunyetiro w’umuhinga mu bijanye no gukora ibintu mu mwakaka. Nuko araza akorera umwami Salomo ibikorwa amuhaye.
15 Hiramu acura inkingi zibiri mu mwakaka, z’ingero z’igice c’ukuboko cumi n’umunani z’uburebure bw’igihagararo, n’ingero z’igice c’ukuboko cumi na zibiri z’inkikuro. 16 Ashongesha umwakaka awukoramwo imifuniko ibiri yo gushira ku mitwe y’izo nkingi. Umwe wose wari ufise ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’uburebure bw’igihagararo. 17 Akora n’utundi dusharizo mu mwakaka, tumeze nk’urusobangane rw’insenga, two gushariza iyo mifuniko; umufuniko wose awushirako utwo dusharizo indwi tumeze nk’insenga. 18 Acura n’ibisharizo bimeze nk’amakomamanga, abimanika kuri bimwe bimeze nk’insenga, agira imirongo ibiri yavyo ikikuza za nkingi, agira gutyo nyene no ku myashi. 19 Imifuniko yo ku nkingi zo mw’ibaraza yari ikozwe mw’ishusho y’amashurwe y’amarebe, ikagira uburebure bw’igihagararo bw’ingero z’igice c’ukuboko zine. 20 Hejuru kuri iyo mifuniko, aho ihurira n’inkingi, ahashira ya makomamanga amajana abiri, iri ku mirongo, iyikikuje. 21 Ahagarika za nkingi mw’ibaraza ry’Ingoro; inkingi y’amaja mu bumanuko ayita Yakini, iy’amaja mu buraruko, ayita Bowazi. 22 Ku mitwe ya ya mifuniko hari hashushanijeko amashurwe y’amarebe.
23 Yongera akoresha ibesani nini ayita ikiyaga, bayikora ari umuzingi mu butare bw’umwakaka. Ubwaguke bwayo ku rubiga, uva ku ruhande rumwe uja ku rundi uciye hagati, bwangana n’ingero z’igice c’ukuboko cumi, kandi yari ifise ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’igihagararo. Uburebure bw’uwo muzingi na wo uwuzungurutse bwari ingero z’igice c’ukuboko mirongo itatu. 24 Musi y’urubiga, hari ibisharizo vy’ibibumbano biyikikuje bishushanije nk’udukunga. Vyakikuza urubiga ari cumicumi ku ngero y’igice c’ukuboko imwe, bikaba bitondetse ku mirongo ibiri ibangabanganye. Ivyo bisharizo vyari vyabumbanywe n’iyo besani.
25 Iyo besani yari ihagaze ku bibumbano vy’impfizi cumi na zibiri zicuzwe mu butare bw’umwakaka, zitatu zikaraba mu buraruko, zitatu mu burengero, izindi zitatu mu bumanuko hamwe n’izindi zitatu zaraba mu buseruko. Iyo besani bita ikiyaga, yari iteretse hejuru kuri ivyo bibumbano vy’izo mpfizi, maze ibice vy’inyuma vyazo bikaraba hagati musi y’ico kiyaga. 26 Cari gifise intimbatimba ingana n’ikiganza c’umuntu, kandi urubiga rwaco rwari rumeze nk’urw’igikombe, nk’ishurwe ry’ikirungu risambuye. Cashobora kwuzuzwa n’ingero batu ibihumbi bibiri.
27 Acura n’ibitereko cumi mu mwakaka; kimwekimwe cose cari gifise ingero z’igice c’ukuboko zine z’uburebure, ingero z’igice c’ukuboko zine z’ubwaguke hamwe n’ingero z’igice c’ukuboko zitatu z’igihagararo. 28 Ivyo bitereko vyari bicuzwe gutya: vyari bifise imiringa ibase ifashe ku mbiga. 29 Kuri iyo miringa hari hashushanijweko intare, amashuri hamwe n’abakerubi, kandi kuri izo mbiga musi no hejuru y’ivyo bishushanijeko, hari hacuriyeko utugenegene twenena. 30 Igitereko cose cari gifise amapine ane acuzwe mu mwakaka, kandi ivyuma bifashe ayo mapine na vyo nyene vyari bicuzwe mu mwakaka: Mu mfuruka zaco uko ari zine hariho ibishigikizo vyo gushigikira ibesani, na vyo bikaba vyari bicuzwe mu mwakaka, uruhande rwose rusharijwe n’utugenegene dusobanganije. 31 Igitereko kimwekimwe cose cari gifise amapine ane acuzwe mu mwakaka hamwe n’ibiyafatanya, kikagira n’imbiga y’ubwaguke bw’ingero y’igice c’ukuboko imwe, n’ibiyishigikiye bipima ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice y’uburebure. Hariho ikimeze nk’umubehe gitoya gifashwe na ya mbiga. Vya bishigikizo na ya mbiga vyari bisharijwe n’utugenegene tw’amashurwe tubikorogoshoweko. Impande zine z’igitereko zari ziringaniye, 32 ya mapine n’ibiyafatanije bikaba musi yaco. Amapine yapima ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice y’uburebure, 33 afatanijwe nk’ay’umukogote. Ivyuma vyose bifatanye n’ayo mapine vyari bicuzwe mu mwakaka.
34 Igitereko cose cari gicuranywe n’ivyo gufata mu kugiterura, biri ku mfuruka zose. 35 Hejuru ku gitereko hariko ikimeze nk’ingata; uburebure bw’igihagararo bwaco bwari igice c’ingero y’igice c’ukuboko. Ibishigikizo hamwe n’utuntu tubase two kuri co vyari bicuranywe na co. 36 Kuri ivyo bishigikizo, ku mpande zavyo zibase, no kuri twa tuntu tubase nyene yahakorogoshoyemwo udushushanyo tw’abakerubi, intare hamwe n’ibigazi, uko hagenda haringaniye, hamwe n’udushushanyo tw’amashurwe asobanganije ku mpande ziringaniye zose. 37 Uko ni ko yacuze ivyo bitereko cumi. Vyacuriwe mw’iforoma imwe, kandi vyose vyarasa bikongera bikangana.
38 Yongera acura amabesani cumi mu mwakaka, imwimwe yose yuzuzwa n’ingero batu mirongo ine, kandi imwimwe yose yari ifise ubwaguke bw’ingero z’igice c’ukuboko zine. 39 Ibitereko bitanu abitereka ku ruhande rw’i buryo rw’Ingoro, ibindi bitanu abishira ku ruhande rw’i bubamfu, ya besani nini yitwa Ikiyaga, ayishira ku ruhande rwo hepfo, ku mfuruka iherereye mu buseruko. 40 Huramu yarakoze kandi inkono, ivyaruzo, hamwe n’ibikombe vyo gusuka.
Maze Huramu aheraheza ico gikorwa c’umwami Salomo yari yatanguye mu Ngoro y’Uhoraho:
41 za nkingi zibiri;
ya myashi ibiri imeze nk’ibikombe yo ku mutwe w’izo nkingi;
ya migufu ibiri isobekeranye yo gushariza iyo myashi ibumbwe bwa bikombe biri ku mitwe y’izo nkingi;
42 vya bicurano bisa n’amakomamanga amajana ane yo kuri ya migufu ibiri; imirongo ibiri y’ibisa n’amakomamanga ku mugufu umwumwe usharije ya myashi iri ku mitwe ya za nkingi;
43 ivyo guterekako ya mabesani cumi hamwe n’ayo mabesani cumi nyene;
44 ca kiyaga na vya bibumbano vy’amashuri cumi n’abiri cari giteretseko;
45 za nkono, vya vyaruzo hamwe n’ibikombe.
Ivyo bikoresho vyose Huramu yacuriye umwami Salomo ku bw’iyo Ngoro y’Uhoraho yabicuze mu butare bw’umwakaka uhinguwe neza.
46 Umwami ategeka ko bifyaturirwa mu maforoma y’ibumba mu kiyaya ca Yorodani hagati ya Sukoti na Zaretani. 47 Salomo ntiyiriwe arapima ivyo bintu yakoresheje vyose; vyari vyinshi ku buryo igipimo c’ubutare bw’umwakaka bwakoreshejwe kitashobora kumenyekana.
48 Salomo yongera akora ibikoresho vyose vyari mu Ngoro y’Uhoraho:
igicaniro c’inzahabu,
imeza y’inzahabu yo gushirako ya mikate ihezagiye,
49 vya biterekwako amatara vy’inzahabu ihinguwe neza: bitanu i buryo na bitanu i bubamfu, imbere y’Ahera Cane;
ya mashurwe acuzwe mu nzahabu, amatara n’ivyo kuyora umunyota vyari bikozwe mu nzahabu;
50 amabesani, imbugita, utubakure, ibikombe n’udusahani tw’umunyota bicuzwe mu nzahabu ihinguye neza;
n’amapata y’inzugi z’Ahera Cane n’ay’inzugi z’icumba gikuru c’Ingoro, yose akozwe mu nzahabu.
51 Igikorwa cose Salomo yakoreye Ingoro y’Uhoraho giheze, aca yinjiza ibintu vyose se Dawidi yari yaragize inyegu y’Uhoraho: ifeza, inzahabu n’ibindi bikoresho, abishira mu bubiko bw’Ingoro y’Uhoraho.