Publicidade

1 Reis 20

Beni-Hadadi atera i Samariya

1 Ico gihe Beni-Hadadi umwami w’i Siriya akoranya abasoda biwe bose, aduga aherekejwe n’abami mirongo itatu na babiri bari ku mafarasi n’imikogote yabo, bakikuza Samariya, barahatera. 2 Beni-Hadadi arungika intumwa mu gisagara ca Ahabu umwami wa Isirayeli ati: "Beni-Hadadi avuze ati: 3 ‘Inzahabu n’ifeza ufise vyose ni ivyanje, co kimwe n’abagore bawe n’abana bawe!’ "

4 Umwami wa Isirayeli yishura ati: "Nibibe nk’uko ubivuze, mwami wanje. Na jewe ubwanje hamwe n’ivyanje vyose, turi abawe."

5 Za ntumwa zisubira kuja kwa Ahabu zimubwira ziti: "Beni-Hadadi avuze ati: ‘Nagutumyeko intumwa kugira ngo umpe ifeza n’inzahabu vyawe, hamwe n’abagore bawe n’abana bawe. 6 Ariko ejo, umusi niwagera aha uwu ugeze, nzorungika abantu banje, basake ikirimba cawe hamwe n’amazu y’abatware bawe. Ic’agaciro cose bazosangayo, bazogitwara.’ "

7 Umwami wa Isirayeli aca ahamagaza abatware ba Isirayeli bose, ababwira ati: "Murabona ingene uwu mugabo agomba gukwega intambara! Igihe yansaba abagore n’abana banje, inzahabu n’ifeza, sinabimwimye."

8 Ba batware bamubwira bati: "Ntihagire ikintu na kimwe usubira kumwemerera."

9 Ahabu yishura za ntumwa za Beni-Hadadi ati: "Gende mubwire umwami databuja muti: ‘Umusavyi wawe azotanga ivyo wamusavye ubwa mbere, ariko ivyo usavye ubu nta vyo yemeye.’ " Nuko basubira inyuma bashikiriza inyishu Beni-Hadadi.

10 Na we asubira kurungika intumwa ati: "Imana zibimpanire, ndetse birushirije, i Samariya nihasigara n’agakungugu kokwuzura ibiganza vy’abasoda banje."

11 Umwami wa Isirayeli abishura ati: "Genda mumubwire muti: ‘Uwambara ibigwanisho agiye ku rugamba ntakirate nk’uwuvyambura arunesheje.’ "

12 Beni-Hadadi yumvise iyo nyishu ari kumwe n’abandi bami bariko banywera mu mahema yabo, aca atanga itegeko ati: "Nimwitegure tugire igitero!" Nuko baca baritegura ngo batere igisagara.

Ahabu anesha Beni-Hadadi

13 Muri ico gihe nyene, umuvugishwa aza aho Ahabu umwami wa Isirayeli ari, amubwira ati: "Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Wabonye ko izo ngabo zigukikuje ari nyishi? Uwu musi ndabarekurira mu maboko yawe, ni ho uza kumenya ko ndi Uhoraho.’ "

14 Ahabu aramubaza ati: "None azokoresha nde?" Wa muvugishwa aramwishura ati: "Uhoraho avuze ati: ‘Ni abasoda b’imikangara bagabwa n’abakuru b’intara.’ "

Ahabu yongera kumubaza ati: "None ni nde azotangura gutera?" Wa muvugishwa na we ati: "Wewe."

15 Ahabu aca akoranya imikangara yose igabwa n’abatware b’intara, bari amajana abiri na mirongo itatu na babiri. Akoranya n’abandi basoda b’Abisirayeli, bose hamwe bari ibihumbi indwi. 16 Nk’igihe c’isaha zitandatu, Beni-Hadadi na ba bami mirongo itatu na babiri bari bifatanije na we bakiriko baranywa bibereye mu mahema yabo, 17 ya mikangara irasohoka iva mu gisagara.

Begereje, abareretsi ba Beni-Hadadi baraza bamubwira bati: "Hari igitero c’abasoda baje bava i Samariya."

18 Beni-Hadadi aca abategeka ati: "Baje gusaba amahoro canke baje kugwana, uko baza kwose mubafate ari bazima."

19 Ya mikangara n’abakuru b’intara barasohoka bava mu gisagara n’abandi basoda inyuma yabo, baja kugwana. 20 Umwisirayeli wese yica uwo bagwana, maze abasoda bose ba Siriya bacika ivutu, bakura hasi barahunga, Abisirayeli barabakinagiza. Beni-Hadadi umwami w’i Siriya ari kumwe n’abandi bakeya, burira ku mafarasi barahunga. 21 Ariko umwami wa Isirayeli akurikira abasigaye, arabica, atikiza amafarasi n’imikogote yabo, haba agatikizo gakomeye ku ruhande rwa Aramu.

22 Haciye igihe, wa muvugishwa yongera kuza ku mwami wa Isirayeli, amubwira ati: "Tegura neza igisoda cawe, wongere ugire integuro nziza y’intambara, kuko imvura niyacika, umwami wa Siriya azosubira kugutera."

23 Maze abasoda b’umwami wa Siriya bamuhanura bati: "Imana z’Abisirayeli, ni imana zo ku mitumba. Ni co gituma batunesheje. Nitwabagwaniriza mu biyaya, nta kabuza tuzobatsinda. 24 Ubu ico ukwiye gukora ni iki: kura abami bose mu mabanga yo kurongora abasoda, uhashire intwazangabo. 25 Wongere ukoranye abasoda bangana na barya wabuze, hamwe n’amafarasi n’imikogote bingana na birya wabuze, maze duheze tuje kubagwaniriza mu biyaya. Nta kabuza, tuzobanesha." Umwami Beni-Hadadi yemeranya na bo, abigenza uko bamuhanuye.

26 Ku gacikamvura gakurikira, Beni-Hadadi yegeranya abasoda b’Abasiriya, aduga muri Efeki kugwanya Abisirayeli. 27 Abasoda b’Abisirayeli na bo bari bakoranye, biteguye bikwiye, baja kubagwanya.

28 Wa muntu w’Imana araza abarira umwami wa Isirayeli ati: "Uhoraho avuze ati: ‘Kubera Abasiriya bibaza ko Uhoraho ari imana yo ku mitumba atari iyo mu biyaya, nzorekurira mu maboko yawe izo ngabo nyinshi gutyo, kugira ngo umenya ko ndi Uhoraho.’ "

29 Bamara imisi indwi bari mu makambi yabo bahanganye, maze ku musi ugira indwi batana mu mitwe. Abisirayeli bica abasoda ibihumbi ijana b’Abasiriya bagwanira ku maguru. 30 Abasigaye bahungira mu gisagara ca Efeki, ariko uruzitiro rw’igisagara ruhenukira ku bihumbi mirongo ibiri n’indwi muri bo. Beni-Hadadi ahungira mu gisagara, yinyegeza mu cumba c’imbere.

31 Abatware biwe baramubwira bati: "Twarumvise ko abami b’Abisirayeli ari abanyembabazi. Reka tuje ku mwami wa Isirayeli dukenyeye amagunira, twihambiriye imikanda mw’izosi. Kumbure umwami Ahabu yokugirira imbabazi."

32 Nuko bakenyera amagunira, bihambira imikanda mw’izosi, baja ku mwami wa Isirayeli bamubwira bati: "Umusavyi wawe Beni-Hadadi avuze ati: ‘Ndakwinginze ungirire imbabazi.’ "

Umwami wa Isirayeli yishura ati: "Aracariho? Ni umuvukanyi wanje!"

33 Abo bantu bavyumvise bibatera ivyizigiro. Bishura bati: "Egome cane, Beni-Hadadi umuvukanyi wawe aracariho."

Umwami ababwira ati: "Genda mumuzane!" Beni-Hadadi arasohoka, Ahabu na we amwuriza mu mukogote wiwe.

34 Beni-Hadadi abwira Ahabu ati: "Nzogusubiza ibisagara vyose data yanyaze so, kugira ngo nawe wiyubakire isoko i Damasiko nk’uko data na we yaryubatse i Samariya."

Ahabu na we amubwira ati: "Niwansezeranira ivyo, nanje ndakureka wigire amahoro." Nuko bagiranira iryo sezerano, hanyuma aramureka arigira.

Umuvugishwa ahambarira Ahabu

35 Ico gihe Uhoraho ategeka umwe mu bavugishwa kubwira mugenziwe ati: "Nkubita n’ico kigwanisho cawe!" Ariko uwo muntu yanka kukimukubita.

36 Wa muvugishwa aca abwira mugenziwe ati: "Ko utumviye Uhoraho, aho uvira ngaha intare iraza kukurya." Wa muntu amaze kuva ngaho akagenda, intare iramutera, iramurya.

37 Wa muvugishwa aja kubwira uwundi mugabo ati: "Nkubita!" Wa muntu aramukubita, aramukomeretsa. 38 Wa muvugishwa arahaguruka, aja guhagarara ku nzira arindiriye umwami, yitwikirije igitambara mu maso kugira ngo yiyoberanye. 39 Umwami ahaciye, wa muvugishwa aca arasemerera ati: "Mwami wanje, jewe umusavyi wawe nari ku rugamba, hanyuma umwe mu basoda anzanira imbohe, ambwira ati: ‘Uyigumye, kandi ikagutorokana urapfa canke utange italanto imwe y’ifeza.’ 40 Ariko ndavye hirya gato, ya mbohe irantorokana iragenda."

Umwami wa Isirayeli ati: "Urubanza ruragutsinze, kandi ni wewe nyene urwiciriye."

41 Ubwo nyene wa muvugishwa aca akura ca gitambara mu maso, umwami wa Isirayeli aca aramenya ko ari umwe mu bavugishwa. 42 Wa muvugishwa aca amubwira ati: "Uhoraho avuze ati: ‘Warekuye umuntu nari nategetse ko apfa, none rero ubuzima bwawe ni bwo buhasigara, kandi abantu bawe ni bo bapfa mu kibanza c’abantu biwe.’ " 43 Nuko umwami wa Isirayeli aca asubira ku kirimba ciwe i Samariya ababaye, yijiriwe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-