1 Umwami Salomo akunda abagore benshi b’abanyamahangakazi. I ruhande y’umukobwa wa Farawo, yari afise abagore b’Abanyamowabukazi, Abamonikazi, Abanyedomukazi, Abanyesidonikazi n’Abahetikazi. 2 Abo bose bava mu mahanga Uhoraho yari yaravuzeko ati: "Ntimuze murongore abagore bo muri bo, kuko nimwabikora bazobakwegera mu gusenga imana zabo." Ariko Salomo we ahitamwo kubakunda n’aho vyari uko. 3 Yari afise abagore amajana indwi bava mu miryango y’abami, n’abandi amajana atatu b’incoreke, maze abo bagore baramuzimiza, bamutesha inzira y’Imana. 4 Uko Salomo yasaza ni ko abagore biwe bakwegakwegera umutima wiwe ku zindi mana, ntiyaba aciyeguriye wese Uhoraho Imana yiwe, nk’uko se yari yiyeguriye wese Uhoraho. 5 Nuko akurikira Ashitaroti imanakazi y’Abanyesidoni, na Moleki ikizira c’ubuyobe c’Abamoni. 6 Uko ni ko Salomo yakoze ibizira mu nyonga z’Uhoraho, ntiyakurikira Uhoraho n’umutima wiwe wose nk’uko se Dawidi yabikoze.
7 Mw’itaba ry’umusozi uri amaja mu buseruko bwa Yerusalemu, Salomo ahubaka ikibanza co gusengeramwo Kemoshi, ikizira c’ubuyobe c’imana y’Abanyamowabu, n’ica Moleki ikizira c’ubuyobe c’imana y’Abamoni. 8 Yubakira n’abandi bagore bose b’abanyamahangakazi ibibanza vyo gusengeramwo nk’ivyo, na bo bakabishikaniramwo imana zabo imibavu yo guturira, bakahatangira n’ibimazi.
9 Uburake bw’Uhoraho buziriringira Salomo, kuko umutima wiwe wari wavuye ku Mana ya Isirayeli, kandi yari yamwiyeretse incuro zibiri zose. 10 Uhoraho yari yarihanikirije Salomo ngo ntazosenge izindi mana, ariko Salomo ntiyamwumvira. 11 Uhoraho abarira Salomo ati: "Ko wakoze ivyo, ntuzigame isezerano n’amabwirizwa naguhaye, ubwami bwawe nzobutabura ndabuhe umwe mu bakozi bawe. 12 Ariko ku bwa so Dawidi, sinzobikora ukiriho. Nzobutaburira mu maboko y’umuhungu wawe. 13 Kandi naho bizoba bimeze gutyo, sinzomunyaga ubwami bwose, nzomuha intara imwe ku bwa Dawidi umusavyi wanje, no ku bwa Yerusalemu nitoranirije."
14 Uhoraho ahagurutsa Hadadi Umunyedomu wo mu muryango w’abami ba Edomu, agwanya Salomo. 15 Dawidi akigwanya Abanyedomu, Yowabu umukuru w’abasoda yari yaduze guhamba Abisirayeli bari baguye ku rugamba, asiga ahoneje abagabo bose b’Abanyedomu. 16 Yowabu n’ingabo z’Abisirayeli baca bamarayo amezi atandatu, kugeza bahoneje abagabo bose muri Edomu. 17 Hadadi yari akiri umwana w’umuhungu igihe yahungira muri Egiputa ari kumwe n’abatware b’Abanyedomu bakoreye se. 18 Bahunze bava i Midiyani, baja i Parani. Bahitana abantu i Parani baja muri Egiputa kwa Farawo umwami wa Egiputa, Farawo aha Hadadi inzu n’itongo, amuha n’ivyokurya.
19 Farawo yarakunda Hadadi cane bituma amuha uwavukana n’umugore wiwe, umwamikazi Tahipenesi, aba muka Hadadi. 20 Uwo mugore avyaye umwana kuri Hadadi yitwa Genubati, umwamikazi Tahipenesi aca amurerera ku kirimba hamwe n’abana ba Farawo.
21 Hadadi akiri muri Egiputa, yumva ko Dawidi yahambije ba sekuruza, ko na Yowabu umukuru w’abasoda na we nyene yapfuye; ni ko kubwira Farawo ati: "Ndeka nsubire mu gihugu canje."
22 Farawo aramubaza ati: "Mbega hari ico wabuze ngaha aho ugomba gusubira mu gihugu cawe?" Hadadi amwishura ati: "Nta co nabuze, ariko ndeka ngende!"
23 Uhoraho yongera avyurira Salomo uwundi mwansi ari we Rezoni mwene Eliyada. Rezoni yari yarahunze shebuja, Hadadezeri umwami w’i Zoba, 24 hanyuma aba umukuru w’akagwi k’abagwanyi. Dawidi amaze gufata Hadadezeri, Razoni n’abantu biwe baciye bahungira i Damasiko, aca yigira umwami waho. 25 Rezoni aba umwansi wa Isirayeli imyaka yose Salomo yabayeho, abakorera ikibi nk’ico Hadadi yabakorera. Rezoni aba umwami w’i Siriya, kandi agirira Isirayeli urwanko rwinshi.
26 Yerobowamu mwene Nebati na we nyene agarariza umwami. Yari umutware umwe mu batware ba Salomo. Yava mu gisagara ca Zereda muri Efurayimu, nyina yari umupfakazi yitwa Zeruwa.
27 Ukugarariza kwiwe kwagenze gutya: igihe Salomo yariko arubaka ikibuga yongera asanura ahasambutse h’uruzitiro rw’igisagara ca se Dawidi. 28 Yerobowamu yari umusore w’umunyenkomezi nyinshi. Salomo abonye ingene ari umunyabikorwa, aca amuha gukoresha abagurano bo mu muryango wa Yosefu.
29 Umusi umwe Yerobowamu yari avuye i Yerusalemu, Ahiya umuvugishwa w’i Shilo aza kumutegera yambaye umutamana mushasha. Bashitse mu gahinga ari babiri bonyene, 30 Ahiya afata wa mutamana mushasha yari yambaye awutaburamwo ibice cumi na bibiri. 31 Aca abarira Yerobowamu ati: "Akira ibice cumi, kuko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze ati: ‘Ehe raba ngiye gutabura ubwami bwa Salomo ndaguhemwo imiryango cumi. 32 Ariko ku bw’umusavyi wanje Dawidi n’igisagara ca Yerusalemu nitoranirije mu miryango yose ya Isirayeli, azosigarana umuryango umwe. 33 Ivyo nzobikora kuko bantaye, bagasenga Ashitaroti imanakazi y’Abanyesidoni, Kemoshi imana y’Abanyamowabu, Moleki imana y’Abamoni, ntibagendera mu nzira zanje canke ngo bakore ibiroranye mu nyonga zanje, ntibazigama amategeko n’amabwirizwa yanje nk’uko se Dawidi yabikora.
34 Ariko sinzomutwara ubwami bwose. Ku bw’umusavyi wanje Dawidi, uwo nitoranirije, akagendera mu mabwirizwa n’amategeko yanje, nzoreka Salomo aganze gushika apfe. 35 Umuhungu wiwe ni we nzokwaka ubwami, ndabuguhemwo imiyango cumi. 36 Umuhungu wiwe nzomuha umuryango umwe, kugira ngo ku ngoma haze hame hariho uwuganza akomoka kuri Dawidi, amere kurya kw’itara ryakira i Yerusalemu, igisagara natoranije nkacitirira izina ryanje. 37 Ariko wewe, nzokwimika ku ngoma ya Isirayeli, utware aho umutima wawe wipfuza hose, ube umwami wa Isirayeli. 38 Niwakora ivyo nzogutegeka vyose, ukagendera mu mabwirizwa yanje, ukagendera mu nzira zanje, ugakora ibibereye mu nyonga zanje mu gukurikiza amabwirizwa n’amategeko yanje, nk’uko umusavyi wanje Dawidi yabigenza, nzobana nawe. Nzokwubakira inzu yama ku ngoma nk’iyo nubakiye Dawidi, nongere ndaguhe Isirayeli. 39 Uko ni ko nzohana uruvyaro rwa Dawidi kubera icaha ca Salomo, ariko ntibazokwama mu gihano ibihe vyose.’ "
40 Salomo agerageza kwica Yerobowamu, ariko Yerobowamu aca ahungira kwa Shishaki umwami wa Egiputa, agumayo gushika Salomo apfuye.
41 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Salomo, ivyo yaranguye vyose hamwe n’ubwenge bwiwe, mbega ntivyanditswe mu gitabu c’Ibikorwa vya Salomo? 42 Igihe Salomo yamaze ku ngoma i Yerusalemu aganza Abisirayeli bose ni imyaka mirongo ine. 43 Nuko Salomo arapfa ahamvya ba sekuruza, ahambwa mu gisagara ca se Dawidi. Maze umuhungu wiwe Rehobowamu amusubirira ku ngoma.