Publicidade

1 Reis 1

Adoniya yiyimika nk’umwami

1 Umwami Dawidi amaze gukura akagera mu busaza, nta kintu cashobora kumumara imbeho, mbere naho bamupfuka uburengeti bwinshi ntiyashobora gususuruka. 2 Abasavyi biwe baravuga bati: "Reka tumuronderere inkumi yo kumusanga, imubungabunge, izoje iramuryama i ruhande kugira ngo isusurutse umwami wacu."

3 Nuko barondera inkumi nziza muri Isirayeli, maze baronka Abishagi, Umunyashunemukazi, bamuzanira umwami. 4 Uwo mukobwa yari mwiza cane; afata neza umwami, aramubungabunga, ariko umwami ntiyigeze aryamana na we nk’umugore.

5 Muri ico gihe, Adoniya umuhungu Dawidi yavyaye ku mugore wiwe Hagiti atangura kwishira hejuru ati: "Ni jewe nzoba umwami." Nuko yironderera imikogote n’amafarasi hamwe n’abasoda mirongo itanu bo kugendera imbere yiwe. 6 (Se Dawidi ntiyari bwigere amukankamira ati: "Ivyo ugira ni ibiki?" Yari umuhungu mwiza cane yakurikira Abusalomu.)

7 Adoniya agisha inama Yowabu mwene Zeruwiya, hamwe na Abiyatari umuherezi, na bo baramushigikira. 8 Ariko Sadoki umuherezi, Benaya mwene Yehoyada, Natani umuvugishwa, Shimeyi na Reyi hamwe n’abasoda bagendanira Dawidi ntibifatanya na Adoniya.

9 Adoniya ashikana ibimazi vy’intama, impene hamwe n’amashashi y’inka kw’Ibuye ry’i Zoheleti hafi ya Eni-Rogeli. Atumira abahungu bavukana ari bo bana b’umwami, ndetse n’abatware b’i Buyuda bose, 10 ariko ntiyatumira Natani umuvugishwa canke Benaya n’abasoda bagendanira umwami, canke mwenewabo Salomo.

11 Maze Natani abaza Batisheba nyina wa Salomo ati: "Mbega woba wumvise ko Adoniya umuhungu wa Hagiti, yiyimitse nk’umwami, umwami wacu Dawidi atabizi? 12 Reka rero ndakugire inama y’ukuntu worokora ubuzima bwawe n’ubw’umuhungu wawe Salomo. 13 Genda ku mwami Dawidi umubwire uti: ‘Mwami wanje, mbega ntiwandahiye uti: "Ni ukuri umuhungu wawe Salomo ni we azonsubirira yicare ku ntebe y’ubwami bwanje"? None ni kubera iki Adoniya ari we yabaye umwami?’ 14 Ukiriko uravugana n’umwami, nanje ndaza kwinjira nemeze ivyo uzoba uriko uravuga."

15 Nuko Batisheba aja kuraba umwami mu cumba ciwe, aho Abishagi Umunyashunemukazi yari amusangiye kuko yari ashaje cane. 16 Batisheba yikubita imbere yiwe, arapfukama. Umwami aramubaza ati: "Wipfuza iki?"

17 Na we aramwishura ati: "Mwami wanje, ni wewe wasezeraniye umusavyi wawe imbere y’Uhoraho uti: ‘Umuhungu wawe Salomo ni we azoba umwami, ansubirire, ni we azokwicara ku ntebe yanje y’ubwami.’ 18 Ariko Adoniya ni we yabaye umwami, kandi na wewe mwami wanje nta vyo wamenye. 19 Yatanze ibimazi vy’inka nyinshi, amashashi avyibushe hamwe n’intama, atumira abahungu b’umwami bose, atumira Abiyatari umuherezi na Yowabu umugabisha w’ingabo, ariko ntiyatumira Salomo umusavyi wawe. 20 Mwami wanje, Isirayeli yose ihanze amaso wewe, kugira ngo imenye uwuzosubirira umwami wanje ku ntebe yiwe. 21 Nutagira ico ukoze ga mwami wanje, twe n’umuhungu wanje Salomo tuzofatwa nk’abanyakibi niwamara guhamvya ba sogokuruza."

22 Batisheba akiriko aravugana n’umwami, Natani umuvugishwa na we aba arashitse. 23 Babarira umwami bati: "Natani umuvugishwa ari ngaha." Nuko ashikira umwami, yikubita imbere yiwe, aramwunamira.

24 Natani abaza umwami ati: "Mwami nyeningoma, wahisemwo ko Adoniya aba ari we agusubirira, akicara ku ntebe yawe y’ubwami? 25 Uwu musi yatanze ibimazi vyinshi vy’inka, amashashi avyibushe hamwe n’intama. Yatumiye abahungu b’umwami, umugabisha w’ingabo, hamwe na Abiyatari umuherezi. Ubu turiko turavugana bariko bararya banywa, bavuga bati: ‘Niharambe umwami Adoniya!’ 26 Ariko ga mwami wanje, twe na Sadoki umuherezi, na Benaya mwene Yehoyada hamwe n’umusavyi wawe Salomo, ntiyadutumiye. 27 None ga nyaguhora ku ngoma, ivyo ni wewe wabikoze utamenyesheje abasavyi bawe uwuzogusubirira ku ntebe y’ubwami?"

Dawidi yimika Salomo

28 Umwami Dawidi arishura ati: "Nimumpamagarire Batisheba!" Nuko Batisheba arinjira ahagarara imbere y’umwami.

29 Umwami aca asubiramwo ya ndahiro ati: "Ndakurahiye Uhoraho, uwandokoye mu magorwa yose, 30 ko Salomo umuhungu wawe ari we azonsubirira, akicara ku ntebe y’ubwami uhereye uwu musi nyene, nk’uko nari narabikurahiye imbere y’Uhoraho Imana ya Isirayeli."

31 Nuko Batisheba aca yikubita imbere yiwe, arapfukama, avuga ati: "Niharambe umwami wanje Dawidi!"

32 Dawidi aca avuga ati: "Nimumpamagarire Sadoki umuherezi, Natani umuvugishwa, na Benaya mwene Yehoyada." Bashitse imbere y’umwami, arababwira ati: 33 "Fata Salomo n’abatware banje mumanuke kw’iriba ry’i Gihoni, Salomo agendere ku nyumbu yanje. 34 Sadoki umuherezi na Natani umuvugishwa baheze bamurobanuze amavuta nk’umwami wa Isirayeli. Muvuze inzamba, mwongere muvuge n’ijwi rirenga muti: ‘Niharambe umwami Salomo!’ 35 Muce mudugana na we, yicare ku ntebe y’ubwami. Ni we ngize umukuru wo muri Isirayeli n’i Buyuda."

36 Benaya mwene Yehoyada yishura umwami ati: "Amen! Nibibe nk’uko ubivuze, mwami! Uhoraho Imana y’umwami wanje, abishitse! 37 Nk’uko Uhoraho yabanye n’umwami wanje, azobane na Salomo, akomeze ingoma yiwe gusumvya n’iy’umwami wanje Dawidi!"

38 Nuko Sadoki umuherezi, Natani umuvugishwa, Benaya mwene Yehoyada, Abakereti hamwe n’Abapeleti baramanuka, bashira Salomo ku nyumbu y’umwami Dawidi, baramuherekeza bamujana i Gihoni. 39 Sadoki umuherezi afata ihembe ry’amavuta ryari mw’Ihema, arobanura Salomo. Baca bavuza inzamba, bavuga n’ijwi rirenga bati: "Niharambe umwami Salomo!" 40 Abantu bose baca badugana na we, bavuza imyironge, banezerewe cane, biha akamo, gushika n’aho isi inyiganyiga.

41 Adoniya hamwe n’abo yari yatumiye bumva ako kamo bariko baraheraheza ibirori vyabo. Yowabu yumvise inzamba, arabaza ati: "Ivyo ni ibiki? Urwo rwamo rwose mu gisagara ni urw’iki?"

42 Ataranaheza kuvuga, Yonatani mwene Abiyatari umuherezi aba arashitse. Adoniya amubwira ati: "Injira, kuko umuntu mwiza nka wewe utegerezwa kuba uzanye inkuru nziza."

43 Yonatani na we amwishura ati: "Oya na mba! Umwami wacu Dawidi yimitse Salomo nk’umwami. 44 Umwami yamurungikanye Sadoki umuherezi, Natani umuvugishwa, Benaya mwene Yehoyada, Abakereti n’Abapeleti, bamushira ku nyumbu y’umwami, 45 Sadoki umuherezi na Natani umuvugishwa bamurobanuza amavuta nk’umwami i Gihoni. Baca bavayo baduga biha akamo bamushimagiza, igisagara na co kinezeranwa na bo. Urwo rwamo rwose mwumva ni ico ruvako. 46 Ikindi na co, Salomo yamaze kwicara ku ntebe y’ubwami. 47 Abatware b’i bwami bose bagiye gukeza umwami Dawidi bati: ‘Imana yawe ikomeze Salomo, izina ryiwe ribe rurangiranwa gusumba iryawe, n’ingoma yiwe ikomere gusumba iyawe!’ Umwami na we aho ari ku buriri aca arunama ashima Imana, 48 avuga ati: ‘Uhoraho Imana ya Isirayeli nahimbazwe, we yemereye amaso yanje kubona umusubirizi wanje uwu musi.’ "

49 Abari kumwe na Adoniya bumvise ivyo, baterwa n’ubwoba bwinshi, barashwiragira. 50 Ariko Adoniya, kubera gutinya Salomo, aca ariruka afata amahembe y’igicaniro. 51 Maze umuntu araza abwira Salomo ati: "Adoniya yatinye umwami Salomo, none yafashe amahembe y’igicaniro. Yavuze ati: ‘Umwami Salomo narahire ko aticisha inkota umusavyi wiwe uwu musi.’ "

52 Salomo yishura ati: "Nimba yemera ko agiye kwubaha umwami, nta n’agashatsi kamuvako. Ariko nihagira ikibi kimubonekako, arapfa nta kabuza." 53 Nuko umwami Salomo atuma abantu bamukura ku gicaniro. Adoniya araza yikubita imbere y’umwami Salomo, Salomo na we amubwira ati: "Niwitahire."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_10-32-54-