Publicidade

1 Reis 8

Isandugu y’Isezerano yinjizwa mu Ngoro

1 Nuko umwami Salomo aca atumako abakuru b’Abisirayeli, abatware b’imiryango bose n’abaserukira amazu y’Abisirayeli, bakoranira i Yerusalemu kugira ngo bazane Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho, bayikure aho yari iri i Siyoni mu Gisagara ca Dawidi, bayijane mu kibanza gishasha kiri muri iyo Ngoro. 2 Abisirayeli bose bakoranira imbere y’umwami Salomo ku musi mukuru w’insago, hari mu kwezi kw’indwi ari kwo Etanimu.

3 Abakuru bose b’Abisirayeli bamaze gushika, abaherezi baterura ya sandugu barayidugana, 4 badugana Isandugu y’Uhoraho n’Ihema ry’Ibonaniro, badugana n’ibikoresho vyose vyakoreshwa muri ryo. 5 Umwami Salomo n’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bari bakoraniye hamwe na we bari imbere y’iyo sandugu, batanga ibimazi vyinshi vy’intama n’inka bitashoboye kwandikwa canke ngo biharurwe.

6 Abo baherezi baca bajana iyo Sandugu y’Isezerano y’Uhoraho aho yateguriwe mu gice c’imbere mu Ngoro, ari ho hitwa Ahera Cane, baca bayishira musi y’amababa ya ba bakerubi. 7 Abo bakerubi bari bashanje amababa hejuru y’aho iyo sandugu yari iri, agapfuka isandugu hamwe n’imyamba bayireruza. 8 Iyo myamba yari miremire ku buryo umuntu ari Ahera yashobora kubona aho igarukira. Ariko umuntu atarashika Ahera, ntivyashoboka ko ayibona; kandi iracariho gushika n’uwu musi. 9 Nta kindi kintu cari muri iyo sandugu kiretse vya bisate vy’amabuye Mose yashiramwo ari i Horebu, aho Uhoraho yagiraniye isezerano n’Abisirayeli bamaze kuva muri Egiputa.

10 Abaherezi bamaze gusohoka bakava muri ico cumba c’Ahera, igicu cakaka kiraza cuzura mu Ngoro y’Uhoraho. 11 Abaherezi ntibaba bagishobora gukora igikorwa cabo kubera ico gicu, kuko ubwiza bw’Uhoraho bwari bwuzuye Ingoro y’Uhoraho.

12 Maze Salomo avuga ati: "Ewe Uhoraho, wavuze ko uba mu gicu c’umwijima w’umuzitanya. 13 Ariko jewe nakwubakiye vy’ukuri Ingoro y’igitangaza, ikibanza uzokwiberamwo ibihe vyose."

14 Ikoraniro ryose ry’Abisirayeli rigihagaze ngaho, umwami arahindukira arabahezagira. 15 Maze avuga ati:

"Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ahimbazwe, we ashikije n’amaboko yiwe ivyo yari yarasezeraniye data Dawidi n’akanwa kiwe, aho yavuga ati: 16 ‘Uhereye umusi nakuriye ubwoko bwanje bw’Abisirayeli muri Egiputa, sinigeze ntoranya igisagara na kimwe co mu miryango ya Isirayeli ngo cubakwemwo Ingoro yitirirwa izina ryanje, ariko natoranije Dawidi kugira ngo abe ari we aganza abantu banje b’Abisirayeli.’

17 Data Dawidi yari afise ku mutima umugambi wo kwubakira Ingoro izina ry’Uhoraho, Imana ya Isirayeli. 18 Ariko Uhoraho amubwira ati: ‘Wagize neza kwiyumvira kwubakira Ingoro izina ryanje, 19 ariko si wewe uzoyubaka. Umuhungu wawe, uwo wivyariye, ni we azokwubakira Ingoro izina ryanje.’

20 Uhoraho yazigamye isezerano ryiwe. Yansubije mu gishingo ca data Dawidi; none ubu nicaye ku ntebe y’ubwami bwa Isirayeli, nk’uko Uhoraho yabisezeranye, kandi nanje nubatse Ingoro yo guhesha icubahiro izina ry’Uhoraho, Imana ya Isirayeli. 21 Nateguye ikibanza muri yo co kubikamwo ya sandugu, irimwo rya sezerano Uhoraho yagiranye na ba sogokuruza igihe yabakura muri Egiputa."

Isengesho rya Salomo

22 Maze Salomo ahagarara imbere y’igicaniro c’Uhoraho n’imbere y’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli agorora amaboko ayerekeje mw’ijuru. 23 Nuko aravuga ati:

"Ewe Uhoraho Mana ya Isirayeli, nta yindi Mana ihwanye nawe mw’ijuru hejuru no mw’isi hasi, wewe uzigama isezerano wagiriye abasavyi bawe, bagukurikira n’imitima yabo yose. 24 Wazigamye isezerano wagiriye data Dawidi umusavyi wawe, urisezeranishije akanwa kawe, none uwu musi urishikishije amaboko yawe.

25 None rero Uhoraho, Mana ya Isirayeli, zigamira umusavyi wawe Dawidi ari we data, isezerano wamugiriye, aho wavuga uti: ‘Mu ruvyaro rwawe, ntihazokwigera habura uwuba ku ngoma ya Isirayeli, nirwagendera mu Vyagezwe vyanje nk’uko wabigendeyemwo.’ 26 None rero Mana ya Isirayeli, shitsa amasezerano wasezeraniye data Dawidi umusavyi wawe.

27 Ariko none vy’ukuri Imana izoba kw’isi? Ko amajuru, mbere n’amajuru asumba ayandi, udashobora kuyakwirwamwo, mbe ndareka iyi Ngoro nubatse! 28 Ariko wumvirize ugusenga n’ukwinginga kwanje, Uhoraho Mana yanje. Wumve ugutakamba n’ugusenga kw’umusavyi wawe ari imbere yawe uwu musi. 29 Inyonga zawe zize zame ziri kuri iyi Ngoro ijoro n’umurango, aha hantu wavuzeko uti: ‘Izina ryanje rizokwama aha.’ Uzokwame wumva amasengesho umusavyi wawe azosengera hano hantu. 30 Uze wumvirize ukwinginga kw’umusavyi wawe n’ukw’abantu bawe b’Abisirayeli nibasenga batumbereye iyi ngoro. Uze ubumvirize uri mw’ijuru, aho uba, kandi niwabumva, ubaharire.

31 Umuntu niyagirira nabi mugenziwe maze bigasabwa ko bamurahiza ko atabikoze, akaza akarahirira imbere y’igicaniro cawe kiri muri iyi Ngoro, 32 uze uvyumve uri mw’ijuru ucire urubanza abantu bawe. Uwakoze ikibi atsindwe, ivyo yakoze bimusubire ku mutwe kandi hatsinde uwutacumuye, umwerekane kandi bimenyekane ko ata kimwagira.

33 Abantu bawe b’Abisirayeli nibatsindwa n’abansi babo kuko bagucumuyeko maze bagahindukira bagahimbaza izina ryawe, bagasenga binginga imbere yawe bari muri iyi Ngoro, 34 uzobumve uri mw’ijuru, uharire icaha c’abantu bawe b’Abisirayeli, ubagarukane mu gihugu wahaye ba sekuruza.

35 Ijuru niryugarwa imvura ntigwe kuko abantu bawe bagucumuyeko, maze bagasenga batumbereye aha hantu bagahimbaza izina ryawe, bagahindukira bakava mu caha cabo, umaze kubateza ivyago, 36 uze ubumve uri mw’ijuru, uharire icaha c’abasavyi bawe, ari bo bwoko bwawe bw’Abisirayeli. Uze ubigishe inzira zawe, maze urekurire imvura mu gihugu wahaye abantu bawe nk’umugabane.

37 Ikigoyi canke ikiza nivyatera mu gihugu, canke akaranda canke ururyi, inzige canke ibihori, canke umwansi wabo akabugariza mu gisagara kimwe mu vyo babamwo, ikiza ico ari co cose canke ingwara iyo ari yo yose nivyabashikako, 38 maze hakagira na bamwe bo mu Bisirayeli basenga ku bw’imibabaro yo mu mitima yabo, bakarabisha ibiganza vyabo kuri iyi Ngoro, 39 nawe uze wumve uri mw’ijuru, aho wibera. Uze ubaharire kandi ugire ico ukoze, ugirire umuntu wese ibihwanye n’ivyo yakoze, kuko uzi imitima yabo: ni wewe wenyene uzi imitima y’abana b’abantu bose. 40 Ni ho bazogutinya imisi yose bazoba mu gihugu wahaye ba sogokuruza.

41 Mbere n’aho yoba umunyamahanga atari uwo mu bwoko bwawe bw’Abisirayeli, ariko akaza avuye mu gihugu ca kure ku bw’izina ryawe, 42 kuko bazokwumva ivy’izina ryawe rihambaye n’ukuboko kwawe kw’inkomezi kandi kugoroye; niyaza akagusenga atumbereye iyi Ngoro, 43 uze umwumve uri mw’ijuru, aho uba, ukorere uwo munyamahanga ico azoba agusavye cose, kugira ngo amahanga yose yo kw’isi amenye izina ryawe akwubahe, nk’uko abantu bawe b’Abisirayeli bakora, kandi bamenye ko iyi Ngoro nubatse yitirirwa izina ryawe.

44 Abantu bawe nibaja mu ntambara kugwanya abansi babo, aho uzobarungika hose, maze bagasenga Uhoraho batumbereye iki gisagara watoranije n’iyi Ngoro nubakiye izina ryawe; 45 nuko uze wumve ugusenga kwabo no kwinginga kwabo uri mw’ijuru, ubatabare.

46 Nibaramuka bagucumuyeko, kuko ata muntu adacumura, hanyuma uburake bwawe bukabaziriringira, maze ukabarekurira mu maboko y’abansi babo bakabatwara nk’inyagano mu bihugu vyabo, vyaba ivya hafi canke ivya kure; 47 maze nibahindukira mu mitima yabo bari mu gihugu bajanywemwo nk’inyagano, bakihana bakagusaba imbabazi bari muri ico gihugu c’ababanyaze bakavuga bati: ‘twaracumuye, twakoze nabi, twakoze ivyo kwankwa urunuka,’ 48 maze bakagaruka kuri wewe n’imitima yabo yose n’imishaha yabo yose, bari mu gihugu c’abansi babo babagize inyagano, hanyuma bagasenga baraba mu gihugu wahaye ba sekuruza babo, no ku gisagara watoranije hamwe no kuri iyi Ngoro nubakiye izina ryawe, 49 nuko uri mw’ijuru, aho uba, uze wumve ugusenga kwabo n’ugutakamba kwabo, uheze ubagwanirire. 50 Uheze uharire abantu bawe, bagucumuyeko, ubaharire ibibi vyose bazoba bakoze, maze utume ababatwaye babagirira impuhwe, 51 kuko ari ubwoko bwawe, inyegu yawe, abo wakuye muri Egiputa, rya tanure rivugutira ivyuma bigashonga.

52 Niwumve ugusenga kwanje jewe umusavyi wawe, n’ukwinginga kw’ubwoko bwawe bwa Isirayeli, kandi uzokwame ubumva igihe cose bazoba bagutakambiye. 53 Kuko wabatoranije mu mahanga yose yo kw’isi ukabagira inyegu yawe, nk’uko wabivugiye mu kanwa k’umusavyi wawe Mose igihe wakura ba sogokuruza bacu muri Egiputa, ewe Uhoraho Nyeninganji."

54 Salomo ahejeje gusenga no kwinginga Uhoraho gutyo, aca arahaguruka ava imbere y’igicaniro aho yari apfukamye, ashanje amaboko ayarabishije kw’ijuru. 55 Ahezagira ikoraniro ryose rya Isirayeli, avuga n’ijwi rirenga ati:

56 "Uhoraho nashimwe, we yahaye akaruhuko ubwoko bwiwe bwa Isirayeli nk’uko yari yarabisezeranye. Nta sezerano na rimwe yasezeranye aciye ku musavyi wiwe Mose ritashitse. 57 Uhoraho Imana yacu azobana natwe nk’uko yabanye na ba sogokuruza bacu, ntazokwigera aduta, ntazokwigera aduheba. 58 Niyigarurire imitima yacu, kugira ngo dushobore kugendera mu mabwirizwa, amategeko n’ivyo yihanikiririje ba sogokuruza bacu. 59 Kandi aya majambo yanje y’amasengesho nasengeye imbere y’Uhoraho, aze yame imbere y’Uhoraho Imana yacu ijoro n’umurango, kugira ngo aze yishure umusavyi wiwe n’ubwoko bwiwe bwa Isirayeli ibihwanye n’ivyo bazoba bakeneye ku musi ku musi, 60 kugira ngo abo kw’isi bose bamenye ko Uhoraho ari Imana, kandi ko ata yindi Mana iriho. 61 Imitima yanyu na yo niyegurirwe rwose Uhoraho Imana yacu, muzokwame mugendera mu mategeko no mu mabwirizwa yayo, nk’uko mubigenderamwo uno musi."

Ingoro yegurirwa Uhoraho

62 Nuko umwami n’Abisirayeli bose bashikanira ibimazi Uhoraho. 63 Salomo ashikanira Uhoraho amashikanwa y’ishimwe agizwe n’impfizi ibihumbi mirongo ibiri na bibiri n’intama ibihumbi ijana na mirongo ibiri. Nuko umwami n’Abisirayeli bose bashikiriza Uhoraho iyo Ngoro.

64 Uwo musi nyene, umwami ashikiriza Uhoraho ikibanza kiri imbere y’Ingoro, ahatangira n’ibimazi vyo guturirwa, ivy’ifu hamwe n’ivy’ishimwe, kuko igicaniro c’umwakaka cari imbere y’Uhoraho cari gito cane, kitashobora gukwirwako ibimazi vyo guturirwa, ivy’ifu n’ivy’ishimwe.

65 Nuko umwami Salomo ari kumwe n’Abisirayeli bose bahimbaza uwo musi mukuru. Hari hakoraniye abantu isinzi bari baje bava kure cane mu buraruko i Lebo-Hamati gushika epfo kure mu bumanuko ku kagezi ka Egiputa. Bamara imisi indwi bahimbaza uwo musi mukuru w’Uhoraho Imana yacu, biyongera iyindi misi indwi, yose hamwe iba cumi n’ine. 66 Ku musi ugira umunani umwami Salomo asezera abantu, basubira iwabo. Na bo bahezagira umwami, bataha banezerewe cane, imitima yabo inezerejwe n’ivyo Uhoraho yakoreye umusavyi wayo Dawidi n’abantu biwe b’Abisirayeli.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-