1 Nuko umwami Salomo aganza muri Isirayeli.
2 Aba ni bo bari abatware biwe:
Azariya mwene Sadoki umuherezi,
3 Elihorefu na Ahiya, bene Shisha, bari abanyamabanga,
Yehoshafati mwene Ahiludi yari umwanditsi.
4 Benaya mwene Yehoyada yari umugabisha w’ingabo,
Sadoki na Abiyatari bari abaherezi.
5 Azariya mwene Natani yari arongoye abakuru b’intara,
Zabudi mwene Natani umuherezi yari umujenama w’umwami.
6 Ahishari yari ajejwe ikirimba,
Adoniramu mwene Abuda na we yari ajejwe gukurikirana abahawe ibikorwa biruhisha.
7 Salomo yari afise kandi abatware cumi na babiri batwara intara cumi na zibiri za Isirayeli, ari na bo batanga ibikenewe i bwami. Umwe wese yari ajejwe gutanga ibikenewe vyose i bwami mu kwezi kumwe mu mwaka.
8 Abo na bo bari aba bakurikira:
Beni-Huri yatwara intara y’imitumba ya Efurayimu.
9 Beni-Dekeri yatwara Makazi, Shayalubimu, Beti-Shemeshi na Eloni-Beti-Hanani.
10 Beni-Hasedi yatwara Aruboti (Soko na Heferi hose hari iwe).
11 Beni-Abinadabu yatwara Nefoti Dori (yarongoye Tafati umukobwa wa Salomo).
12 Bayana mwene Ahiludi yatwara Tanaki na Megido, na Beti-Shani yose hafi ya Zaretani musi ya Yezireyeli. Hava i Beti-Shani hagashika muri Abeli-Mehola, hakurya ya Yokimeyamu.
13 Beni-Geberi yatwara Ramoti Gileyadi harimwo igisagara ca Yayiro mwene Manase i Gileyadi, hamwe na Arugobu ho muri Bashani, hakabamwo n’ibisagara mirongo itandatu bininibinini bizitiye, bikagira ivyugazo vy’imyakaka ku marembo yavyo.
14 Ahinadabu mwene Ido yatwara Mahanayimu.
15 Ahimazi yatwara intara ya Nafutali. Uwo yari yarongoye Basemati, umukobwa wa Salomo.
16 Bayana mwene Hushayi yatwara intara ya Asheri no muri Bayaloti.
17 Yehoshafati mwene Paruwa yatwara intara ya Isakari,
18 Shimeyi mwene Ela yatwara intara ya Benyamini.
19 Geberi mwene Uri yatwara Gileyadi (Hahoze ari igihugu catwarwa na Sihoni umwami w’Abamori, hamwe n’igihugu catwarwa na Ogi umwami w’i Bashani). Ni we yari umutware w’iyo ntara wenyene.
20 Abantu bose b’i Buyuda na Isirayeli bangana n’umusenyi wo ku kiyaga, kandi bararya, baranywa, bakibera mu munezero. 21 Maze Salomo aganza ubwami bwose, kuva ku ruzi Efurate gushika ku ntara y’Abafilisitiya no ku rubibe rwa Egiputa. Ivyo bihugu vyose vyamushikaniye amashikanwa yo kumusaba impore ibihe vyose yabayeho.
22 Ivyo Salomo yari akeneye ku musi ku musi kugira ngo agaburire abo ku kirimba zari ingero koru mirongo itatu z’ifu isanzwe, ingero koru mirongo itandatu z’ifu iseye neza, 23 inka icumi zivyibushe zororewe mu ruhongore, inka mirongo ibiri zirisha ku musozi, intama ijana, udashizemwo impongo, ingeregere, ifumberi n’inkoko zivyibushe. 24 Salomo yatwara ubwami bwose bwo mu burengero bw’uruzi Efurate, kuva i Tifusa gushika i Gaza, kandi ku mpande zose hari amahoro n’umutekano. 25 Mu bihe vyose Salomo yamaze, i Buyuda no muri Isirayeli hari amahoro n’umutekano, kuva mu ntara ya Dani mu buraruko ugashika mu ya Berisheba mu bumanuko, umuryango wose waba mu mizabibu no mu nsukoni zawo.
26 Salomo yari afise impongore ibihumbi bine z’ifarasi zakwega imikogote, akagira n’ifarasi ibihumbi cumi na bibiri.
27 Ku kwezi ku kwezi, abatwara intara, bama bazana ivyo umwami Salomo yaba akeneye, we ubwiwe hamwe n’abaja ku meza yiwe bose. Bama bitwararika kuraba ko ata kintu na kimwe kibuze. 28 Mbere barazana n’ingano zose zikenewe, hamwe rero n’ubwatsi bw’amafarasi akwega imikogote hamwe n’ayandi mafarasi ari mu mpongore.
29 Imana iha Salomo ubwenge bwinshi n’ugutahura bitagira urugero, bingana no kw’isesero ry’umusenyi wo ku kiyaga. 30 Ubwenge bwa Salomo bwasumba ubw’abandi bantu bose bo mu buseruko, ndetse n’ubw’Abanyegiputa bose. 31 Yari umunyabwenge gusumvya abantu bose, harimwo na Etani Umuzirahi. Yarasumvya na Hemani, Karukoli na Daruda bene Maholi, kandi agira ukumenyekana cane mu mahanga yari amukikuje. 32 Yaciye imigani ibihumbi bitatu, yandika n’indirimbo igihumbi na zitanu. 33 Yarasigura ivy’ibiti vyose ahereye kw’isederi ry’i Libani, agashitsa no kuri ezobu yimeza ku mpome z’amazu. Yarasigura kandi n’ivy’ibikoko n’ibiguruka, ibikwega inda hasi n’amafi. 34 Abantu bo mu mahanga yose baraza aho Salomo ari kugira ngo bumvirize ivy’ubwenge bwiwe, barungitswe n’abami bo kw’isi yose bumvise ivy’ubwenge bwiwe.