1 Maze Ahabu adondera Yezebeli ivyo Eliya yakoze vyose, kandi ko yicishije inkota abavugishwa ba Bayali bose. 2 Yezebeli aca arungika intumwa kuri Eliya kumubwira iti: "Imana zimpane, kandi zize zimpane birushirije cane, ejo umusi niwashika aha uwu ushitse ntarakugira nk’uko wagize abo bavugishwa bandi."
3 Eliya aca aterwa n’ubwoba, aca arahunga kugira ngo akize amagara yiwe. Ageze i Berisheba mu Buyuda, ahasiga wa mukozi wiwe. 4 Afata urugendo wenyene aja mu bugaragwa, amara umusi wose agenda. Arahava ashikira igiti c’umurotemu, yicara mu gitutu caco, yisabira gupfa ati: "Ewe Uhoraho, ibi biramaze. Ndeka mpfe, sinsumba ba sogokuruza." 5 Aca aryama musi y’ico giti, arasinzira.
Ariko agisinzira, haza umumarayika aramukoma, amubwira ati: "Vyuka urye." 6 Yikanguye abona umutsima ugeretse ku makara yaka, hamwe n’agakarabo k’amazi. Ararya, anywa n’ayo mazi, aca arasubira ariryamira.
7 Wa mumarayika aragaruka irya kabiri, aramukoma, amubwira ati: "Vyuka urye, unywe, kuko urugendo ruri imbere yawe ari rurerure cane." 8 Arikangura, ararya, anywa n’amazi. Ivyo vyokurya bimuha inkomezi amara imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine agenda, gushika ashike ku musozi Horebu, ari wo musozi w’Imana.
9 Ashitseyo, yinjira mw’isenga ararayo. Hanyuma Ijambo ry’Uhoraho rimubaza riti: "Eliya, aho uhakora iki?"
10 Na we arishura ati: "Nagiriye ishaka ryinshi Uhoraho Imana Mushoboravyose. Ariko Abisirayeli bataye isezerano, basenyagura ibicaniro vyawe, baranduza inkota abavugishwa bawe. Ni jewe jenyene nari nsigaye, none na jewe bariko barandondera ngo banyice."
11 Uhoraho amubwira ati: "Sohoka uje guhagarara imbere yanje ku musozi, kuko ngira ndahace."
Maze Eliya ahagaze ngaho, haza umuyaga w’igihuhusi ukomeye cane, usatura imisozi, umenagura n’ibitandara imbere y’Uhoraho, ariko Uhoraho ntiyari muri uwo muyaga. Inyuma yawo haza nyamugigima, ariko Uhoraho ntiyari muri yo. 12 Inyuma ya nyamugigima haza umuriro, ariko Uhoraho ntiyari muri uwo muriro. Inyuma y’uwo muriro haza agacere, humvikana ikimeze nk’akajwi gatoya kongorera. 13 Eliya akumvise yiyambura umutamana awitwikira mu maso, aca ariruka ahagarara ku rwinjiriro rw’iryo senga.
Aca yumva ijwi rimubaza riti: "Eliya, aha uhakora iki?"
14 Na we arishura ati: "Nagiriye ishaka ryinshi Uhoraho Imana Mushoboravyose. Ariko Abisirayeli bataye isezerano, basenyagura ibicaniro vyawe, baranduza inkota abavugishwa bawe. Ni jewe jenyene nari nsigaye, none na jewe bariko barandondera ngo banyice."
15 Uhoraho aramubwira ati: "Fata inzira wazananye, usubire inyuma, uje mu bugaragwa bw’i Damasiko. Niwashikayo, uzorobanuze amavuta Hazayeli, abe umwami w’i Siriya. 16 Wongere urobanure Yehu mwene Nimushi, abe umwami wa Isirayeli, urobanure na Elisa mwene Shafati w’i Abeli-Mehola, abe ari we azogusubirira mu buvugishwa. 17 Uwuzokira inkota ya Hazayeli, azokwica na Yehu; uwuzokira inkota ya Yehu, azokwica abazocika na Elisa. 18 Ariko rero nariziganirije abantu ibihumbi indwi muri Isirayeli batigeze bapfukamira Bayali, canke ngo bayisome."
19 Nuko Eliya ava aho aragenda, abona Elisa mwene Shafati ariko ararimisha inka cumi na zibiri, zifatanijwe n’ingogo ari zibirizibiri, na we ari imbere yazo. Eliya aramwegera amutererako umutamana wiwe ku bitugu, hanyuma arigira. 20 Elisa aca asiga ngaho za nka ziwe zirima, akurikira Eliya. Amubwira ati: "Reka nje gusezera data na mama, mpeze nze tujane."
Eliya aramubwira ati: "Genda, ariko wibuke ico nagukoreye."
21 Elisa aca ava inyuma yiwe, asubira inyuma. Afata inka zibiri zifatanijwe n’ingogo, arazibaga. Avunagura ingogo, azicanisha umuriro, ateka za nyama, azigaburira abantu, barazirya. Aca avaho akurikira Eliya, aba umukozi wiwe.