Publicidade

1 Reis 14

Ahiya avugishwa kuri Yerobowamu

1 Ico gihe Abiya umuhungu wa Yerobowamu aragwara cane. 2 Yerobowamu abarira umugore wiwe ati: "Niwiyoberanye kugira ngo ntihagire uwumenya ko uri umwamikazi, uheze uje i Shilo ku muvugishwa Ahiya abayo, umwe yambwira ko nzoba umwami. 3 Ujane amarobe cumi y’imitsima n’udukate, utware n’agakarabo k’umutsama w’ubuki, uje kumuraba, umubaze ibizoshikira uwu umuhungu." 4 Nuko umugore wa Yerobowamu abigenza nk’uko yabimubwiye, aja kwa Ahiya i Shilo.

Ico gihe Ahiya ntiyari akibona neza kuko yari ashaje cane. 5 Ariko Uhoraho yari yabariye Ahiya ati: "Umugore wa Yerobowamu araja kuza kukubaza ivy’umuhungu wiwe, kuko agwaye cane. Uze kumubwira uko nza kukubwira. Aja kuza yiyoberanije, yigize uwundi mugore."

6 Ahiya yumvise ibirenge vyiwe acinjira mu muryango, aca avuga ati: "Shika, yewe mugore wa Yerobowamu! Ni kubera iki wiyoberanije, ukigira uwundi mugore?" Yongera amubwira ati: "Ndagufitiye inkuru mbi. 7 Genda ubarire Yerobowamu uti: ‘Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze ati: Nagukuye mu bandi bantu basanzwe ndagushira hejuru, ndaguha kuganza ubwoko bwanje bwa Isirayeli. 8 Nasambuye ubwami ndabwaka uruvyaro rwa Dawidi ndabuha wewe, ariko ntiwambera umusavyi mwiza nka Dawidi, yubahirije amabwirizwa yanje, ankurikira n’umutima wiwe wose, akora ibibereye mu nyonga zanje. 9 Wakoze ibibi birushirije ivy’abandi babayeho imbere yawe. Wicuriye ibigirwamana mu vyuma, untera uburake, unshiburira inyuma yawe.

10 None rero nzoteza ivyago umuryango wa Yerobowamu, nice abahungu bawe ndabaherengeteze muri Isirayeli, baba abagurano canke abidegemvya. Nzotongora umuryango wa Yerobowamu nk’uwuturira umwanda akawumara. 11 Abo mu muryango wa Yerobowamu bazogwa mu gisagara bazoribwa n’imbwa; abazogwa mu gahinga bazoribwa n’ibisiga vyo mu kirere. Uko ni ko Uhoraho avuze.’ "

12 Yongera abwira muka Yerobowamu ati: "Nayo wewe, subira inyuma, niwamara guhonyoza ikirenge mu gisagara cawe, umuhungu wawe aca acikana. 13 Abisirayeli bose bazomugandarira hanyuma bamuhambe. Ni we mwana wa Yerobowamu wenyene azohambwa, kuko mu ruvyaro rwa Yerobowamu uwo ari we wenyene Uhoraho Imana ya Isirayeli yagize iciza amubonako.

14 Uhoraho azokwihagurukiriza umwami muri Isirayeli azohonya umuryango wa Yerobowamu. Ivyo bigiye kuba vuba, kandi birashitse! 15 Ikindi, Uhoraho agiye gukubita Isirayeli, imere nk’irenga rikubebwa n’amazi. Azorandura Abisirayeli abakure mu gihugu ciza yahaye ba sekuruza, abashwiragirize hakurya y’uruzi Efurate, kuko bateye uburake Uhoraho mu gushinga inkingi za Ashera. 16 Kandi azota Isirayeli kubera ivyaha Yerobowamu yakoze, n’ivyo yakoresheje Abisirayeli."

17 Muka Yerobowamu aca arahaguruka aragenda, aja i Tiriza. Acinjira mu muryango w’ingoro, wa mwana aca aracikana. 18 Nuko baramuhamba, Abisirayeli bose baramugandarira, nk’uko Uhoraho yari yarabivugishije umusavyi wiwe, umuvugishwa Ahiya.

19 Ibindi vyose vyabaye ku ngoma ya Yerobowamu, ivy’intambara yagwanye, n’ukuntu yatwaye, vyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku ngoma z’abami ba Isirayeli. 20 Yerobowamu yatwaye Isirayeli imyaka mirongo ibiri n’ibiri, hanyuma ahamvya ba sekuruza. Umuhungu wiwe Nadabu ni we yamusubiriye ku ngoma.

Ivya Rehobowamu umwami w’i Buyuda

21 Rehobowamu mwene Salomo yari umwami w’i Buyuda. Yari afise imyaka mirongo ine n’umwe igihe yimikwa ngo abe umwami, hanyuma atwara imyaka cumi n’indwi, aba i Yerusalemu, igisagara Uhoraho yari yaratoranije mu miryango yose y’Abisirayeli ngo ahashire izina ryiwe. Nyina yitwa Nayama; yari Umwamonikazi.

22 Mu gihe Rehobowamu yari ku ngoma, Abayuda bakora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, bamutera ishavu gusumba uko ba sekuruza babikoze, 23 kuko biyubakiye ibibanza vyo gusengeramwo ku misozi no musi y’ibiti bitotahaye, bakahashinga inkingi z’amabuye n’inkingi za Ashera. 24 Muri iyo ntara hariho n’abagabo n’abagore b’abamaraya mu bibanza vyo gusengeramwo. Abantu badukana ingeso z’abanyamahanga Uhoraho yirukanye muri ico gihugu imbere y’Abisirayeli.

25 Mu mwaka ugira gatanu Rehobowamu ari ku ngoma, Shishaki umwami wa Egiputa, atera Yerusalemu. 26 Asahura ubutunzi bwose bwari mu Ngoro y’Uhoraho n’ubwari mu ngoro y’umwami. Atwara ibintu vyose, harimwo na za nkinzo z’inzahabu Salomo yari yaracurishije. 27 Nuko umwami Rehobowamu aca acurisha izindi nkinzo mu butare bw’umwakaka asubiriza zimwe za mbere, aca azizeza intwazangabo z’abacungera ku kirimba c’ingoro y’umwami. 28 Igihe cose umwami yagomba kwinjira mu Ngoro y’Uhoraho, abacungera ku kirimba baca bajana na we bitwaje za nkinzo, mu nyuma bagaheza bakazisubiza mu cumba cazo.

29 Ibindi vyose vyabaye ku ngoma ya Rehobowamu hamwe n’ivyo yakoze vyose, mbega ntivyanditswe mu gitabu c’Ivyabaye ku bami b’i Buyuda? 30 Hama hari intambara z’urutavanako hagati ya Rehobowamu na Yerobowamu. 31 Rehobowamu arapfa ahamvya ba sekuruza, ahambwa hamwe na bo mu Gisagara ca Dawidi. Nyina wiwe yitwa Nayama, yari Umwamonikazi. Umuhungu wiwe Abiya amusubirira ku ngoma.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-