1 Salomo ahejeje kwubaka Ingoro y’Uhoraho n’ikirimba c’umwami, agashika no ku vyo yari yaripfuje gukora, 2 Uhoraho amwiyereka ubugira kabiri, nka kumwe yari yaramwiyerekeye i Gibeyoni. 3 Uhoraho aramubwira ati:
"Numvise ugusenga n’ukwinginga kwawe, maze ndobanura iyi Ngoro wubatse, ngo yitirirwe izina ryanje ibihe bidashira. Amaso yanje n’umutima wanje bizokwama kuri yo.
4 Nawe niwagendera imbere yanje mu bwizigirwa n’umutima utunganye no mu bugororotsi nk’uko so Dawidi yabigira, ugakora ivyo nagutegetse vyose, ugakurikiza amategeko n’amabwirizwa yanje; 5 nzokomeza intebe yawe y’ubwami mu Bisirayeli ibihe vyose, nk’uko nasezeraniye so Dawidi aho navuga nti: ‘Mu ruvyaro rwawe ntihazokwigera habura uwuganza ku ngoma y’Abisirayeli.’
6 Ariko wewe n’uruvyaro rwawe nimwamvako, mugata amategeko n’amabwirizwa nabahaye, mukaja gukorera izindi mana mukazisenga; 7 nanje nzorandura Abisirayeli mu gihugu nabahaye, n’iyi Ngoro neguriye izina ryanje nzoyishibura imve mu maso. Ihanga rya Isirayeli nzorigira iciro ry’imigani mu yandi mahanga. 8 Kandi naho iyi Ngoro yari iteye igomwe, abazoyica i ruhande bazogira ubwoba batangare, hanyuma bitwengere bavuga bati: ‘Ni igiki catumye Uhoraho agirira atya iki gihugu n’iyi Ngoro?’ 9 Abantu bazobishura bati: ‘Ni ukubera bataye Uhoraho Imana ya ba sekuruza yabakuye muri Egiputa, bagahindukirira izindi mana, bakazisenga kandi bakazikorera; ni co gituma Uhoraho yabateje ivyo vyago vyose.’ "
10 Haheze imyaka mirongo ibiri, iyo Salomo yubatsemwo izo nyubakwa zibiri ari zo Ngoro y’Uhoraho n’ikirimba c’umwami, 11 umwami Salomo aca aha Hiramu umwami w’i Tiro ibisagara mirongo ibiri vy’i Galilaya, kuko Hiramu ari we yamuhaye amasederi n’ubujwari hamwe n’inzahabu yari akeneye. 12 Ariko Hiramu avuye i Tiro akaja kuraba ivyo bisagara Salomo yamuhaye, ntivyamuhimbara. 13 Aramubaza ati: "Ibi ni ibisagara nyabaki umpaye ga mugenzi?" Aca avyita intara ya Kabuli, ni ko hitwa gushika n’ubu. 14 Hiramu yari yahaye umwami italanto ijana na mirongo ibiri z’inzahabu.
15 Ibi bikurikira ni vyo vyerekana ibikorwa biruhisha umwami Salomo yategekanije kugira ngo ashobore kwubaka Ingoro y’Uhoraho, ikirimba ciwe, impome zishigikira inkombe, inzitiro za Yerusalemu, hamwe n’ibisagara Hazori Megido na Gezeri. 16 Farawo umwami wa Egiputa yari yarateye igisagara ca Gezeri, aragifata, aragiturira. Yica Abanyakanani bakibamwo, maze agiha umukobwa wiwe nk’ingabire yo ku bukwe bwiwe igihe yarongorwa na Salomo. 17 Salomo aca asubiramwo kwubaka Gezeri, yubaka n’ibisagara vy’epfo ya Beti-Horoni, 18 Bayalati na Tadumori mu ntara iri mu gihugu ciwe mu bugaragwa, 19 hamwe n’ibisagara vyose vy’ububiko, n’ivy’imikogote n’amafarasi yiwe; ivyo yipfuje vyose kwubaka i Yerusalemu, i Libani no mu gihugu cose aho yaganza.
20 Hari hakiriho amasigarira y’Abamori, Abaheti, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi. Abo bo ntibari Abisirayeli. 21 Yari amoko Abisirayeli batashoboye kurandura, yakomoka ku mahanga yahora aba muri ico gihugu. Nuko Salomo aca afata abo bantu bose abagira abagurano, abashingira ibikebere ngo bakore ibikorwa vy’agahato, nk’uko biri kugeza n’uwu musi. 22 Ariko Salomo nta Mwisirayeli n’umwe yagize umugurano, ahubwo yabagize abo kugwana: abatware, intwazangabo, abasoda bakurubakuru, abagwanira ku mikogote n’abarongozi babo. 23 Abo batware bari bajejwe ibikorwa vya Salomo, kandi amajana atanu na mirongo itanu bo muri bo bagakurikirana abantu bari ku bikorwa vy’umwami.
24 Umukobwa wa Farawo amaze kuva mu Gisagara ca Dawidi akaja mu ngoro Salomo yamwubakiye, Salomo yaciye yubaka impome zikingira inyubakwa.
25 Salomo yama atanga gatatu ku mwaka ibimazi bituriwe n’ibimazi vy’ishimwe, akabitangira ku gicaniro yubakiye Uhoraho, akabiturirana n’ibimota neza imbere y’Uhoraho. Uko ni ko yatunganije ibikorwa vyo muri iyo Ngoro.
26 Umwami Salomo yongera akora amato, ayakorera ahitwa Eziyoni Geberi, ikivuko co hafi ya Elati muri Edomu, ku nkengera y’Ikiyaga Gitukura. 27 Maze Hiramu arungika abahinga bo gutwara ubwato ngo bakorane n’abakozi ba Salomo. 28 Nuko barasoza bashika muri Ofiru, bagaruka bazanye italanto amajana ane na mirongo ibiri z’inzahabu bazishikiriza umwami Salomo.