1 Haciye igihe, mu mwaka ugira gatatu w’urwo ruzuba, ijambo ry’Uhoraho riza kuri Eliya, riti: "Genda wiyereke umwami Ahabu, umubwire ko ngiye kurungika imvura vuba." 2 Nuko Eliya aragenda yiyereka Ahabu.
Ico gihe inzara yari nyinshi cane i Samariya. 3 Ahabu atumako Obadiya, yari ajejwe ikirimba. Uwo Obadiya yari umuntu yubaha Uhoraho cane. 4 Igihe Yezebeli yariko arica abavugishwa b’Uhoraho, Obadiya yanyegeje abavugishwa ijana mu masenga, mirongo itanu abanyegeza muri rimwe, abandi mirongo itanu mu rindi, akama abagaburirirayo, akabaherayo n’amazi yo kunywa. 5 Ahabu abarira Obadiya ati: "Reka tugendagende mu gihugu cose, tugenzure amariba n’ibiyaya, kumbure tworonka ahari ubwatsi bw’ifarasi n’inyumbu zacu turabe ko hari na nkeya zorokoka." 6 Nuko bagabura amayira, Ahabu afata inzira yiwe, Obadiya na we afata iyiwe.
7 Obadiya akiri ku nzira agenda, aza abona bahuye na Eliya, aramumenya, aramupfukamira, hanyuma amubaza ati: "Eliya, ni wewe ga nyakwubahwa?"
8 Eliya amwishura ati: "Ni jewe. Genda ubarire shobuja uti ‘Eliya ari hano.’ "
9 Ariko Obadiya aramwankira, avuga ati: "Ni ikihe kibi nagukoreye gitumye undekurira mu maboko ya Ahabu ngo anyice? 10 Ndakurahiye Uhoraho ko umwami yakurondeye mu mahanga no mu bwami bwose bwo kw’isi, kuva iyo buhera n’iyo buhereza. Kandi igihe cose ihanga canke ubwami bwavuga ko atari ho uri, yarabarahiza ngo bemeze ko bakubuze koko. 11 None nawe uriko urambwira ngo nje kubwira databuja ko uri ngaha? 12 Mbega nova ngaha Mpwemu w’Uhoraho agaca agutwara iyo ntazi, Ahabu ashitse akakurondera akakubura, ntiyoca anyica? Ariko jewe umusavyi wawe namye nubaha Uhoraho kuva mu buto bwanje. 13 Mbega nyakwubahwa, nta wigeze akubwira ivyo nakoze igihe Yezebeli yariko aratikiza abavugishwa b’Uhoraho? Nanyegeje abavugishwa b’Uhoraho ijana mu masenga abiri, mirongo itanitanu muri rimwe, ndabagaburirirayo, ndabaherayo n’amazi yo kunywa. 14 None nawe uriko urambarira ngo nje kubwira databuja ko uri ngaha? Mugenzi, yoca anyica!"
15 Eliya avuga ati: "Ndakurahiye Uhoraho Mushoboravyose, Imana nkorera, ko nza guhagarara imbere ya Ahabu uwu musi."
16 Nuko Obadiya aja kurondera Ahabu, arabimubwira. Ahabu na we aca aza guhura na Eliya. 17 Ahabu abonye Eliya, aramubwira ati: "Ni wewe mbonye, uteje amagorwa nk’aya Isirayeli?"
18 Eliya amwishura ati: "Nta magorwa nateye Abisirayeli. Ahubwo mwe n’umuryango wa so ni mwebwe mwayabateye. Mwataye ivyagezwe vy’Uhoraho, mukurikira Bayali. 19 Koranya abantu bose bo muri Isirayeli, bansange ku musozi Karumeli. Uzane na ba bavugishwa amajana ane na mirongo itanu ba Bayali, na bamwe amajana ane ba Ashera, basangira na Yezebeli."
20 Nuko Ahabu atumako Abisirayeli bose hamwe n’abo bavugishwa, bahurira ku musozi Karumeli. 21 Eliya ahagarara imbere y’abantu, ababwira ati: "Mbega muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino? Nimba Uhoraho ari we Mana, nabe ari we mukurikira. Kandi nimba Bayali ari yo mana, nabe ari yo mukurikira."
Ariko abantu ntibaronka ico basubizayo.
22 Eliya yongera ababwira ati: "Ni jewe muvugishwa w’Uhoraho asigaye, ariko Bayali ifise abavugishwa amajana ane na mirongo itanu. 23 Nimutuzanire impfizi zibiri hano. Abavugishwa ba Bayali bitoreremwo iyo bashaka, bayibage, bayigereke ku nkwi, ariko ntibadomeke umuriro. Nanje ndabaga iyisigaye, ndayishire ku nkwi, kandi sindomeka umuriro. 24 Maze muheze mwambaze imana yanyu, nanje ndambaza Uhoraho Imana yanje. Imana iza kurungika umuriro, ni yo izoba ari Imana y’ukuri."
Bose bishurira rimwe bati: "Ivyo uvuze ni vyiza."
25 Eliya araheza abarira abavugishwa ba Bayali ati: "Hitamwo impfizi imwe mubanze muyitegure kuko ari mwebwe muri benshi. Muheze muhamagare imana yanyu, ariko ntimudomeke umuriro." 26 Nuko bafata impfizi bari hamwe, barayibaga. Baca bahamagara Bayali kuva mu gatondo, bamara umurango wose basemerera, bavuga bati: "Ewe Bayali, nutwumvire, utwishure!" Ariko ntibigera baronka inyishu mu buryo na bumwe. Batangura gutambatamba bazunguruka ico gicaniro bubatse aho hantu.
27 Hageze nk’isaha zitandatu, Eliya atangura kubashimanga ababwira ati: "Nimusemerere cane! Erega ni imana! Kumbure iri mu vyiyumviro vyinshi, canke ifise akazi kenshi, canke yagiye gutembera. Canke na ho, irasinziriye, ikeneye uwuyivyura." 28 Nuko barushirizaho gukoma induru, bikebaguza inkota n’amacumu nk’uko vyari mu migenzo yabo, gushika aho imibiri yabo itemba amaraso. 29 Isaha zitandatu zirarenga, batangura kwivugisha ibitaja ntibize, gushika igihe co gutanga ibimazi vyo ku mugoroba. Ariko ntibigera bishurwa, canke ngo hagire n’akantu na gatoya kaba.
30 Eliya aca abwira abantu ati: "Nimwegere hano mwese!" Baramwegera, na we asanura igicaniro c’Uhoraho cari carasenyutse. 31 Afata amabuye cumi n’abiri, nk’uko imiryango ya bene Yakobo ingana, ari we ijambo ry’Uhoraho ryabwiye riti: "Kuva ubu, uzokwitwa Isirayeli." 32 Ayo mabuye ayubakisha igicaniro c’Uhoraho, yimba umuvo ugikikuje, uwo muvo washobora kwuzuzwa n’ingero seya zibiri z’imbuto. 33 Ashira inkwi ku gicaniro, abaga ya mpfizi, agereka inyama zayo kuri za nkwi. Aca avuga ati: "Nimwuzuze amazi imibindi minini ine, muheze muyasuke kuri ico kimazi n’izo nkwi."
34 Ababwira ati: "Nimusukeko ayandi." Barasubira basukako ayandi.
Yongera kubabwira ati: "Nimusukeko n’irya gatatu." Na bo basukako ayandi irya gatatu. 35 Ya mazi araseseka ku mpande zose z’igicaniro, gushika aho na wa muvo wuzura.
36 Igihe co gushikana ibimazi kigeze, Eliya yegera igicaniro, asenga avuga ati: "Uhoraho Mana ya Aburahamu na Isaka na Yakobo, uwu musi bigaragare ko ari wewe Mana ya Isirayeli, kandi ko ndi umusavyi wawe, ko nakoze ibi vyose kuko ari wewe wabintumye. 37 Ewe Uhoraho, unyishure. Unyishure kugira ngo aba bantu bamenye ko wewe Uhoraho ari wewe Mana y’ukuri, kandi ko ari wewe usubiriye kwigarurirako imitima yabo."
38 Ubwo nyene umuriro w’Uhoraho uca urakoroka uvuye mw’ijuru, utongora ca kimazi, uturira za nkwi na ya mabuye, mbere ukamya na ya mazi yari yuzuye umuvo.
39 Abantu bose babibonye bikubita hasi bubamye, bavuga bati: "Uhoraho ni we Mana! Uhoraho ni we Mana!"
40 Eliya aca atanga itegeko ati: "Nimufate abavugishwa ba Bayali bose, ntihagire n’umwe abaca mu myanya y’intoke!" Nuko barabafata bose, Eliya ababwira ko babajana mu kiyaya ca Kishoni, barabajana, abicirayo.
41 Eliya abarira Ahabu ati: "Genda ufungure, unywe, kuko ndumva ko imvura nyishi iriko irasuma." 42 Nuko Ahabu aragenda, arafungura, aranywa. Ariko Eliya aduga hejuru ku musozi Karumeli, arapfukama, acurika umutwe mu maguru, arasenga.
43 Abarira umukozi wiwe ati: "Genda utereze amaso hejuru y’ikiyaga."
Wa mukozi aragenda, araraba, aragaruka abarira Eliya ati: "Nta co mbonye."
Eliya amurungika kuraba incuro indwi.
44 Ku ncuro igira indwi, wa mukozi wiwe amubwira ati: "Mbonye agacu gatoya kangana n’ikiganza c’umuntu, kaduga kava ku kiyaga."
Eliya aca amubwira ati: "Irukanga ubwire Ahabu uti: ‘Urira umukogote wawe usubire i muhira imvura itarakubuza gutaha!’ "
45 Muri ako kanya nyene ikirere gitangura kwirabura kubera ibicu, umuyaga urahuhuta, haza imvura y’isegenya. Ahabu aca yirukanga aja i Yezireyeli. 46 Ububasha bw’Uhoraho buza kuri Eliya, akenyeza umukanda umutamana wiwe, yiruka imbere ya Ahabu gushika kw’Irembo rya Yezireyeli.