1 Dawidi yegereje gupfa, yihanikiririza umuhungu wiwe Salomo ati:
2 "Ehe ngiye gufata inzira abo kw’isi bose bafata. Ushikame, ube umugabo. 3 Uze ushire umutima ku vyo Uhoraho Imana yawe yihanikiriza, ugendere mu nzira ziwe. Uze witondere amategeko n’amabwirizwa yiwe, ivyo yashinze n’ivyo yategetse nk’uko vyanditswe mu Vyagezwe vya Mose. Ivyo bizotuma ivyo ukora vyose bikugendera neza aho uzoja hose. 4 Niwabikora, Uhoraho azoshitsa ivyo yansezeraniye. Yambwiye ati: ‘Uruvyaro rwawe nirwigenza uko bibereye, rukankurikira mu bwizigirwa n’imitima yarwo yose n’imishaha yarwo yose, ntuzokwigera ubura uwo kugusubirira ku ngoma ya Isirayeli.’
5 Ubu rero urazi ivyo Yowabu mwene Zeruwiya yangiriye mu kwica abagabisha b’ingabo za Isirayeli babiri, Abuneri mwene Neri na Amasa mwene Yeteri. Yasheshe amaraso yabo mu gihe c’amahoro, nk’aho boba baguye ku rugamba, gutyo yandurisha umukanda wiwe n’ibirato vyiwe amaraso y’abantu ata co bazira. 6 Uzomukorere ico ubona ko kibereye, ariko ntuze umureke ngo yisazire, ngo amanukane imvi ziwe mu mva amahoro.
7 Ariko uze ugirire neza bene Baruzilayi Umunyagileyadi, uzokwame ubatumira gusangira nawe ku meza ibihe vyose, bangiriye neza igihe nahunga mwenewanyu Abusalomu.
8 Kandi uze wibuke Shimeyi mwene Gera Umubenyamini, w’i Bahurimu. Yamvumye imivumo myinshi igihe nariko ndahungira i Mahanayimu. Igihe yaza kuntegerera kuri Yorodani, namurahiye Uhoraho nti: ‘Sinzokuranduza inkota.’ 9 Ariko ubu ntumufate nk’aho ata kimwagira. Uri umugabo w’ubwenge, uzomenya ingene uzomugenza. Imvi ziwe azozimanukane i kuzimu ziriko amaraso."
10 Nuko Dawidi ahamvya ba sekuruza, ahambwa mu Gisagara ca Dawidi. 11 Dawidi yaganje Isirayeli imyaka mirongo ine: imyaka indwi yabaye i Heburoni, iyindi mirongo itatu n’itatu aba i Yerusalemu. 12 Maze Salomo yicara ku ntebe y’ubwami ya se Dawidi, ingoma yiwe irakomera.
13 Igihe kimwe Adoniya mwene Hagiti aja kuraba Batisheba nyina wa Salomo. Batisheba aramubaza ati: "Ugenzwa n’amahoro?"
Na we ati: "Egome ngenzwa n’amahoro." 14 Arabandanya ati: "Ndafise ico ndakubwira."
Batisheba ati: "Ndaguteze amatwi."
15 Aravuga ati: "Urazi ko ingoma yari iyanje. Abisirayeli bose bashaka ko ndababera umwami. Ariko vyarahindutse, ubwami bwegukiye mwenewacu, kuko yabuhawe n’Uhoraho. 16 None rero mfise ico ndagusaba, kandi ndakwinginze ntunyankire." Batisheba ati: "Wipfuza ko ndagukorera iki?"
17 Adoniya amwishura ati: "Mvugira ku mwami Salomo ndazi arakwumvira. Munsabire anyemerere ndongore Abishagi, umukobwa w’i Shunemu."
18 Batisheba aca amubwira ati: "Ndavyemeye, ndakuvugira ku mwami."
19 Batisheba agiye kuraba umwami Salomo ngo avugire Adoniya, umwami arahaguruka aja kumusanganira, aramwunamira, hanyuma yicara ku ntebe yiwe y’ubwami. Amaze kwicara aca asaba ko bazana iyindi ntebe y’umugabekazi, Batisheba aca yicara i buryo bwiwe.
20 Batisheba abwira umwami ati: "Hari ico ngusaba kandi ndakwinginze ntunyankire." Umwami ati: "Mbarira, urazi ko ntokwankira."
21 Amubwira ati: "Emerera mwenewanyu Adoniya arongore Abishagi, umukobwa w’i Shunemu."
22 Umwami Salomo abaza nyina ati: "Ni kubera iki ushaka ko Abishagi Umunyashunemukazi arongorwa na Adoniya? Ahubwo musabire n’ubwami na bwo! Ntuzi ko ari mukurwanje, kandi akaba afise Abiyatari umuherezi na Yowabu mwene Zeruwiya ku ruhande rwiwe!"
23 Umwami Salomo aca ararahira mw’izina ry’Uhoraho ati: "Uhoraho azobimpanire, ndetse birengeje, nintica Adoniya kubera ivyo ansavye. 24 Uhoraho ni we yanyemeje, anyicarika ku ntebe ya data Dawidi, anshiraho nk’uko yabisezeranye. None rero ndarahiye Uhoraho ko Adoniya aja gupfa uwu musi nyene!" 25 Nuko umwami Salomo aca aha Benaya mwene Yehoyada itegeko ryo kumwica, Adoniya aca aricwa.
26 Umwami Salomo aca abarira Abiyatari umuherezi ati: "Subira i wanyu muri Anatoti. Wari ukwiye gupfa ariko sindakwica kuko wareruye Isandugu y’Uhoraho Nyeninganji imbere ya data Dawidi, ukabana na we mu bihe bigoye vyose yaciyemwo." 27 Nuko Salomo akura Abiyatari mu gikorwa c’umuherezi w’Uhoraho, maze aba ashikije ijambo Uhoraho yavugiye i Shilo ku ruvyaro rwa Eli.
28 Yowabu ntiyari yifatanije na Abusalomu mu bugarariji bwiwe, ariko yari yifatanije na Adoniya mu kugarariza kwiwe. Yumvise ko Adoniya yapfuye, aca arirukanga mw’Ihema ry’Uhoraho, afata amahembe y’igicaniro. 29 Umwami Salomo aramenya ko Yowabu yahungiye mw’ihema ry’Uhoraho, kandi ko ari i ruhande y’igicaniro. Aca abarira Benaya mwene Yehoyada ati: "Genda umwice!"
30 Benaya aja mw’Ihema ry’Uhoraho abarira Yowabu ati: "Umwami avuze ngo: ‘Sohoka!’ " Ariko Yowabu yishura ati: "Eka sinsohoka, mpfira ngaha." Benaya aca aragenda abarira umwami uko Yowabu yavuze.
31 Umwami aca abarira Benaya ati: "Bikore uko abivuze. Genda umwice, umuhambe, twe n’inzu ya data udukureko umuvumo w’amaraso y’abantu ata co bazira Yowabu yasheshe. 32 Uhoraho azomwishura ibihwanye n’ubwicanyi yagiriye abantu babiri bamusumvya ubugororotsi kandi bamusumvya n’ubutwari. Data ntiyigeze amenya ivy’urupfu rwa Abuneri mwene Neri umugabisha w’ingabo za Isirayeli, hamwe n’urwa Amasa mwene Yeteri umugabisha w’ingabo za Yuda. 33 Umuvumo w’amaraso yabo uzoje kuri Yowabu n’uruvyaro rwiwe ibihe vyose. Ariko amahoro y’Uhoraho abe kuri Dawidi, ku ruvyaro rwiwe, ku nzu yiwe no ku ngoma yiwe ibihe vyose."
34 Benaya mwene Yehoyada aca asubirayo yica Yowabu, amuhambisha mw’itongo ryiwe mu bugaragwa. 35 Umwami aca agira Benaya mwene Yehoyada umukuru w’ingabo, asubirira Yowabu. Abiyatari umuherezi na we asubirirwa na Sadoki umuherezi.
36 Umwami aca atumako Shimeyi amubwira ati: "Niwiyubakire inzu aha i Yerusalemu abe ari ho uba. Ariko ntuze wigere usohoka igisagara ngo hagire ahandi uja! 37 Nihagira aho uja ukarengana umwonga wa Kidironi, nta kabuza uzopfa, kandi amaraso yawe azoguharurweko."
38 Shimeyi yishura umwami ati: "Ivyo uvuze ni vyiza. Nzokora ivyo umwami wanje ambariye." Nuko Shimeyi aba i Yerusalemu ahamara igihe kirekire.
39 Ariko haciye imyaka itatu, abagurano babiri ba Shimeyi bahungira kwa Akishi mwene Mayaka umwami w’i Gati. Shimeyi amenye ko ari yo bari, 40 aca ashira amatandiko ku ndogoba, aja i Gati kubarondera. Abatoye, aca arabagarukana i Yerusalemu.
41 Maze Salomo yumva ko Shimeyi yavuye i Yerusalemu akaja i Gati akagaruka. 42 Umwami aca atumako Shimeyi amubaza ati: "Sinari nakurahije Uhoraho ndakubwira ko nihagira ahantu na hamwe uja ata kabuza uzokwicwa, nawe ukishura uti: ‘Ivyo uvuze ni vyiza, nzokora ico umwami wanje ambariye’? 43 None ni kuki utubahirije indahiro warahiriye imbere y’Uhoraho, ntukurikize ivyo nagutegetse?"
44 Umwami arasubira amubwira ati: "Urazi mu mutima wawe ikibi wakoreye data Dawidi. None rero Uhoraho aguhore ikibi wakoze. 45 Ariko hahezagirwe umwami Salomo, ingoma ya Dawidi ihore ihangamye imbere y’Uhoraho ibihe vyose."
46 Umwami aca aha itegeko Benaya mwene Yehoyada, afata Shimeyi aja kumwica.
Kuva ico gihe ingoma ya Salomo ica irakomera.