1 Maze Ijambo rivuye k’Uhoraho rishikirizwa Bayasha riciye ku wavugishwa n’Imana Yehu mwene Hanani, 2 rivuga riti: "Naguhagurukije ndagukuye mu mukungungu, ndakugira umutware w’ubwoko bwanje bwa Isirayeli, ariko ugendera mu ngeso za Yerobowamu, utuma ubwoko bwanje bucumura, bituma ndabarakarira kubera ivyaha vyabo. 3 None ngiye kukurandurana n’umuryango wawe, ndawugire nk’uko nagize uwa Yerobowamu mwene Nebati. 4 Imbwa ni zo zizorya abawe bazogwa mu gisagara, nayo abazogwa mu gahinga bazoribwa n’ibisiga vyo mu kirere."
5 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Bayasha, ivyo yakoze n’ivyo yashitseko, vyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku bami ba Isirayeli. 6 Hanyuma Bayasha ahamvya ba sekuruza, ahambwa i Tiriza. Umuhungu wiwe Ela aba ari we amusubirira ku ngoma.
7 Ariko kandi, Ijambo ry’Uhoraho ryari ryarashikirijwe Bayasha n’umuryango wiwe riciye kuri wa muvugishwa Yehu mwene Hanani, kubera ibintu bibiri: ivyaha vyose yakoreye mu nyonga z’Uhoraho, bituma Uhoraho amurakira, amugira nk’umuryango wa Yerobowamu, hamwe rero no kuba ari we yatikije umuryango wa Yerobowamu.
8 Mu mwaka ugira mirongo ibiri na gatandatu Asa umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, Ela mwene Bayasha ni ho yimikwa nk’umwami wa Isirayeli, amara imyaka ibiri aba i Tiriza.
9 Umwe mu bakuru b’abasoda yatwara ica kabiri c’imikogote y’umwami yitwa Zimuri, agira imigabo yo kwica umwami Ela. Umusi umwe, Ela yari i Tiriza, ariko anywera kwa Arusa umukuru w’ikirimba, kandi akaba yamaze kuborerwa. 10 Zimuri arinjira, amutsindaho, aramwica. Hari mu mwaka ugira mirongo ibiri n’indwi Asa umwami w’i Buyuda ari ku ngoma. Nuko Zimuri aca aramusubirira, aba umwami.
11 Agitangura gutwara, yicaye ku ntebe y’ubwami, yicisha umuryango wose wa Bayasha, ntiyasigaza icitwa umuhungu, haba mu ncuti canke mu bagenzi biwe. 12 Uko ni ko Zimuri yaranduye umuryango wa Bayasha, nk’uko Uhoraho yari yabibwiye Bayasha aciye ku wavugishwa n’Imana Yehu. 13 Ivyo vyabaye kubera ivyaha Bayasha n’umuhungu wiwe Ela bakoze, batuma n’Abisirayeli babikora, batuma uburake bw’Uhoraho Imana ya Isirayeli buziriringa kubera ibitagira ikimazi ari vyo bigirwamana vyabo.
14 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Ela hamwe n’ivyo yakoze, vyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku bami ba Isirayeli.
15 Mu mwaka ugira mirongo ibiri n’indwi Asa umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, Zimuri ni ho yima i Tiriza, amara imisi indwi ari ku ngoma. Ingabo za Isirayeli zari zagize igitero ku gisagara c’Abafilisitiya citwa Gibetoni. 16 Abasoda b’Abisirayeli bumvise ko Zimuri ari we yateguye kwica umwami hanyuma akamugandagura, baca bimika Omuri umukuru w’abasoda, aba ari we bagira umwami wa Isirayeli, uwo musi nyene, muri iyo kambi nyene. 17 Omuri n’abasoda b’Abisirayeli baca bava i Gibetoni batera i Tiriza barahigarurira. 18 Zimuri abonye ko igisagara gifashwe, aca yinjira mu munara w’ikirimba, yituririrako inzu, yicwa n’umuriro. 19 Ivyo vyamubayeko kuko na we nyene yakoze ivyo Uhoraho yabona ko ari bibi mu nyonga ziwe, mu kugendera mu ngeso za Yerobowamu no mu vyaha yakoze, akabikoresha n’Abisirayeli.
20 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Zimuri n’ivy’ubugarariji yagize, vyanditse mu gitabu c’ivyabaye ku bami ba Isirayeli.
21 Zimuri amaze gupfa, ubwoko bwa Isirayeli buca bwigaburamwo kabiri, bamwe bakurikira Tibuni mwene Ginati ngo ababere umwami, abandi bakurikira Omuri. 22 Ariko abayoboka Omuri bari bakomeye gusumba abayoboka Tibuni mwene Ginati. Nuko Tibuni aricwa, Omuri aca aba umwami.
23 Mu mwaka ugira mirongo itatu na rimwe Asa umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Omuri yatangura kuganza Isirayeli, amara imyaka cumi n’ibiri yose hamwe, ariko itandatu muri yo yayimaze i Tiriza. 24 Hanyuma umwami Omuri agurira Shemeri umusozi witwa Samariya. Awugura italanto zibiri z’ifeza, awubakako igisagara, acita Samariya, rivuye muri Shemeri, izina ry’uwo yahaguriye.
25 Ariko Omuri akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, akora ivyaha biruta ivy’abatwaye imbere yiwe. 26 Agendera mu nzira za Yerobowamu mwene Nebati no mu vyaha yakora, atuma n’Abisirayeli babikora, maze batera uburake Uhoraho Imana ya Isirayeli, bayirakishije ibitagira ikimazi ari vyo bigirwamana vyabo.
27 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Omuri, ivyo yakoze n’ivyo yashitseko, vyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku bami ba Isirayeli. 28 Nuko Omuri ahamvya ba sekuruza, ahambwa i Samariya. Umuhungu wiwe Ahabu amusubirira ku ngoma.
29 Mu mwaka ugira mirongo itatu n’umunani Asa ari ku ngoma i Buyuda, Ahabu mwene Omuri ni ho yaba umwami wa Isirayeli, amara imyaka mirongo ibiri n’ibiri i Samariya aganza Isirayeli. 30 Ahabu mwene Omuri yakoze ibibi mu nyonga z’Uhoraho biruta ivy’abatwaye imbere yiwe. 31 Mbere nk’aho womenga kugendera mu vyaha vya Yerobowamu mwene Nebati ntivyari bimuhagije, we yararengejeko, arongora Yezebeli umukobwa wa Etibayali umwami wa Sidoni, aca atangura gukorera ikigirwamana Bayali, aba ari co asenga, 32 yubaka n’igicaniro mu ngoro y’ico kigirwamana nyene yacubakiye i Samariya. 33 Ahabu yongera ashinga inkingi za Ashera, akora n’ibindi vyinshi vyatumye uburake bw’Uhoraho, Imana ya Isirayeli, buziriringa, arusha ibibi abami bose ba Isirayeli batwaye imbere yiwe.
34 Ku ngoma ya Ahabu ni ho Hiyeli w’i Beteli yasubira kwubaka Yeriko. Agitangura kwubaka umushinge, umuhungu wiwe w’imfura Abiramu arapfa. Amaze guheza inzitiro zaco, umuhungu wiwe w’umuhererezi Segubu na we arapfa. Ivyo vyose vyabaye nk’uko ijambo ry’Uhoraho ryari ryarabivuze, riciye mu kanwa ka Yosuwa mwene Nuni.