Publicidade

1 Reis 13

Uwavugishwa n’Imana yava i Buyuda

1 Umuntu w’Imana ava i Buyuda aja i Beteli atumwe n’Imana, ashika igihe Yerobowamu yari ahagaze imbere y’igicaniro i Beteli agira atange ibimazi. 2 Aca arasemerera uko abwiwe n’Imana, abwira ico gicaniro ati: "Wa gicaniro we, ewe wa gicaniro! Nguku uko Uhoraho avuze: ‘Mu muryango wa Dawidi hazovuka umuhungu yitwa Yosiya. Kuri wewe ni ho azokererera abaherezi b’ibigirwamana vyo mu mataba y’imisozi baza kugutangirako ibimazi, kandi kuri wewe ni ho bazoturirira amagufa y’abantu.’ " 3 Uwo musi nyene, uwo muntu w’Imana aca atanga ikimenyetso co kwemeza ivyo avuze, ati: "Uhoraho atanze iki kimenyetso: Iki gicaniro kigira gisadukemwo kubiri, iminyota yose yari kuri co iseseke hasi."

4 Umwami Yerobowamu yumvise ivyo uwo muntu w’Imana asemereye abwira ico gicaniro c’i Beteli, aramvura ukuboko amutunga urutoke, ahagaze i ruhande ya ca gicaniro, avuga ati: "Mufate!" Kwa kuboko amutumberejeko guca kuradadarara ntivyakunda ko asubira kukwigarukanako. 5 Ca gicaniro gica gisadukamwo kubiri, iminyota yose yari kuri co iseseka hasi nk’uko wa muntu w’Imana yari yabivugishijwe n’ijambo rivuye k’Uhoraho.

6 Umwami aca abarira wa muntu w’Imana ati: "Ndagusavye nyingingira Uhoraho Imana yawe, ukuboko kwanje gusubire kumere uko kwahora." Wa muntu w’Imana yinginga Uhoraho, kwa kuboko kw’Umwami gusubira kumera neza.

7 Umwami aca abarira uwo muntu w’Imana ati: "Ingo tujane iwanje, ndakuzimane, kandi ndaguhe n’ingabire."

8 Wa muntu w’Imana aramwishura ati: "N’aho wombwira ko umpa igice c’ivyo utunze vyose, sinojana nawe, kandi sinogira ico ndira canke nywera ngaha. 9 Kuko ijambo ry’Uhoraho ryantegetse riti: ‘Ntihaze hagire ico urya canke unywa, kandi ntuzogarukane inzira wajanye.’ " 10 Nuko aca afata iyindi nzira, ntiyasubira inyuma aciye mu nzira yazananye aje i Beteli.

11 Igihe ivyo vyaba, hariho umuvugishwa n’Imana wa kera yaba i Beteli, abahungu biwe batashe bamubwira ivyo uwo muntu w’Imana yakoreye i Beteli uwo musi, bongera bamubwira n’ivyo yabariye umwami. 12 Se arababaza ati: "Mu gusubira inyuma yajanye inzira iyihe?" Na bo barayimwereka. 13 Aca abarira abo bahungu biwe ati: "Nimuntegurire indogoba." Barayimutegurira, na we ayicarako, 14 akurikira uwo muntu w’Imana, amusanga yicaye musi y’igiti c’umwelayo, aramubaza ati: "Ni wewe muntu w’Imana wavuye i Buyuda?"

Na we arishura ati: "Ni jewe."

15 Wa muvugishwa aramubwira ati: "Ingo dutahane i muhira ndakuzimane."

16 Wa muntu w’Imana aramwishura ati: "Sinshobora gusubira inyuma ngo njane nawe, kandi sinshobora kugira ico ndya canke nywa aha hantu, 17 kuko ijambo ry’Uhoraho ryambariye riti: ‘Ntihazogire ico urya canke unywa, kandi ntuzoce mu nzira wajanye mu gusubira inyuma.’ "

18 Wa muvugishwa wa kera aramubarira ati: "Nanje ndi umuvugishwa n’Imana nkawe. Kandi umumarayika yampaye ijambo rivuye k’Uhoraho rivuga riti: ‘Genda umugarukane i muhira iwawe, afungure yongere anywe amazi.’ " Ariko yariko aramubesha. 19 Wa muntu w’Imana aca asubirana inyuma na we, arira mu nzu y’uwo muvugishwa, yongera anywaho n’amazi.

20 Bacicaye ku meza, ijambo ry’Uhoraho riza kuri wa muvugishwa wa kera yagarukanye wa muntu w’Imana. 21 Arasemerera abarira wa muntu w’Imana yavuye i Buyuda ati: "Uhoraho avuze ati: ‘Wahinduye ubusa ijambo ry’Uhoraho, ntiwakurikije itegeko Uhoraho Imana yawe yaguhaye. 22 Wasubiye inyuma, urira kandi unywera mu kibanza Uhoraho yakubujije kuriramwo no kunyweramwo. None rero umuvyimba wawe ntuzohambwa mu mva ya ba sogokuruza bawe.’ "

23 Wa muntu w’Imana ahejeje kurya no kunywa, wa muvugishwa aca amutegurira indogoba, 24 wa muntu w’Imana aca asubira gufata urugendo. Ariko akiri mu nzira, ahura n’intare, iramwica. Umuvyimba wiwe uca uguma urambitse ku nzira, ya ndogoba na ya ntare biguma bihagaze i ruhande yawo. 25 Abantu barengana babonye uwo muvyimba uryamye hasi, bakabona na ya ntare ihagaze i ruhande yawo, baca baja kubivuga muri ca gisagara wa muvugishwa wa kera yabamwo.

26 Wa muvugishwa yari yamugarukanye avyumvise, aravuga ati: "Uwo ni wa muntu w’Imana yahindura ubusa ijambo ry’Uhoraho. Uhoraho yamurekuriyeko intambwe iramwica nk’uko ijambo ry’Uhoraho ryari ryamuburiye."

27 Uwo muvugishwa aca abwira abahungu biwe ati: "Ntegurire indogoba." Na bo barayimutegurira. 28 Nuko aragenda asanga wa muvyimba urambaraye hasi, na ya ndogoba n’intare bihagaze i ruhande yawo. Iyo ntare ntiyari yariye uwo muvyimba, nta n’ico yagize iyo ndogoba. 29 Wa muvugishwa aca afata wa muvyimba wa wa muntu w’Imana, awushira ku ndogoba, awuzana mu gisagara c’i Beteli, kugira ngo amugandarire, hanyuma amuhambe. 30 Nuko aryamika ico kiziga mu mva yiwe, amuborogera cane avuga ati: "Yo, muvukanyi!"

31 Ahejeje kumuhamba, abarira abahungu biwe ati: "Ninapfa, muzompambe mu mva urya muntu w’Imana yahambwemwo, amagufa yanje muzoyaryamike i ruhande y’ayiwe. 32 Kuko ijambo Uhoraho yamubwiye ngo avugire ku gicaniro i Beteli no mu bibanza vyo gusengeramwo ku misozi mu bisagara vy’i Samariya nta nkeka rizoshika."

33 Ariko n’inyuma y’ivyo, Yerobowamu ntiyahevye inzira ziwe mbi, ahubwo yasubijeho abaherezi ku mitumba, bava mu bantu abo ari bo bose. Hagize uwumva ashaka kuba umuherezi wese yaca amurobanura, akaba umuherezi muri ivyo bibanza vyo gusengeramwo ku misozi. 34 Ico cabereye umuryango wa Yerobowamu icaha kinini, catumye ingoma yiwe isenyuka, irazimangana kw’isi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-