Publicidade

1 Reis 21

Ivya Naboti n’uruzabibu rwiwe

1 Kandi ico gihe hariho umuntu yitwa Naboti w’i Yezireyeli, yari afise itongo ry’imizabibu aho nyene i Yezireyeli, hafi y’ikirimba ca Ahabu umwami w’i Samariya. 2 Ahabu abarira Naboti ati: "Mpa uruzabibu rwawe ndarurimemwo imboga, kuko ruri hafi y’ikirimba canje. Nanje ndaguha urundi ruzabibu rwiza gusumba urwo, canke na ho ushatse ndarukugurire amahera."

3 Ariko Naboti yishura Ahabu ati: "Uhoraho ntakavyumve ko noguha iragi rya ba sogokuruza."

4 Ahabu ataha iwe, yijiriwe, ababajwe n’uko Naboti w’i Yezireyeli amubwiye ati: "Sindaguha iragi rya ba sogokuruza." Aryama ku buriri bwiwe araba ku ruhome, yanka no kurya.

5 Umugore wiwe Yezebeli yinjira aho aryamye amubaza ati: "Ni kubera iki wijiriwe? Ni iki gitumye utarya?"

6 Aramwishura ati: "Nabwiye Naboti w’i Yezireyeli nti: ‘Ndakugurire uruzabibu rwawe, canke ushatse ndaguhe urundi ruzabibu.’ " Ariko yambwiye ati: "Sinshobora kuguha uruzabibu rwanje."

7 Yezebeli aramubaza ati: "Mbega si wewe uri umwami wa Isirayeli? Vyuka ufungure, ushire umubabaro. Urwo ruzabibu rwa Naboti w’i Yezireyeli jewe nzoruguha."

8 Nuko aca yandika amakete kw’izina rya Ahabu, ayaterako n’ikidodo ciwe, ayarungikira abatware n’abubahwa bo mu gisagara Naboti yabamwo. 9 Muri ayo makete yandika ati:

"Nimushinge umusi wo kwisonzesha, hanyuma Naboti abe ari we mushira imbere arongore abandi. 10 Muce murondera abantu babiri bashirukanya, bagirize Naboti ko yatutse Imana n’umwami. Muce mumusohokana mumwicishe amabuye."

11 Nuko abatware n’abubahwa bo mu gisagara Naboti yabamwo babikora nk’uko Yezebeli yabibabwiye muri ayo makete yabandikiye. 12 Bashinga umusi wo kwisonzesha, bashira Naboti imbere y’ikoraniro. 13 Haca haza abantu babiri bicara aharabana n’aho Naboti yari yicaye, bamwagiriza imbere y’abantu bavuga bati: "Naboti yatutse Imana n’umwami." Baca baramufata bamusohokana inyuma y’igisagara, bamwicisha amabuye. 14 Baca barungika intumwa kuri Yezebeli bati: "Naboti yicishijwe amabuye."

15 Yezebeli yumvise ko Naboti yicishijwe amabuye, aragenda abwira Ahabu ati: "Vyuka uje gushikira rwa ruzabibu rwa Naboti w’i Yezireyeli yari yanse kuguha. Ntakiri muzima, yapfuye." 16 Ahabu yumvise ko Naboti w’i Yezireyeli yapfuye, aca arahaguruka aja kwigarurira rwa ruzabibu rwiwe.

17 Ariko ijambo ry’Uhoraho riza kuri Eliya Umunyetishubi, 18 riti: "Manuka urabe Ahabu umwami wa Isirayeli aba i Samariya. Ubu ari mu ruzabibu rwa Naboti urwo yigaruriye. 19 Umubwire uti: ‘Wishe umuntu none wigaruriye n’utwiwe!’ Wongere umubwire uti: ‘Uhoraho avuze ati: Ko ukoze ivyo, imbwa zizorigatira amaraso yawe inyuma y’igisagara, aho zarigatiye aya Naboti.’ "

20 Ahabu aca abwira Eliya ati: "Urandonse akaryo, wa mwansi wanje we!"

Eliya amwishura ati: "Ndakuronse akaryo nyene, kuko wiyeguriye gukora ibibi mu nyonga z’Uhoraho. 21 Uhoraho agiye kugusukako ivyago, arandure uruvyaro rwawe, arandure abo mu nzu ya Ahabu gushika ku muhungu wa nyuma muri Isirayeli, yaba umugurano canke uwidegemvya. 22 Umuryango wawe azowutikiza nk’uwa Yerobowamu mwene Nebati canke uwa Bayasha mwene Ahiya, kuko wamuteye ubushangashirwe, ugakwegera Abisirayeli mu vyaha.

23 Nayo ku vyerekeye Yezebeli, Uhoraho yambwiye ko imbwa zizorira umuvyimba wiwe ku ruzitiro rw’i Yezireyeli.

24 Abo mu muryango wawe bazogwa mu gisagara, bazoribwa n’imbwa, abazogwa mu gahinga na bo bazoribwa n’ibisiga vyo mu kirere."

25 (Nta muntu n’umwe yari yarihebeye gukora ibibi mu nyonga z’Uhoraho kunganya Ahabu, abikwegewemwo n’umugore wiwe Yezebeli. 26 Yakoze ivy’agahomerabunwa vyinshi mu gusenga ibishushanyo nk’uko Abamori babisenga, abo Uhoraho yari yirukanye imbere y’Abisirayeli.)

27 Ahabu yumvise ayo majambo, yitabagurirako impuzu, yambara amagunira, arisonzesha. Mbere akaryama yambaye igunira, akagenda yipfumbereje.

28 Maze ijambo ry’Uhoraho riza kuri Eliya Umunyetishubi, 29 riti: "Wabonye ingene Ahabu yicishije bugufi imbere yanje? Ko yicishije bugufi, sinzomushitsako ibi vyago mu gihe azoba akiriho. Nzobishitsa ku muryango wiwe mu gihe hazoba hatwara umuhungu wiwe."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-