Publicidade

1 Reis 12

Abisirayeli bagarariza Rehobowamu

1 Rehobowamu aja i Shekemu aho Abisirayeli bose bari bakoraniye kugira ngo bamwimike abe umwami. 2 Yerobowamu mwene Nebati avyumvise ari muri Egiputa, aho yari yarahungiye umwami Salomo, aca aragaruka. 3 Nuko batumako Yerobowamu, maze we n’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli baja aho Rehobowamu ari bamubwira bati: 4 "So yadutwaje umukazo, none turagusavye utugabanirize umuruho w’ibikorwa bigoye yadutegetse gukora, natwe tuzoba abasavyi bawe."

5 Rehobowamu abishura ati: "Nimutahe mbanze ndavyiyumvire, muze mugaruke inyuma y’imisi itatu." Nuko abo bantu baca baragenda.

6 Umwami Rehobowamu aca agisha inama abatware bakoranye na se Salomo akiriho. Arababaza ati: "Mungiriye inama ki? Aba bantu ndabishure iki?"

7 Na bo baramwishura bati: "Uyu musi niwumvira aba bantu ukabagirira neza, ukabaha inyishu nziza, bazokwama bagukorera ibihe vyose."

8 Ariko Rehobowamu yanka impanuro abahumure bamuhaye, aca asiguza abasore bakuranye na we bari mu bamukorera. 9 Arababaza ati: "Mumpanuye iki? Nokwishura iki aba bantu bambwiye bati: ‘Turemurure umutwaro so yaturemetse’?"

10 Ba basore bakuranye na we bamwishura bati: "Abo bantu bakubwiye bati, ‘So yaturemetse imitwaro ituvuna, ariko weho uturemurure iyo mitwaro’; babwire uti, ‘Urutoke rwanje rw’uruhererezi rusumvya ubunini umugongo wa data. 11 Data yabaremereje ibikorwa vyinshi, ni ko: ariko jeho nzobibaremereza gusumba. Data yabakubitisha ikimoko, jeho nzobarisha sikoropiyo!’ "

12 Haheze imisi itatu, Yerobowamu na ba bantu bagaruka kuraba umwami Rehobowamu, nk’uko yari yabibabwiye, ati: "Muze mugaruke mu misi itatu." 13 Maze umwami abishura abakankamira, kuko yari yanse impanuro yahawe n’abahumure, 14 akumvira impanuro z’imisore yakuranye na we. Abishura ati: "Data yabaremereje ibikorwa bigoye, jeho nzobibaremereza gusumba. Data yabakubitisha ikimoko, jeho nzobarisha sikoropiyo." 15 Nuko umwami ntiyumvira abo bantu, kuko Uhoraho ari we yatumye vyose bigenda gutyo, kugira ngo ashitse ico yari yarasezeraniye Yerobowamu mwene Nebati, abicishije kuri Ahiya w’i Shilo.

16 Maze Abisirayeli bose babonye ko umwami yanse kubumviriza, bishura umwami bati:

"Hari umugabane dufise mu muryango wa Dawidi?

Nta co twiteze kuronka kuri mwene Isayi.

Yemwe Bisirayeli, mwese nimusubire mu ngo zanyu.

Nawe Dawidi, urimenya urabe inzu yawe!"

Nuko Abisirayeli basubira iwabo. 17 Ariko Abisirayeli bagumye baba mu bisagara vy’i Buyuda, bobo Rehobowamu yagumye abaganza.

18 Umwami Rehobowamu arungika Adoramu yari ajejwe ibikorwa vy’agahato, kugira ngo agarukane umutekano, ariko Abisirayeli bose bamutera amabuye arapfa. Maze umwami Rehobowamu, yurira umukogote wiwe arahunga aja i Yerusalemu. 19 Uko ni ko imiryango ya Isirayeli yo mu buraruko yanse kuganzwa n’inzu ya Dawidi gushika n’uwu musi.

20 Abisirayeli bumvise ko Yerobowamu yagarutse avuye muri Egiputa, baca batumako ikoraniro, bamugira umwami wa Isirayeli. Umuryango wa Yuda ni wo wonyene wasigaye uyoboka abo mu muryango wa Dawidi.

21 Rehobowamu ashitse i Yerusalemu, akoranya Abayuda bose n’umuryango w’Ababenyamini, abatoranyamwo imisore ishobora kugwana ibihumbi ijana na mirongo umunani kugira ngo baje gutera Abisirayeli, bagarurire ubwami Rehobowamu mwene Salomo.

22 Ariko ijambo ry’Imana riza kuri Shemaya umuntu w’Imana, riti: 23 "Barira Rehobowamu mwene Salomo umwami w’i Buyuda, n’abo mu muryango wa Yuda n’uwa Benyamini, hamwe n’abasigaye bose, 24 uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Ntimuduge kugwanya abavukanyi banyu ari bo Bisirayeli. Umwe wese muri mwebwe nasubire iwe, kuko ivyabaye vyose ari jewe nabigize.’ " Nuko bumvira ijambo ry’Uhoraho, basubira iwabo nk’uko Uhoraho yari abibategetse.

Yerobowamu acurira imana Abisirayeli

25 Maze Yerobowamu yubaka igisagara c’i Shekemu co mu ntara y’imitumba ya Efurayimu, aba ari ho aba. Hanyuma avayo, yubaka igisagara c’i Peniyeli.

26 Yerobowamu yibwira mu mutima ati: "Nintaba maso, ubwami burasubira mu ruvyaro rwa Dawidi. 27 Aba bantu nibakomeza kwama baja i Yerusalemu gushikanira ibimazi Uhoraho mu Ngoro y’Uhoraho, bazohava basubira kugirana isezerano na Rehobowamu umwami w’i Buyuda, baheze banyice, hanyuma bisubirire ku mwami Rehobowamu."

28 Uwo mwami amaze guhanuza, aca acurisha amashuri abiri mu nzahabu. Aca abwira abantu ati: "Yemwe Bisirayeli, birabaruhishije kwama muduga i Yerusalemu. Ng’izi imana zanyu zabakuye muri Egiputa." 29 Imwe ayishinga i Beteli mu bumanuko, iyindi ayishinga mu buraruko, mu ntara ya Dani. 30 Maze ico kintu gihindukira abantu icaha gikomeye, ku buryo hariho n’abagenda gusenga ic’i Beteli, bagaca bongera bagafata urugendo rurerure baja gusenga ico kindi c’i Dani.

31 Yerobowamu yubaka ibibanza vyo gusengeramwo ku misozi, agena n’abaherezi mu miryango yose, naho bataba bava mu Balewi. 32 Aca ashinga ko ku musi ugira cumi na gatanu w’ukwezi kw’umunani hazohora haba muri Isirayeli umusi mukuru, kugira ngo yigane umusi mukuru w’insago wahimbazwa i Buyuda. Ivyo yabigiriye i Beteli, ashikanira ibimazi iyo shuri yacurishije. I Beteli nyene ahagena n’abaherezi bo mu bibanza vyo gusengeramwo yubatse. 33 Ku musi ugira cumi na gatanu w’ukwezi kw’umunani, ukwezi yihitiyemwo wenyene, ashikanira ibimazi ku gicaniro yubatse i Beteli. Nuko ashinga uwo musi mukuru kubw’Abisirayeli bose, hanyuma yurira ku gicaniro gutanga ibimazi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-