Publicidade

1 Reis 6

Salomo yubaka Ingoro

1 Mu mwaka ugira amajana ane na mirongo umunani Abisirayeli bavuye muri Egiputa, mu mwaka ugira kane Salomo agiye ku ngoma muri Isirayeli, mu kwezi kwa kabiri ari kwo kwitwa Zivu, Salomo atangura kwubakira Uhoraho Ingoro.

2 Ingoro umwami Salomo yubakiye Uhoraho yari ifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itandatu z’uburebure, ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’ubwaguke, n’ingero z’igice c’ukuboko mirongo itatu z’igihagararo. 3 Ibaraza ry’amaja imbere ry’inyubakwa nkuru y’Ingoro ryari rifise uburebure bungana n’ingero z’igice c’ukuboko cumi n’ubwaguke bungana n’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri, co kimwe n’inyubakwa nkuru y’Ingoro. 4 Ku mpome z’iyo Ngoro Salomo yashizeko amadirisha matomato ariko ivyuma. 5 Ku mpande zayo na ho bahubatse utwumba tugerekeranye, tuyikikuje yose uhereye Ahera cane. 6 Utwumba two hasi twari dufise ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’ubwaguke, utwo hagati na two twari dufise ingero z’igice c’ukuboko zitandatu z’ubwaguke, utwo hejuru na two twari dufise ingero z’igice c’ukuboko indwi. Baza barasigaza aho imbaho zishikira ku ruhome, kugira ngo ntizinjizwe mu ruhome rw’imbere mu Ngoro.

7 Amabuye yo kwubaka iyo Ngoro bayabazira iyo bayimvye. Nta nyundo, incabiti canke ikindi cuma na kimwe cumvikana mu gihe co kuyubaka.

8 Ubwinjiriro bw’utwumba two hasi bwari ku ruhande rwo hepfo, hakaba n’ingazi zidugana ku twumba two hagati, hakaba n’iyava ku two hagati iduga ku two hejuru. 9 Ahejeje kwubaka iyo Ngoro, ayiha igisenge kigizwe n’inkingi hamwe n’imbaho vy’amasederi. 10 Yubaka n’utwumba dukikuje iyo Ngoro. Kamwekamwe kose kari gafise uburebure bw’ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’amaduga, kagafatanywa n’ingoro hakoreshejwe inkingi z’amasederi.

11 Ijambo ry’Uhoraho riza kuri Salomo, 12 riti: "Ku bw’iyi Ngoro wubatse, niwakurikiza ivyo nashinze ugashitsa amabwirizwa yanje, ukitondera ivyo nihanikiririje, hanyuma ugakurikiza ivyagezwe vyanje, nanje nzoshitsa ivyo nasezeraniye so Dawidi. 13 Nzobana n’Abisirayeli, kandi sinzokwigera mpeba ubwoko bwanje bwa Isirayeli."

14 Nuko Salomo yubaka iyo Ngoro arayiheraheza neza. 15 Impome zose z’imbere azomekako imbaho z’amasederi, uhereye hasi ugashitsa ku gisenge, hasi na ho ahasasa imbaho z’akajwari. 16 Ayiha icumba c’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’uburebure, na co nyene acomekamwo imbaho z’amasederi, uhereye hasi ugashitsa ku gisenge; maze ico cumba kirategurwa kugira ngo kibe Ahera Cane h’iyo Ngoro. 17 Ahasigaye h’iyo Ngoro ari co cumba c’imbere y’Ahera cane hari hafise uburebure bw’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ine uhereye ku cumba c’Ahera cane. 18 Impome zaho zari zometseko imbaho z’amasederi zishushanijeko uturende hamwe n’udushurwe dusambuye. Ahantu hose hari hapfutswe n’imbaho, nta buye ryaboneka.

19 Salomo ategura icumba c’imbere mu Ngoro aho gutereka Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho. 20 Ico cumba carangana impande zose: cari gifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’uburebure bw’amakika, ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’ubwaguke, n’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’uburebure bw’amaduga. Acomekamwo inzahabu ihinguwe neza, igicaniro na co acomekako imbaho z’amasederi. 21 Ahasigaye hose ho muri iyo ngoro ahomekako inzahabu ihinguwe neza, atambika n’iminyororo y’inzahabu ku bwinjiriro bw’Ahera cane. 22 Nuko imbere mu Ngoro hose ahomeka inzahabu, ayomeka no ku gicaniro c’Ahera cane.

23 Mu cumba co haruguru ashirayo abakerubi babiri babajwe mu giti c’umwelayo. Umwe wese yari afise ingero z’igice c’ukuboko icumi z’uburebure bw’amaduga. 24 Ibaba rimwerimwe ry’umukerubi ryari rifise ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’amakika; kuva kw’isunwa rimwe ry’ibaba ugashika ku ry’irindi hari ingero z’igice c’ukuboko icumi. 25 Umukerubi wa kabiri na we nyene yari afise ingero z’igice c’ukuboko icumi. Abo bakerubi barangana kandi bagasa hose. 26 Uburebure bw’amaduga bwabo bwari ingero z’igice c’ukuboko icumi. 27 Ashira abo bakerubi Ahera Cane, amababa yabo aramvuye, iry’umwe rikora ku ruhome rumwe rw’ico cumba, irindi rikora ku rundi, ayandi na yo agahurira hagati na hagati y’ico cumba. 28 Abo bakerubi na bo nyene abomekako inzahabu.

29 Ku mpome zose, iz’icumba c’imbere n’iz’icumba c’amaja hanze ahakorogoshoramwo udushushanyo tw’abakerubi, ibigazi n’amashurwe asambuye. 30 Hasi muri ivyo vyumba bibiri na ho nyene ahomeka inzahabu.

31 Mu bwinjiriro buja mu cumba c’imbere yahashize imiryango ibajwe mu biti vy’imyelayo vyo mw’ishamba kandi ibishimaryango n’umwaro wavyo mu bwaguke vyangana n’ica gatanu c’uruhome rwose. 32 Kuri izo mbaho zibiri z’imyelayo akorogoshoramwo uduhushanyo tw’abakerubi, ibigazi n’amashurwe asambuye, abo bakerubi n’ibigazi aca avyomekako inzahabu. 33 Yongera akora n’umuryango mu mbaho z’imyelayo wo kwugara ku bwinjiriro bw’Ingoro. 34 Akora n’inzugi zibiri mu bujwari, zihurira hagati, rumwe barwuguruye rukaja i bubamfu urundi rukaja i buryo. 35 Aca akorogoshora kuri izo nzugi udushushanyo tw’abakerubi, ibigazi hamwe n’amashurwe asambuye, yongera azomekako inzahabu.

36 Urugo rw’iyo nyubakwa rwari rwubatswe n’imirongo itatu y’amabuye maninimanini, hamwe n’umurongo umwe w’ibiti vy’amasederi bibajwe.

37 Umushinge w’Ingoro y’Uhoraho wubatswe mu mwaka ugira kane, mu kwezi kwa Zivu. 38 Mu mwaka ugira cumi na kabiri, mu kwezi kwawo kwa Buli ari kwo kw’umunani, iyo Ngoro yari ihejeje kwubakwa neza, isozerewe nk’uko vyari vyarategekanijwe. Yubatswe mu myaka indwi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-