Publicidade

1 Reis 5

Integuro zo kwubaka Ingoro

1 Hiramu umwami w’i Tiro yumvise ko Salomo yimitswe ngo asubirire se Dawidi, amurungikira intumwa zo kumukeza, kuko yamye akundana na Dawidi. 2 Salomo na we arungikira ubutumwa Hiramu, buvuga buti:

3 "Urazi ko kubera intambara data Dawidi yamye agwana hirya no hino, atigeze ashobora kwubakira Ingoro izina ry’Uhoraho Imana yiwe, gushika Uhoraho ashize abansi biwe musi y’ibirenge vyiwe. 4 Ariko ubu Uhoraho Imana yanje yampaye kuruhuka intambara ku mpande zose, nta mwansi nsigaranye, canke icago na kimwe. 5 None rero nagomba kwubakira Ingoro Izina ry’Uhoraho Imana yanje, nk’uko Uhoraho yabibwiye data Dawidi aho yavuga ati: ‘Umuhungu wawe nzogusubiriza ku ngoma ni we azokwubakira Ingoro izina ryanje.’

6 Nagomba rero ko wotanga itegeko kugira ngo bancire amasederi y’i Libani. Abantu bawe bazokorane n’abanje, kandi abantu bawe nzobahemba impembo yose wombwira. Urazi ko ata bandi bantu na bamwe bafise ubuhinga bwo kubaza ibiti nk’ubw’Abanyesidoni."

7 Hiramu aronse ubutumwa bwa Salomo, aranezerwa cane avuga ati: "Uhoraho nashimwe kuko uwu musi yahaye Dawidi umuhungu w’ubwenge ngo abe umwami w’ihanga rikomeye rya Isirayeli."

8 Hiramu yishura Salomo ati:

"Ubutumwa bwawe bwanshikiriye, kandi nzokora ivyo unsavye vyose, ndaguhe amasederi n’ubujwari ukeneye. 9 Abakozi banje bazobikura mu mitumba ya Libani babishikane ku kiyaga Mediterane, babitekere hamwe mu migwi, bimanuke vyoga gushika ku kibanza uzogena, hanyuma babitekurure kugira ngo ushobore kuvyikorera ubitware. Nawe uzoheza unyishure mu kumpa imfungurwa z’abantu bo ku kirimba canje."

10 Nuko Hiramu aha Salomo ibiti vy’amasederi n’ubujwari yari akeneye vyose. 11 Salomo na we aca arungikira Hiramu ingero koru ibihumbi mirongo ibiri z’ingano zo gutunga abo mu rugo rwiwe, n’ingero batu ibihumbi mirongo ibiri z’amavuta meza cane ya Elayo. Uko ni ko Salomo yama abikorera Hiramu ku mwaka ku mwaka. 12 Uhoraho aha ubwenge Salomo, nk’uko yari yarabimusezeraniye. Hiramu na Salomo bagiriranira imigenderanire myiza, bagiranira n’amasezerano y’amahoro.

13 Umwami Salomo aca arondera abakozi ibihumbi mirongo itatu mu basanzwe baca ingero mu Bisirayeli. 14 Nuko arabarungika i Libani, bagenda barakuranwa ari ibihumbi cumicumi ku kwezi kugira ngo umuntu amare ukwezi kumwe i Libani, ayandi abiri na yo ayamare i muhira. Adoniramu ni we yari ajejwe abo bakozi. 15 Salomo yari afise abakozi ibihumbi mirongo indwi b’abikorezi, hamwe n’abandi ibihumbi mirongo umunani babaza amabuye ku misozi, 16 hamwe n’abandi ibihumbi bitatu n’amajana atatu bakoresha abandi, bagacungera ingene ibikorwa biriko biragenda. 17 Nuko Umwami ategeka ko bimba amabuye maninimanini ameze neza, ngo bayabaze kugira ngo abe umushinge bazodugirizako mu kwubaka iyo Ngoro. 18 Abahinga b’abubatsi ba Salomo n’aba Hiramu bategura imbaho n’amabuye yo kwubaka Ingoro, bafadikanije n’abo mu gisagara ca Gebali.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-