Publicidade

1 Reis 17

Eliya avugishwa ivy’uruzuba

1 Hariho umugabo w’i Tishubi i Gileyadi yitwa Eliya, umusi umwe araza abwira Ahabu ati: "Ndakurahiye Uhoraho Imana nzima, Imana ya Isirayeli nkorera, ko ata rume ruzosubira gukoroka canke imvura ngo isubire kugwa muri iyi myaka, kiretse ari jewe ndabivuze."

Eliya agaburirwa n’ibikona

2 Maze Ijambo ry’Uhoraho ribwira Eliya, 3 riti: "Va ngaha ufate inzira ija mu buseruko, winyegeze hafi y’akuzi Keriti hakurya ya Yorodani. 4 Uzonywa amazi y’ako kuzi, kandi nategetse ibikona ngo bize bikugaburirireyo."

5 Nuko aragenda abikora nk’uko ijambo ry’Uhoraho ryabimubwiye. Aja hafi y’ako kuzi Keriti, hakurya ya Yorodani, agumayo. 6 Ibikona bikama bimuzanira imikate n’inyama mu gatondo no ku mugoroba, akanywa amazi y’ako kuzi.

Ivya Eliya n’umupfakazi w’i Zarefati

7 Haciye igihe ka kuzi karakama, kuko ata mvura yari ikigwa muri ico gihugu. 8 Ijambo ry’Uhoraho ribwira Eliya riti: 9 "Haguruka ugende i Zarefati igisagara co mu ntara ya Sidoni ugumeyo. Nategetse umupfakazi waho kuzokwama akugaburira." 10 Nuko arahaguruka aja i Zarefati. Ashitse kw’irembo ry’igisagara, aca abona umupfakazi yariko arasenya inkwi. Aramuhamagara, amubwira ati: "Ndagusavye umpe utuzi two kunywa mu gikombe." 11 Wa mupfakazi agiye, Eliya asubira kumuhamagara, amubwira ati: "Unzanire n’agakate, uzoba ukoze."

12 Na we aramwishura ati: "Ndakurahiye ukubaho kw’Uhoraho Imana yawe, nta mukate ngira. Aha mfise agafu gakeya gasigaye mu gaseke, n’utuvuta dukeya mu gikombe. Aha rero ndiko ndegeranya udukwi kugira ngo ducumbe twe n’umuhungu wanje, turye ubwa nyuma, hanyuma dupfe."

13 Eliya aramubwira ati: "Ntutinye. Genda i muhira ukore uko ubivuze. Ariko ubanze unkorere agakate gatoya kuri ivyo ufise hanyuma ukanzanire, maze uheze urondere ivya mwe n’umuhungu wawe. 14 Kuko uku ari ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Agaseke kawe ntikazoburamwo ifu, n’igikombe cawe ntikizoburamwo amavuta, gushika aho Uhoraho azorungikira imvura muri iki gihugu.’ "

15 Nuko aragenda abikora nk’uko Eliya yabimubwiye. Eliya n’uwo muryango bagumye bafise ivyo barya ico gihe cose. 16 Amavuta ntiyigeze ahera muri ca gikombe, n’ifu ntiyigeze ihera muri ka gaseke, nk’uko ijambo ry’Uhoraho ryari ryabivuze riciye kuri Eliya.

17 Haciye igihe, umuhugu w’uwo mupfakazi aragwara. Ingwara yiwe ikomeza kwongerekana, gushika aho apfa. 18 Uwo mugore abarira Eliya ati: "Twapfuye iki ga muntu w’Imana? Waje kumpanira ivyaha vyanje mu kunyicira umwana?"

19 Eliya amwishura ati: "Nzanira uwo mwana wawe." Aca aramwakira mu maboko yiwe, amudugana mu cumba co hejuru yabamwo, amuryamika ku buriri bwiwe. 20 Maze atakambira Uhoraho ati: "Uhoraho Mana yanje, ni iki gitumye utera amarushwa uwu mupfakazi yampaye indaro, mu kwica umuhungu wiwe?" 21 Nuko amwubararako incuro zitatu, yongera atakambira Uhoraho avuga ati: "Uhoraho Mana yanje, ndakwinginze subiza ubuzima uwu mwana!"

22 Uhoraho yumva ugutakamba kwa Eliya, uwo mwana arahembuka, asubira kuba muzima. 23 Eliya aca aramuterura, amukura muri ico cumba, amusubiza nyina wiwe avuga ati: "Ehe raba, umuhungu wawe ni muzima!"

24 Wa mugore aca abarira Eliya ati: "Noneho rero menye ko uri umuntu w’Imana, kandi ko ijambo ry’Uhoraho rica mu kanwa kawe ari iry’ukuri."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-